bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 10
1 Chronicles 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 11 →
1
Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.
2
Abafilisitiya bakinagiza Sauli n’abahungu biwe, bica Yonatani na Abinadabu na Milikishuwa abahungu biwe.
3
Urugamba rusugereza Sauli, abanyamiheto bamushingiriza imyampi, bamurandura umutima.
4
Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra, ngo zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.
5
Uno yamutwaza ibirwanishwa abonye ko Sauli apfuye, na we yīsuka kuri rwiwe, arapfa.
6
Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’ab’ inzu yiwe bose, bagwa hamwe.
7
Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli zari mu mwonga zibonye ko bahunze, kandi ko Sauli n’abahungu biwe bapfuye, bata ibisagara vyabo, barahunga; Abafilisitiya baraza, baravyinjira.
8
Bukeye bgaho, Abafilisitiya baje gukoba imivyimba, basanga Sauli n’abahungu biwe barambaraye ku musozi Gilibowa bapfuye.
9
Baramukoba, bajana umutwe wiwe n’ibirwanishwa vyiwe, batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya iyo kiva kikagera, ngo bakwize inkuru mu bigirwamana vyabo no mu bantu.
10
Ibirwanishwa vyiwe babishira mu rusengero rw’ibigirwamana vyabo, umutwe wiwe bawumanika mu ngoro ya Dagoni.
11
Maz’ ab’i Yabeshi‐gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sauli vyose,
12
abahizi bose barahaguruka, bakūrah’ umuvyimba wa Sauli bo n’iy’ abahungu biwe, bayijana i Yabeshi, bahamba amagufa yabo musi y’igiti c’ umweloni i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.
13
Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,
14
ntāsiguze Uhoraho; ni co catumye amwica, ingoma yiwe akayiha Dawidi mwene Isayi.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29