bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 18
1 Chronicles 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 19 →
1
Hanyuma y’ivyo Dawidi anesha Abafilisitiya, abamara igabo, atsinda i Gati n’ibisagara bihakūkira, arabibanyaga.
2
Maz’ anesha i Mowabu, Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.
3
Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri, hafi y’i Hamati, igihe Hadadezeri yaja kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.
4
Dawidi amunyaga imikogote y’intambara igihumbi, n’ingabo zigendera ku mafarasi ibihumbi ndwi, n’izigendesha amaguru ibihumbi mirongwibiri; maz’ amafarasi akwega imikogote ayacagagura ibitsi, arikw asigaza ayakwiranye n’imikogote ijana.
5
Maz’ Abasiriya b’i Damasiko baje gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abīcamw’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bibiri.
6
Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
7
Kandi Dawidi yari yaranyaze abantu ba Hadadezeri inkinzo z’izahabu bari bafise, azijana i Yerusalemu.
8
Kandi Dawidi yari yarasahuye imiringa myinshi cane mu bisagara vya Hadadezeri, ic’ i Tibuhati n’ic’ i Kuni; iyo miringa ni yo Salomo yakoresheje ca gikarabiro citwa ikiyaga, na za nkingi, n’ibindi bintu vy’imbombovu vyakozwe mu miringa nyene.
9
Bukeye Toyu umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yanesheje ingabo zose za Hadadezeri umwami w’i Zoba,
10
atuma umuhungu wiwe Yoramu ku mwami Dawidi kumuramutsa no kumushima, ko yarwanye na Hadadezeri akamunesha; kuko Hadadezeri yahora arwanya Toyu. Kandi Yoramu yar’ azanye ibintu vy’ amazahabu n’ivy’ amafeza n’ivy’ imiringa vy’uburyo bgose.
11
Na vyo nyene umwami Dawidi avyegurira Uhoraho, hamwe n’amafeza n’amazahabu, ayo yagiye asahura mu mahanga yose, mu Banyedomu no mu Banyamowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki.
12
Kandi Abishayi umwana wa Seruwiya atsinda Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani mu Kiyaya c’Umunyu.
13
Nukw akwiragiza amaboma muri Edomu, Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
14
Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.
15
Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ ivyaja biraba;
16
Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Shavusha ni we yar’ umukarani;
17
Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abajenama bakuru b’umwami.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29