bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 30
Proverbs 30
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 31 →
1
Amajambo ya Aguri mwene Yake, y’ivyo yavugishijwe. Umuntu yabariye Itiyeli, Itiyeli bo na Ukali,
2
Ati N’ukuri nd’ ikiyingiyingi kurusha umuntu wese, Sinkerebutse nk’umuntu,
3
Kandi sinize ubgenge, No kumenya Uwera singufise.
4
Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?
5
Ijambo ryose ry’Imana riravugutiwe: Ni yo nkinzo y’abayizigira.
6
Ntukūngurire ku majambo yayo, Kugira ngo ntiz’ iguhane, ugahinyuka k’ur’ umubeshi.
7
Ngusavye ibintu bibiri ntarahwera, Ntubinyime:
8
Unshire kure y’ibitagira ikimazi, bo n’ibinyoma; Ntumpe ubgoro, ntumpe n’ ubutunzi; Ungaburire ivyo kurya dukwiranye:
9
Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.
10
Ntukarementanirize umushumba kuri shebuja, Kugira ngo ntagende arakuvuma, maz’ ukaba wiyambitse ibara.
11
Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.
12
Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.
13
Har’ urunganwe rw’abantu, emwe ingen’ amaso yabo bayashira hejuru! N’ibigohe vyabo bikagira ubgibone!
14
Har’ urunganwe rw’abantu, amenyo yabo ni nk’inkota, n’ibijigo vyabo ni nk’imbugita, Ngo batsontsomere impahazwa bazimare mw isi, n’ aboro babamare mu bantu.
15
Umuyoka ufise abakobga babiri, basemerera bati Mpa, mpa. Har’ ibintu bitatu bitīgera bihāga, Mbere ni bine ata ho bivuga, biti Geza aho,
16
Ni vyo ibi: i kuzimu, bo n’ inda itavyara, Bo n’isi idahāga amazi, N’umuriro ata ho uvuga, uti Geza aho.
17
Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.
18
Har’ ibintu bitatu vy’igitangaza bindengeye, Mbere ni bine ntomenya,
19
Ni vyo ibi: inzira y’inkukuma mu kirēre, N’inzira y’inzoka ku gitandara, N’inzira y’ubgato hagati mu kiyaga, N’inzira y’umusore ku mwigeme.
20
Uko ni kw inzira y’umusambanyikazi imeze: Ararya, akanyuza umunwa mw ivu, Akavuga, ati Nta kibi nakoze.
21
Isi ihindishwa agashitsi n’ ibintu bitatu, Mbere ni bine, ivyo idashobora kwihanganira,
22
Ni vyo ibi: umushumba iy’ abaye umwami, N’igipfu iyo gihimvye ivyo kurya,
23
N’umukobga w’icanke iy’ arongowe, N’incoreke iyo yegukiye ivya inabuja.
24
Har’ ibintu bine bito‐bito kw isi, Ariko bifise ubgenge bginshi:
25
Ibimonyo n’ubgoko budafise inkomezi, Yamara vyiziganiriza indya zavyo zo mu ci;
26
Inkezi n’ubgoko bg’ubunyantege nke, Yamara zīronderera inzu zazo mu bitandara;
27
Inzige ntizigira umwami, Yamara zigenda zose zīciye imice;
28
Umuserebanyi ugendesha amaboko yawo, Yamar’ uba mu ngoro z’abami.
29
Har’ ibintu bitatu bigenda birashogamanga, Mbere ni bine bigenda birashonyashonya,
30
Ni vyo ibi: intambge, kukw ari yo irusha ibikōko vyose inkomezi, Kandi ntivira na kimwe mu nzira;
31
N’ifarasi irikw amatandiko; n’impfizi y’impene; N’umwami, ari we rutarindwa.
32
Namba warakoze ivy’ ubupfu ukishira hejuru, Canke waragize ikibi wiyumvira, Ni wifate ku munwa.
33
Kuko gutērera amata kurēsa amavuta, No guhotora izuru kuzana amaraso, Ni ko kandi no kuvyura uburake kuzana imitongano.
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 31 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31