bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 25
Proverbs 25
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 26 →
1
N’iyi nyene n’imigani ya Salomo, iyo abantu ba Hezekiya umwami w’i Buyuda batoranije.
2
Imana guhisha ikintu, n’ icubahiro cayo, Arikw abami bo, guserangura ikintu, ni co cubahiro cabo.
3
Nk’ukw ijuru rigera hejuru cane, n’i bgina hakagera kure, Uko ni k’umutima w’abami udaserangurika.
4
Kūra inkamba mw ifeza, Ni ho hazovamw’ urwavya rutunganye.
5
Kūra abanyakibi imbere y’ umwami, Ni ho ingoma yiwe izohangama mu bugororotsi.
6
Ntiwikakishe mu nyonga z’ umwami, Kandi ntukirobeke mu bahambaye:
7
Ivyoba vyiza n’uko bokubarira, bat’ Igira hino imbere, Hako bagusubiza inyuma imbere y’ūganza, Uwo amaso yawe yiboneye.
8
Ntukihutire kubūrana, Uburuhiro ntuz’ usange waguye mu rudubi, Mugenzawe amaze kukumāramāza.
9
Wītātūre na mugenzawe ubgiwe, Kandi ntumenere ibanga uwundi,
10
Ūvyumvise akagutuka, Ukaba wambaye ibara ritakuvako.
11
Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye Ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.
12
Ukw impeta y’izahabu imeze, bo n’utugenegene two kwambarwa tw’izahabu nziza, Ni k’umunyabgenge azi guhanura amerera ugutwi kwumva.
13
Nk’ukw imbeho ya shelegi imera mu gihe c’iyimbura, Ni ko n’intumwa yizigirwa imerera abayitumye, Kukw ihēmbūra umutima wa ba shebuja.
14
Nk’ukw ibicu n’umuyaga bitarimw’ imvura bimeze, Ni k’umuntu ameze yishemagiza ngw aratanga kand’ ar’ ukubesha.
15
Gushishikara wiyoroheje vyemeza umucamanza, Kand’ ururimi rwiyoroheje rujanjagura igufa.
16
Ni warenguka ku būki, urye ubukumaze akaruru, Woye kubguzuza inda, bukakudaha.
17
Ikirenge cawe ntigihore mu nzu kwa mugenzawe, Kugira ngo ntahave akurambirwa, akakwanka.
18
Umuntu yāgiriza mugenzi we ibinyoma Ni nk’ubuhiri n’inkota n’ umwampi ukarishe.
19
Kwizigira umuntu w’igihemu mu gihe c’amagorwa, Ni nk’iryinyo ricitse, n’ukuguru gukōndōtse.
20
Kuvugiriza impundu umuntu atuntuye mu mutima Ni nk’umuntu kwiyambura impuzu mu gihe c’imbeho, n’inkarisha isutswe ku munyu witwa amagadi.
21
Umwansi wawe ni yasonza umugaburire, Ni yagira inyota umuhe amazi yo kunywa:
22
Kuk’ uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe, Kand’ Uhoraho azoguhēra.
23
Umuyaga uva i burārūko uzana imvura; Ni ko n’ururimi rurementanya ruzana kwiraburanirwa mu maso.
24
Wopfuma wībēra hanze, Hak’ ubana n’umugore w’ ingāre mu nzu.
25
Nk’ukw amazi apfutse amerera umutima ufise icākāka, Ni ko n’inkuru nziza zimera, zivuye mu gihugu ca kure.
26
Umuntu agororotse agapfa kwemerana ivy’ umunyakibi Ameze nk’isōko itobetse, n’ imbizi y’iyōndoyōndo.
27
Si vyiza kurya ubūki bginshi cane: Kandi kwironderera icubahiro s’icubahiro.
28
Umuntu atītāngīra mu mutima Ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 26 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31