bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 2
1 Chronicles 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 3 →
1
Aba ni bo bana ba Isirayeli: Reyubeni na Simeyoni na Lewi na Yuda na Isakari na Zebuloni,
2
na Dani na Yosefu na Benyamini na Nafutali na Gadi na Asheri.
3
Bene Yuda ni Eri na Onani na Shela; abo ukw ari batatu yabavyaranye na Batishuwa Umunyakananikazi. Kandi Eri, imfura ya Yuda, yakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi: Uhoraho araheza aramwica.
4
Maze Yuda avyara Peresi na Zera kuri Tamari, umukazana wiwe. Nukw abahungu ba Yuda bose na bose bāri batanu.
5
Bene Peresi ni Hesironi na Hamuli.
6
Bene Zera ni Zimuri na Etani na Hemani na Kalukoli na Dara; bose na bose bāri batanu.
7
Mwene Karumi ni Akani, yateje Abisirayeli amagorwa, igihe yacumura mu vyagizwe inyegu.
8
Mwene Etani ni Azariya.
9
Kand’ abana Hesironi yavyaye ni Yerameyeli na Ramu na Kelubayi.
10
Ramu avyara Aminadabu; Aminadabu avyara Nahashoni, umukuru wo mu muryango wa Yuda.
11
Nahashoni avyara Saluma; Saluma avyara Bowazi.
12
Bowazi avyara Obedi; Obedi avyara Isayi.
13
Isayi avyara Eliyabu, imfura yiwe, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shimeya,
14
uwa kane ni Netaneli, uwa gatanu ni Radayi,
15
uwa gatandatu ni Osemu, uw’ indwi ni Dawidi;
16
kandi bashiki babo ni Seruwiya na Abigayili. Abana ba Seruwiya ni Abishayi na Yowabu na Asaheli, ukw ari batatu.
17
Abigayili avyara Amasa, kandi se wa Amasa yari Yeteri w’Umwishimayeli.
18
Kalebu mwene Hesironi avyara abana kuri Azuba umugore wiwe, no kuri Yeriyoti; aba ni bo bana ba Azuba: Yesheri na Shobabu na Aridoni.
19
Azuba apfuye, Kalebu yābīra Efurata, bavyarana Huri.
20
Huri avyara Uri, Uri avyara Besaleli.
21
Hanyuma Hesironi yābīra umukobga wa Makiri se wa Gileyadi, kandi Hesironi yar’ amaze imyaka mirongwitandatu igihe yamurongora; bavyarana Segubu.
22
Segubu avyara Yayiri; Yayiri ni we yaganza ibisagara mirongwibiri na bitatu mu ntāra y’i Gileyadi.
23
Hanyuma Geshuri na Aramu banyaga aba Yayiri ivyo bisagara, bo n’i Kenati n’udusagara tuhakūkira, vyose na vyose vyar’ ibisagara mirongwitandatu. Abo bose ni bo bandurutse kuri Makiri se wa Gileyadi.
24
Bukeye Hesironi amaze gupfa, aguye i Kalebu‐efurata, umugore wiwe Abiya inda yasigaranye ayivyaramwo Ashuri se wa Tekowa.
25
Bene Yerameyeli imfura ya Hesironi n’aba: uw’ imfura ni Ramu, agakurikirwa na Buna na Oreni na Osemu na Ahiya.
26
Kandi Yerameyeli yar’ afise uwundi mugore yitwa Atara; uwo ni we nyina wa Onamu.
27
Bene Ramu imfura ya Yerameyeli ni Mayasi na Yamini na Ekeri.
28
Bene Onamu ni Shamayi na Yada; bene Shamayi ni Nadabu na Abishuri.
29
Muka Abishuri yitwa Abihayili: bavyarana Ahubani na Molidi.
30
Bene Nadabu ni Seledi na Apayimu; ariko Seledi apfa ar’ imponnyi.
31
Mwene Apayimu ni Ishi; mwene Ishi ni Sheshani; mwene Sheshani ni Ahulayi.
32
Bene Yada murumuna wa Shamayi ni Yeteri na Yonatani; ariko Yeteri apfa ar’ imponnyi.
33
Bene Yonatani ni Peleti na Zaza. Abo bose ni bo bandurutse kuri Yerameyeli.
34
Kandi Sheshani nta muhungu yagira, atar’ abakobga gusa; ariko yar’ afise umugurano ava muri Egiputa yitwa Yaruha;
35
nuko Sheshani uwo mugurano wiwe amushingira umukobga wiwe, bavyarana Atayi.
36
Atayi avyara Natani, Natani avyara Zabadi;
37
Zabadi avyara Efulali, Efulali avyara Obedi;
38
Obedi avyara Yehu, Yehu avyara Azariya;
39
Azariya avyara Helesi, Helesi avyara Eleyasa;
40
Eleyasa avyara Sisimayi, Sisimayi avyara Shalumu;
41
Shalumu avyara Yekamiya, Yekamiya avyara Elishama.
42
Mwene Kalebu murumuna wa Yerameyeli ni Maresha, kandi ni we mfura yiwe, ni we se wa Zifu; mwene Maresha ni Heburoni.
43
Bene Heburoni ni Kora na Tapuwa na Rekemu na Shema.
44
Shema avyara Rahamu se wa Yorikeyamu; Rekemu na we avyara Shamayi.
45
Mwene Shamayi ni Mayoni; kandi Mayoni ni we se wa Beti‐suri.
46
Kandi Efa, incoreke ya Kalebu, Kalebu amuvyarako Hara na Mosa na Gazezi; Harani avyara Gazezi.
47
Bene Yahidayi ni Regemu na Yotamu na Geshani na Peleti na Efa na Shafi.
48
Kandi Mayaka, incoreke ya Kalebu, Kalebu amuvyarako Sheberi na Tiruhana.
49
Kandi bavyarana na Shafi se wa Madumana, na Sheva se wa Makubena, bo na se wa Gibeya; kand’ umukobga wa Kalebu yitwa Akisa.
50
Abo bose ni bo bandurutse kuri Kalebu. Bene Huri imfura ya Efurata ni Shobali se wa Kiriyati‐yeyarimu,
51
na Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti‐gaderi.
52
Kandi Shobali se wa Kiriyati‐yeyarimu yar’ afise abandi bahungu, ni Harowe na Hasi‐hamenuhoti.
53
Imiryango yandurutse kuri Kiriyati‐yeyarimu n’Abanyituri n’Abaputi n’Abashumati n’Abamishurayi; kur’ abo ni ho handurutse Abasorati n’Abanyeshitayoli.
54
Abandurutse kuri Saluma ni Betelehemu n’Abanetofati na Atiroti‐Beti‐Yowabu na Hasi‐hamanahati n’Abasori.
55
Imiryango y’abakarani yaba i Yabeshi, n’Abatirati n’Abashimeyati n’Abasukati. Abo ni bo Banyakeni bākomōtse kuri Hamati, ari we gishitsi c’umuryango wa Rekabu.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29