bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 3
Proverbs 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 4 →
1
Mwana wanje, ntuze wibagire ukwigisha kwanje, Arik’ umutima wawe witondere amabgirizwa yanje:
2
Kuko bizokwongerakw imisi myinshi, N’imyaka yo kuramvya ubugingo, n’amahoro.
3
Ubuntu n’ukuri ntibikuveko, Ubipfundike mw izosi ryawe, uvyandike ku gisate, ni co mutima wawe:
4
Ni ho uzobona gushimwa, bo n’ubgenge bushitse, Mu maso y’Imana n’abantu.
5
Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, Kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe:
6
Umumenye mu ngendo zawe zose, Na we azogorora inzira zawe.
7
Ntukiyite umunyabgenge wewe ubgawe; Utinye Uhoraho, uve mu bibi:
8
Ivyo bizogutera kunonoka mu mubiri, No kugira umusokōro mu magufa yawe.
9
Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe, Bo n’umushuzo w’ivyeze vyawe vyose.
10
Ni ho ibigega vyawe bizokwuzura vyongerekane, Kandi n’amato yawe azosēsekara imitobe.
11
Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi nturambirwe n’uguhana kwiwe:
12
Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we ahana, Nk’uko se w’umwana nyene ahana umwana wiwe anezererwa.
13
Hahirwa umuntu yironkera ubgenge, N’umuntu aronse ugutahura.
14
Kukw inyungu zabgo ziruta iz’ ifeza, Kand’ ivyo bgunguka biruta izahabu zitarimw’ inkamba.
15
Burusha igiciro utubuyenge twitwa marijani: Kandi mu bihimbara vyose nta kintu gihwanye na bgo.
16
Ukuramba kuri mu kuboko kwabgo kw’i buryo, Mu kubamfu kwabgo harimw’ ubutunzi n’icubahiro.
17
Amayira yabgo n’amayira y’ igikundiro, Kand’ inzira zabgo zose n’iz’ amahoro.
18
Bubera igiti c’ubugingo ababucakira: Hahirwa umuntu wese abgumirako.
19
Uhoraho yashirishijeho isi ubgenge; Ugutahura ni kwo yagumishije ijuru.
20
Ukumenya kwiwe ni kwo kwatumye amasōko y’i kuzimu atoboka, N’ibipfungu bigatonyanga ikime.
21
Mwana wanje, ivyo ntibikave imbere y’amaso yawe: Ugumye ubgenge buroranye n’amakenga;
22
Ni ho bizobera umutima wawe ubugingo, N’izosi ryawe ugushaza.
23
Ni ho uzogenda mu nzira yawe ata nkomanzi, Kandi ntuzotsitara ikirenge cawe.
24
Ni waryama ntuzogira ubgoba, Mber’ uzoryama, ugire itiro riryoshe.
25
Ntuzotinya ubgoba bga giturumbuka, Cank’ ukuzingazingwa kw’ abanyavyaha ni kwashika:
26
Kuk’ Uhoraho azokubera ivyizigiro, Kand’ azorinda ikirenge cawe ngo ntigifatwe.
27
Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, Ugifise uburyo bgo kubikora.
28
Ntukabgire mugenzawe, uti Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha; Kand’ ubifise ngaho.
29
Ntukīgīre imigabo yo kugirira nabi mugenzawe, Kand’ abana nawe amahoro.
30
Ntukarwane n’umuntu ata nyanduruko, Iy’ ata kibi yakugiriye.
31
Ntukagirire ishari umuntu w’ikirara, Ntugatore inzira yiwe n’imwe.
32
Kukw ikidambidambi n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abagororotsi bo, asangiye ibanga na bo.
33
Umuvumo w’Uhoraho uri mu nzu y’abanyavyaha, Arikw ahezagira ingo z’abagororotsi.
34
N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.
35
Abanyabgenge bazoragwa icubahiro, Arikw isoni ni zo zizoba umugabane w’ibipfu.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31