bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Proverbs 8
Proverbs 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 9 →
1
Mbega Bgenge ntahamagaye? N’ukumenya ntigushize hejuru ijwi ryakwo?
2
Ku gatwe hejuru, i ruhande y’inzira, Mu mayirabiri, ni ho ahagaze.
3
I ruhande y’amarembo, mw ishikiro ry’igisagara, Mu bikingi vy’amarembo, ni ho asemererera cane:
4
Ati Ni mwebge mwa bagabo mpamagaye, Kand’ ijwi ryanje rihamagaye abana b’abantu.
5
Yemwe mwa mburabgenge, mumenye kwiguranura ic’ ari co, Namwe bijuju, mugire imitima itahura.
6
Mwumvirize, kuko ngira mvuge ibikomeye; Guteranura iminwa kwanje kuvamw’ ibibereye.
7
Kukw akanwa kanje kagira kavuge ivy’ ukuri, Kand’ ikibi n’umuziro ku minwa yanje.
8
Amajambo yose y’akanwa kanje n’ay’ ukugororoka, Kandi muri yo nta kigoramye cank’ ikigoretse.
9
Yose arumvikana ku muntu atahura, Kand’ aratumbereye ku bāronse ubgenge.
10
Mwākīre inyigisho zanje, si nk’ifeza, Mwākīre n’ukumenya kurusha izahabu z’indobanurwa.
11
Kuk’ ubgenge buruta utubuyenge twitwa marijani; Kandi mu bintu bihimbara vyose nta gihwanye na bgo.
12
Jewe Bgenge, amakenga nayagize inzu yanje, Nserangura ukumenya n’inama nziza.
13
Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi: Ubgibone n’amanyama n’inzira y’ikibi N’akanwa k’ibidadi, ndavyanka.
14
Inama nziza n’iyanje, bo n’ ubgenge bushitse, Ni jewe kumenya, ndi n’inkomezi.
15
Ni jewe mpa abami kuganza, N’abacamanza gushinga ibiroranye.
16
Ni jewe mpa abaganza kuganza, N’abaganwa, eka mbere n’abacamanza bose bo mw isi.
17
Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.
18
Itunga n’icubahiro bir’ i wanje; N’ubutunzi buramba, bo n’ ubugororotsi.
19
Imbuto namye zirusha izahabu ubgiza, mbere naho zoba izahabu zitarimw’ inkamba; N’ivyimburwa vyanje biruta ifeza z’indobānurwa.
20
Ngendera mu mayira y’ubugororotsi, No hagati mu nzira z’imanza ziroranye:
21
Kugira ngw abankunda ndabahe kuragwa itunga, Kandi kugira ngo nuzuze ibigega vyabo.
22
Uhoraho yaranyamanye mw itanguriro ry’inzira ziwe, Ataratangura na kimwe mu bikorwa vyiwe vya kera.
23
Nashizweh’ uhereye kera hose, uhereye mbere na mbere, Isi itararemwa.
24
I bgina hatarabaho nari naravutse; Amasōko yuzuye amazi atarabaho.
25
Imisozi miremire itarashirwaho, Bo n’udusozi, nari naravutse:
26
Itararema isi cank’ indimiro, Cank’ itanguriro ry’umukungugu wo kw isi.
27
Igihe yashirah’ ijuru ni ho nari ndi: N’igihe yarihetera hejuru y’i bgina;
28
Ijuru igihe yarigumya hejuru iyo, Igihe amasōko y’i bgina yakomera;
29
Igihe yashingira ikiyaga akarimbi, Kugira ngw amazi ntarenge icagezwe cayo; Igihe yashirah’ amatanguriro y’isi:
30
Ico gihe nari kumwe na yo, nd’ umukozi w’umuhanga: Kand’ imisi yose narayihimbara, Nama niginagura imbere yayo;
31
Niginagura mw isi yayo yāgānutse; Mpimbarwa n’abana b’abantu.
32
None rero, bana banje, ni munyumve: Kukw abitondera inzira zanje ar’ abahirwe.
33
Mwumvirize inyigisho, muce ubgenge, Kandi ntimuze muzanke.
34
Hahirwa umuntu anyumviriza, Akāma arerekeye ku myugariro yanje uko bukeye, Agategera ku bishimaryango vyanje.
35
Kuk’ ūmbona wese aba abonye ubugingo, Kand’ akazotoneshwa n’Uhoraho.
36
Arik’ ūncumuyeko, aba yankirije ubugingo bgiwe nyene: Abanyanka bose bakunda urupfu.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31