bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 16
Proverbs 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 17 →
1
Inama umutima wigeneye n’iy’ umuntu, Arikw ivyo ururimi rwishura biva k’Uhoraho.
2
Ingendo zose z’umuntu ziba izitunganye mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imishaha ku munzane.
3
Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, Ni ho imigabo yawe izokomera.
4
Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora, Mbere n’abanyakibi na bo yabashizeho ngo babone umusi mubi.
5
Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho; Vy’ukuri akazobura guhanwa!
6
Ibigabitanyo bikūrwaho n’ imbabazi n’ukuri, Kand’ abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho.
7
Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.
8
Ibike birimw’ ubugororotsi Biruta inyungu nyinshi zirimwo kugabitanya.
9
Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe, Arik’ Uhoraho ni we atumbereza ibirenge vyiwe.
10
Amajambo y’ubumenyi ari mu minwa y’umwami, Akanwa kiwe nta ho kagoramika imanza.
11
Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’ Uhoraho, Amabuye yose agera yo mw isaho n’igikorwa ciwe.
12
N’ikizira ku bami gukora ikibi, Kukw ingoma ikomezwa n’ ubugororotsi.
13
Abami bahimbarwa n’iminwa y’ubugororotsi, Kandi bakunda ūvuga ibiroranye.
14
Uburake bg’umwami ni nk’ intumwa zo kugeseza, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arabuhwamika.
15
Mu nyonga h’umwami iyo hakeye haba ubugingo, Kandi gutonesha kwiwe ni nk’igicu kigwa imvura y’ agatāsi.
16
Ewe kuronka ubgenge ukuntu kuruta kuronka izahabu! Mbere guca ubgenge n’ico guhitamwo kuruta ifeza.
17
Inzira y’igihamo y’abagororotsi n’ukwitandukanya n’ikibi; Uwirinda mu nzira yiwe akiza ubugingo bgiwe.
18
Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.
19
Kugira umutima wicishije bugufi ugafatanya n’abagorwa Biruta kugabangana iminyago ufatanije n’abibone.
20
Ūshira umutima kw ijambo azobona ivyiza, Kand’ uwizigira Uhoraho aba ahiriwe.
21
Uw’ ubgenge mu mutima azokwitwa umukerebutsi, Kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura ubgenge.
22
Ugutahura n’isōko y’ubugingo k’ūgufise, Kand’ igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo.
23
Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, Ukungura ubgenge bg’iminwa yiwe.
24
Amajambo aryoshe ni nk’ umutsāma w’ikigigu, Asōsera umutima, anonora amagufa.
25
Harih’ inzira umuntu yibgira kw ari nziza, Arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.
26
Inda y’ūkora ni yo imukoresha, Kukw akanwa kiwe kamusaba.
27
Umuntu w’umugarariji yimba ivyago, Kandi mu minwa yiwe harimw’ umuriro w’inkazi.
28
Umuntu w’ikigoryi yandurutsa intonganya, Kand’ ūneguranira mu vyongorerano atandukanya abakundana cane.
29
Umuntu w’ikirara yosha mugenzi we, Amujana mu nzira itari nziza.
30
Ūteranya amaso ngo yigerere ibigoramye, Agafumbanya iminwa, ni we ashitsa ibibi.
31
Imvi ku mutwe n’igitsibo c’ icubahiro, Kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.
32
Ūteba kuraka aruta umunyenkomezi, Kand’ ūganza umutima wiwe aruta ūnesheje igisagara.
33
Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, Arik’ uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 17 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31