bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 22
Proverbs 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 23 →
1
Kuvugwa neza kuruta kugira ubutunzi bginshi, Kandi kuba rurangwa kuruta kugira ifeza n’izahabu.
2
Umutunzi n’umworo barahūra: Uhoraho ni we yabaremye bompi.
3
Umunyamakenga iy’ abonye ikibi kije, arīkinga, Arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.
4
Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho Ni zo butunzi n’icubahiro n’ubugingo.
5
Amahwa n’imitego biri mu nzira y’ikigoryi, Arik’ ūrinda ubugingo bgiwe azobica kure.
6
Toza umwana indero akwiye kwamana, Azorinda asāza atarayivamwo.
7
Umutunzi atwaza aboro amanyama, Kand’ uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.
8
Ūbivye ukugabitanya yimbura ivyago, Kand’ inkoni y’uburake bgiwe izovunika.
9
Ūrābana ijisho ry’irinyabuntu azohabga umugisha, Kukw aha umugorwa ku vyo kurya vyiwe.
10
Sohora umucokoranyi, imitongano na yo irasohoka, Mber’ ugurtyozanya n’agatētereza bica bishira.
11
Ūkunda umutima utanduye, Akagira ubuntu mu minwa yiwe, azoba umutoni w’ umwami.
12
Inyonga z’Uhoraho zizigama ūfise ubgenge, Arikw amagambo y’igihemu arayatītūra.
13
Umunyabute aravuga, ati Hanze har’ intambge: Nogwa mu nzira.
14
Akanwa k’abagore b’ivyigenze n’urusumanyenzi rurerure: Kand’ uwo Uhoraho yazinutswe azorugwamwo.
15
Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, Arikw inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe.
16
Ūnyikiza umugorwa aba amugwirije, Kand’ ūgabira umutunzi, aba amukehereje.
17
Tega ugutwi, wumvire amajambo y’abanyabgenge, Kand’ ushire umutima ku kumenya kwanje.
18
N’ic’ umunezero ni wayabīka muri wewe, Agahora rwose mu kanwa kawe.
19
Ndayakumenyesheje uyu musi, wewe ubgawe, Kugira ngw ivyizigiro vyawe bibe k’Uhoraho.
20
Mbega sinakwandikiye ivyiza Vyo kukugīra inama n’ivyo kumenya ubgenge,
21
Nkakumenyesha neza amajambo y’ukuri, Kugira ng’usubirane inyuma amajambo y’ukuri ku bāgutumye?
22
Ntugasahure umugorwa kubg’ ubugorwa bgiwe, Kandi ntukanyikirize umurushwa mw ikombe.
23
Kuk’ Uhoraho azobabūranira, Abābanyaze azobanyaga ubugingo.
24
Ntugacudike n’ikirandamuke, Ntukagendane n’ikigārūke:
25
Woye gutora inzira ziwe, Ugatega ubugingo bgawe umutego.
26
Ntukabe mu gitigiri c’abishira mu ndahiro, Canke mu c’abigira ishinga y’imyenda:
27
Mbega ntuzi yuko ni wabura ico wishura Bazogutwara n’akariri uryamako?
28
Ntugashingūre akarimbi k’ urubibe rwa kera, Ba sogokuruza bashinze.
29
Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vyo akora, Ben’ uyo azokorera abami, Ntazokorera ba nyarucari.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31