bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 4
1 Chronicles 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 5 →
1
Abākomōtse kuri Yuda ni Peresi na Hesironi na Karumi na Huri na Shobali.
2
Reyaya mwene Shobali yavyaye Yahati; Yahati avyara Ahumayi na Lahadi. Iyo ni yo miryango y’Abazorati.
3
Aba ni bo bene Etamu: Yezireli na Ishuma na Idubashi, kandi mushiki wabo yitwa Haseleliponi;
4
kandi Penuweli yari se wa Gedori, na Ezeri yari se wa Husha. Abo ni bo bākomōtse kuri Huri, imfura ya Efurata se wa Betelehemu.
5
Ashuri se wa Tekowa yar’ afise abagore babiri, Hela na Nayara.
6
Kuri Nayara avyara Ahuzamu na Heferi na Temeni na Hahashutari. Abo ni bo yavyaranye na Nayara.
7
Kuri Hela avyara Zereti na Isuhari na Etunani.
8
Hakosi avyara Anubu na Sobeba, kandi ni we yamutsweko n’imiryango ya ba Aharuheli mwene Harumu.
9
Yabesi yarusha icubahiro bene nyina; kandi nyina yamwise Yabesi, kuko yavuze, ati Namushikanye bingoye.
10
Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli, at’ Icompa ukampa umugisha, ukūngura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira, ukandinda ivyago, singorwe! Nukw Imana imuha ivyo yasavye.
11
Kelubu murumuna wa Shuha avyara Mehiri se wa Eshitoni.
12
Eshitoni avyara Beti‐rafa na Paseya na Tehina se wa Irunahashi. Abo ni bo bantu ba Reka.
13
Bene Kenazi ni Otiniyeli na Seraya; bene Otiniyeli ni Hatati na Meyonotayi.
14
Meyonotayi avyara Ofura; Seraya avyara Yowabu se wa Geharashimu; kandi bār’ abafundi.
15
Bene Kalebu mwene Yefune ni Iru na Ela na Nayamu; mwene Ela ni Kenazi.
16
Bene Yehaleleli ni Zifu na Zifa na Tiriya na Asareli.
17
Bene Ezera ni Yeteri na Meredi na Eferi na Yaloni; kand’ aba ni bo bana Bitiya umukobga wa Farawo yavyaranye na Meredi, ari we nyene yamurongoye: avyara Miriyamu na Shamayi na Ishuba na se wa Eshitemowa.
18
Umugore wiwe w’Umuyudakazi avyara Yeredi se wa Gedori, na Heberi se wa Soko, na Yekutiyeli se wa Zanowa.
19
Abana ba muka Hodiya, mushiki wa Nahumu, ni se wa Keyila w’i Garumi na se wa Eshitemowa w’i Mayaka.
20
Bene Shimoni ni Amunoni na Rina na Beni‐hanani na Tiloni. Bene Ishi ni Zoheti na Beni‐zoheti.
21
Aba ni bo bana ba Shela mwene Yuda: Eri se wa Leka, na Layada se wa Maresha, kandi ni we yakomōtsweko n’imiryango y’abajishi b’impuzu zera derere, bo mu nzu ya Ashibeya,
22
na Yokimu n’abantu b’i Kozeba, na Yowasi na Sarafu, ari bo bātwara i Mowabu, bo na Yashubilehemu; kand’ ayo majambo n’aya kera.
23
Abo ni bo bār’ ababumvyi, baba i Netayimu n’i Gedera; bāba ngaho ku mwami, bamukorera igikorwa.
24
Bene Simeyoni ni Nemuweli na Yamini na Yaribu na Zera na Shauli.
25
Umuhungu wa Shauli ni Shalumu, uwa Shalumu ni Mibusamu, uwa Mibusamu ni Mishuma;
26
umuhungu wa Mishuma ni Hamuweli, uwa Hamuweli ni Zakuri, uwa Zakuri ni Shimeyi.
27
Shimeyi yavyaye abahungu cumi na batandatu n’ abakobga batandatu; arikw abo bāvukana ntibāvyaye abana benshi; kand’ umuryango wabo wose ntiwagwiriye nk’uw’ Abayuda.
28
Kandi bāba i Beri‐sheba n’i Molada n’i Hazari‐shuwali,
29
n’i Biluha n’i Esemu n’i Toladi,
30
n’i Betuweli n’i Horuma n’i Sikulagi,
31
n’i Beti‐marukaboti n’i Hazari‐susimu n’i Beti‐biri n’i Shayarayimu. Ivyo ni vyo vyar’ ibisagara vyabo gushitsa aho Dawidi yīmiye.
32
Utundi dusagara twabo ni Etamu na Ayini na Rimoni na Tokeni na Ashani, twose na twose ni dutanu;
33
bo n’imihana yabo yose yo hirya no hino y’ivyo bisagara nyene, ukarinda ushitsa i Bayali. Aho ni ho bāba, kandi bari bafise igitabo kidōndōra ba sekuruza.
34
Aya mazina Meshobabu na Yamuleki na Yosha mwene Amaziya,
35
na Yoweli na Yehu mwene Yoshibiya, Yoshibiya mwene Seraya, Seraya mwene Asiyeli,
36
na Eliyowenayi na Yakoba na Yeshohaya na Asaya na Adiyeli na Yesimiyeli na Benaya;
37
na Ziza mwene Shifi, Shifi mwene Aloni, Aloni mwene Yedaya, Yedaya mwene Shimuri, Shimuri mwene Semaya;
38
abo uko tubadōnze amazina ni bo bār’ abakuru mu miryango yabo; kand’ amazu ya ba sekuruza yagenda agwira cane.
39
Baja ahashikirwa i Gedori, bagendana uruhande rw’umwonga ruhera i burasirazuba, baronderera imikuku yabo amaragiro.
40
Basanga har’ ubgatsi bgiza butotahaye, kand’ igihugu cari cāgutse, gifise umutēkāno n’amahoro; kukw abābayo ubga mbere bandurutse kuri Hamu.
41
Kandi ba bandi banditswe amazina yabo baje ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda, batera amahema yabo, batera n’Abameyunimu basanzeyo, barabazimiriza rwose gushitsa n’ubu, basubira mu matongo yabo, kuko hār’ amaragiro y’imikuku yabo.
42
Kandi mur’ abo ba Simeyoni, bamwe muri bo, abantu amajana atanu, baja gutera umusozi Seyiri, bari kumwe n’abagabisha babo Pelatiya na Neyariya na Refaya na Uziyeli, bene Ishi.
43
Bageseza amasigarira y’Abamaleki bāri bārarokotse, baca babayo gushitsa na bugingo n’ubu.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29