bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 29
Proverbs 29
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 30 →
1
Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.
2
Iy’ abagororotsi bagwiriye, abantu baranezerwa, Arikw iy’ umunyakibi aganza, abantu baraniha.
3
Ūkunda ubgenge anezereza se, Arik’ uwifatanya na ba maraya yaya ivyiwe.
4
Umwami akomeresha igihugu imanza ziroranye, Arik’ ūhongerwa aracūbika.
5
Umuntu abgira mugenzi we amagambo y’agahemano Aba amuteze ururiba mu nzira.
6
Igicumuro c’umunyakibi kimubera umutego, Arik’ umugororotsi araririmba akanezerwa.
7
Umugororotsi ababara urubanza rw’abafafara, Arik’ umunyakibi ararwiyobagiza.
8
Abacokoranyi badomeka igisagara umugararizo, Arikw abanyabgenge bahwamika uburake.
9
Umunyabgenge iy’ahāririye n’ igipfu, Kiraraka kikītwengera, amahoro akabura.
10
Abicanyi banka ūtunganye, Arikw abagororotsi barondera ingene bomukiza.
11
Igipfu gihogomboka ivy’ uburake bgaco bgose, Arik’ umunyabgenge we, iyo buje arabutsindagira, akabuhwamika.
12
Ūganza, iyo yumvira ibinyoma Abasavyi biwe bose baba ar’ abanyavyaha.
13
Umworo n’ūhahaza barahūra: Uhoraho ni we yahaye amaso ya bompi kubona.
14
Ingoma y’umwami acira abafafara imanza z’ukuri Izokomezwa gushitsa ibihe bidashira.
15
Inkoni n’indero nziza bicisha ubgenge, Arik’ umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina.
16
Abanyakibi iyo bagwiriye ibicumuro biragwira: Arikw abagororotsi bazokwitegereza uguhenebera kwabo.
17
Hana umwana wawe, azokuruhura, Mber’ azonezereza umutima wawe.
18
Iyo hatar’ uguhishurirwa, abantu bīgira uko bagomba, Arik’ uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe.
19
Icohasha umushumba s’amajambo masa: Kuko nah’ ayumva ntabibabara.
20
Ni wabona umuntu apfa kuvuga irisunitswe n’ impwemu, Umenye kw igipfu copfanirwa ikizigizigi kuruta uyo.
21
Ūreze umushumba akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, Uburuhiro n’ukuzohava yīgira umwana wiwe.
22
Umuntu ashungumirwa avyura imitongano, Kand’ umuntu w’inkazi agira ibicumuro vyinshi.
23
Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.
24
Uwifatanya n’igisuma aba yanse ubugingo bgiwe, Iy’ abonye bamurahiza, yanka kumena ibanga.
25
Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.
26
Benshi barondera kwitonesha k’ūganza, Arik’ ukuroranirwa kw’umuntu kuva k’Uhoraho.
27
Ūdambikanya n’igisesema ku bagororotsi, Kand’ ūgenda atunganye n’ igisesema ku banyakibi.
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 30 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31