bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 24
Proverbs 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 25 →
1
Ntukagirire ishari abanyakibi, Kandi ntukifuze kubana na bo:
2
Kuk’ umutima wabo wiyumvira guhonnya, Kand’ iminwa yabo ikavuga ivy’ ukugira nabi.
3
Ubgenge ni bgo bgubaka urugo, Kand’ ubukerebutsi ni bgo burukomeza;
4
Guca ubgenge ni kwo kwuzuza inzu zo muri rwo Ubutunzi bgose bg’igiciro kinini kandi bg’igikundiro.
5
Umunyabgenge aba uw’ inkomezi, Mber’ umuntu aciye ubgenge yunguka ubushobozi.
6
Kuk’ uzoja mu ntambara urōngōwe n’inama y’ubgenge, Kandi mu nama ya benshi habonekamw’ agakiza.
7
Ubgenge buri hejuru, busiga igipfu: Ntigikūrak’ umunwa iyo kiri mw ikombe.
8
Uwigerera gukora ibibi Abantu bazomwita Kanyengunge.
9
Ivyiyumviro vy’igipfu n’ivyaha, Kand’ umucokoranyi n’igisesema ku bandi.
10
Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago Inkomezi zawe zizoba zari nke.
11
Urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa, N’abagenda bacitse intege bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara.
12
Ni wavuga, ut’ Erega ntitwari tubizi: Mbeg’ Ūgera imitima ku munzane ntavyiyumvira? Kand’ Ūzigama ubugingo bgawe ntabizi? Mbega ntazokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze?
13
Mwana wanje, uz’ urye ubūki, kukw ari bgiza, N’ikigigu kikuryohera mu kanwa.
14
Umenye kw ari k’ubgenge bumerera ubugingo bgawe: Asangwa warabubonye, har’ ukuziga ibizoba, Kand’ ivyo wizigiye ntibizokūrwaho.
15
Ewe munyakibi, ntukabunde ku rugo rw’umugororotsi, Ntugasangangure umuhana wiwe;
16
Kuk’ umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka, Arikw abanyakibi bazogwa mu vyago.
17
Umwansi wawe ni yagwa ntuz’ unezerwe, Umutima wawe woye guhimbarwa ni yatsitara:
18
Uhoraho yoye guhava abibona, bikaba bibi mu nyonga ziwe, Akaroresha irya uburake yamurakiye.
19
Ntugashavuzwe n’ivy’ inkozi z’ibibi, Kandi ntukagirire ishari abanyakibi:
20
Kukw ata kuziga ibizoba kw’umunyakibi; Itara ry’abanyavyaha rizozimwa.
21
Mwana wanje, utinye Uhoraho, bo n’umwami, Kandi ntukifatanye n’abagarariji:
22
Kukw ivyago no kugeseza bivuye kur’ abo bompi bizoza giturumbuka, Kandi ni nde yobimenya?
23
N’aya nyene n’amajambo y’ abanyabgenge. Mu manza si vyiza gutinya abantu ku kigohe.
24
Ūbarira umutsindwa ng’ Uratsinze, Amoko azomuvuma, amahanga azomwanka urunuka.
25
Arikw abamuhana bazogirirwa neza, Umugisha n’amahirwe bizobazako.
26
Uwishuye ibiroranye Biba bibaye nk’indamukanyo nziza.
27
Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, Uvyiroranirize mu ndimiro, Hanyuma uz’ ubone kwubaka inzu.
28
Ntukāgirize mugenzawe ata nyanduruko, Kandi ntugahendanishe iminwa yawe.
29
Ntukavuge, uti Nzomusubiriza mu nkōko; Nzokwishura uyo muntu ibihwanye n’ivyo yakoze.
30
Naciye ku ndimiro y’umunebge, No ku ruzabibu rw’umuntu atagira umutima;
31
Nasanze hose huzuyemw’ amahwa, Hose igisuru kirenze hejuru, Uruzitiro rwaho rw’amabuye rusambūtse.
32
Ndahitegereje ndiyumvira cane, Ndabirāba, biranyigisha.
33
Guca agatiro gakeya, kuba urisinziriye gatoya, Kwisegura ukuboko gatoya wiboterere:
34
Uko ni k’ubgoro bgawe buzogushikako nk’umwambuzi, N’ikigoyi kizogushikako nk’ umuntu w’umurwanyi.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31