bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 27
Proverbs 27
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 28 →
1
Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.
2
Wopfuma ushimwa n’uwundi, hak’ ushimwa n’akanwa kawe; Wopfuma ushimwa n’akavantara, hak’ ushimwa n’ iminwa yawe.
3
Ibuye rirarivye, umusenyi uraremereye, Arik’ umwikomo w’igipfu urusha vyompi uburemerezi.
4
Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?
5
Guhanira ahibonekeza Kuruta urukundo rudaseruka.
6
Gukubitwa n’umukunzi biba bitewe n’ukuri, Arik’ ugusomagura kw’umwansi buba ar’ uburyarya.
7
Umutima uhimvye winenaguza ikigigu c’ubūki, Arik’ umutima ushonje ibirura vyose birawuryohera.
8
Nk’ukw inyoni itaye icāri iyerēra, N’umuntu ni kw ameze, iy’ ataye urugo rwiwe akayerēra.
9
Ukw amavuta atāmirana n’ ibimota neza binezereza umutima, Ni ko n’uburyohe bg’umukunzi w’umuntu bumeze, buvuye mu nama zo mu mutima.
10
Ntugahebe umukunzi wawe ubgawe, n’umukunzi wa so, Kandi ntuje kwa mwene wanyu ku musi uboneyekw amagorwa: Umubanyi wo hafi aruta mwene wanyu ari kure.
11
Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, Kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.
12
Umunyamakenga iy’ abonye ikibi kije, arikinga, Arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.
13
Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi, Wake ingwati uwishinze umugore w’icigenze.
14
Ūzinduka kare agahezagira mugenzi we n’ijwi rirenga, Abiharūrwako nko kumuvuma.
15
Amatonyanga adahengeshanya yo ku musi w’imvura nyinshi, N’umugore atongana, vyompi ni kimwe.
16
Kumutesha ni nko gutesha umuyaga, Kand’ ukuboko kwiwe kw’i buryo kuba gufashe umunyererwe.
17
Ukw icuma gikarisha ikindi, Ni k’umuntu akarisha mugenzi we.
18
Ūbungabunga umusukoni wiwe azorya insukoni zawo, Kand’ ūkorera shebuja neza azohabga icubahiro.
19
Nk’ukw amaso arābana n’ ayandi mu mazi, Ni k’umutima w’umuntu urābana n’uwundi mu muntu.
20
I kuzimu n’amahonero nta ho bihāga, N’amaso y’abantu nta ho ahāga.
21
Inkono yo mu ruganda iteka ifeza, n’umuriro uvugutira izahabu, Umuntu na we agezwa no gushimwa.
22
Igipfu naho wogisekurana n’ impeke mw isekuro, ugisekuje umuhini, Ubupfu bgaco ntibgokivako.
23
Gira umwete wo kumenya imikuku yawe ukw imeze, No kurāba cane amasho yawe,
24
Kukw itunga ridahoraho, Canke mbeg’ ingoma ihorah’ ibihe vyose?
25
Ubgatsi butemwe burakūrwaho, ubundi bukamera, Ivyatsi vyo ku misozi bikegeranywa.
26
Imyagazi y’intama izokwambika, Kand’ amasuguru azovamw’ ivyo kugura itongo;
27
Amata y’impene azoguhāzanya n’abo mu rugo rwawe, Kand’ azogutungira abigeme bagukorera.
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 28 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31