bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 18
Proverbs 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 19 →
1
Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa, Kand’ arwanya inama nziza zose.
2
Igipfu ntigihimbarwa n’ubgenge, Ariko gihimbarwa no kwiyerekana uko kimeze mu mutima.
3
Umunyakibi iy’ aje, ukugayana kuba kuje, Kand’ agatētereza kazanana n’ ibitutsi.
4
Amajambo yo mu kanwa k’ umuntu ni nk’amazi y’ibenga, Isōko y’ubgenge ni nk’akūzi gasūma.
5
Mu manza si vyiza gutinya umunyakibi ku kigohe, Canke gutsindisha umugororotsi.
6
Iminwa y’igipfu ija mu bihāri, Kand’ akanwa kaco kagihamagarira inkoni.
7
Akanwa k’igipfu ni kwo kuranduka kwaco, Kand’ iminwa yaco ni yo mutego w’ubugingo bgaco.
8
Amagambo y’ūneguranira mu vyongorerano ni nk’ivyo kurya biryoshe, Bimanuka bija epfo mu nda.
9
Kand’ ūdeha mu gikorwa ciwe Aba ar’ incuti y’ūtikiza.
10
Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.
11
Itunga ry’umutunzi kuri we n’igisagara gikomeye, Uko yiyumvira ni nk’uruzitiro rugera hejuru.
12
Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.
13
Ūwishura atarumva Bimubera ubupfu n’agatētereza.
14
Umutima w’umuntu umushigikira mu magara make, Arik’ umutima wihebuye ni nde yoshobora kuwuremesha?
15
Umutima w’umukerebutsi uronka ubgenge, N’ugutwi kw’abanyabgenge na kwo ni co kurondera.
16
Ishikanwa ry’umuntu rimuronkera akayira, Rimushitsa imbere y’abahambaye.
17
Ūbanza kwitwara, umengo ni we afise urubanza, Arik’ uwo babūrana yaza akamwararaza.
18
Ubupfindo bumara ibihāri, Kandi butātūra abakomeye.
19
Uwo muvukana iy’ umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, Kand’ ibitāti ben’ ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome.
20
Inda y’umuntu ihāzwa n’ibivuye mu kanwa kiwe, Kand’ azohāga ukugwira kwo mu minwa yiwe.
21
Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi, Kand’ abarukunda bazorya ivyo rwamye.
22
Ūronse umugore aba aronse ikintu ciza, Kand’ aba aronse ingabire k’ Uhoraho.
23
Umworo akoma ibōbo, Arik’ umutunzi we yishurana ubugabo.
24
Ūcuditse na benshi aba yizaniye guhenebera, Ariko har’ umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31