bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 16
1 Chronicles 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 17 →
1
Nuko binjiza iyo sandugu y’Imana, bayishira hagati mw ihema Dawidi yari yarayishingiye. Baraheza batangira imbere y’Imana ibimazi vyoswa n’ivy’ ishimwe.
2
Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi, no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho.
3
Maz’ agaburira abantu bose b’ Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’ inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye.
4
Kand’ ashiraho bamwe mu Balewi ngo bashitse igikorwa cabo imbere y’isandugu y’Uhoraho, bibutse abantu ivy’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bamukengurukire, bamutazire.
5
Abo yashizeho n’ aba: Asafu ni we yari mukuru, agakurikirwa na Zekariya na Yaziyeli na Shemiramoti na Yehiyeli na Matitiya na Eliyabu na Benaya na Obed‐edomu na Yeyeli, bafise amakembe n’inanga; kandi Asafu yar’ afise ivyo avuza vyitwa matowazi,
6
na Benaya na Yahaziyeli abaherezi bari bafise inzumbete, bakāma babivuza imbere y’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.
7
Kur’ uwo musi Dawidi ni ho yatanguriye gushinga ko Asafu na bagenzi be ari bo baririmba batazira Uhoraho.
8
Ni mushime Uhoraho, mwambaze izina ryiwe; Mumenyekanishe ibikorwa vyiwe mu mahanga.
9
Mumuririmbire, mumuririmbire ishimwe; Muvuge ibikorwa vyiwe vyose bitangaje.
10
Mwirate izina ryiwe ryera, Imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.
11
Murondere Uhoraho n’inkomezi ziwe; Murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira.
12
Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze; Ibitangaza vyiwe n’amateka yo mu kanwa kiwe;
13
Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli umushumba wiwe, Yemwe bana ba Yakobo, abo yatoranije.
14
Uhoraho ni we Mana yacu; Amatēka yiwe ari mw isi yose.
15
Mwibuke isezerano ryiwe imisi yose, Ijambo yashinze muryibuke uk’ urunganwe rwanyu rugenda rukurikirana gushitsa ibihe igihumbi,
16
Ni ryo sezerano yasezeranye na Aburahamu, Indahiro yarahiye Isaka,
17
Akayongera kuri Yakobo ayitsindagira, ngw ibe icagezwe, Kuri Isirayeli ngw ibe isezerano ry’intahava;
18
Akavuga, ati Ni wewe nzoha igihugu c’i Kanani, Ngo kibe ishamvu mukubitiwe amabango.
19
Bāri bakir’ abantu b’imparūrwa, Mbere bāri bake cane, kand’ ar’ inyambukīra muri co,
20
Bāyerēra, bava mw ihanga baja mu rindi, Bava ku mwami umwe baja mu bundi bgoko.
21
Ntiyakundira umuntu n’umwe kw abazingirikira, Mbere yahannye abami ababahōra,
22
Ati Ntimukore ku bo narobanuje amavuta, Ntimugire ico mugira abavugishwa nanje.
23
Yemwe abari mw isi mwese, muririmbire Uhoraho, Mumenyekanishe agakiza kiwe uko bukeye.
24
Mwamamaze mu mahanga ubgiza bgiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoze muvyamamaze mu moko yose.
25
Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.
26
Kukw ibigirwamana vy’amahanga vyose ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru.
27
Icubahiro n’ububasha bir’ imbere yiwe, Ubushobozi n’akanyamuneza bir’ ah’ aba.
28
Yemwe miryango y’amahanga, mwaturire Uhoraho, Mwaturire Uhoraho ingen’ afise icubahiro n’inkomezi.
29
Mwaturire Uhoraho ingen’ izina ryiwe ribereye icubahiro; Muze imbere yiwe muzanye ishikanwa. Musenge Uhoraho mwubashe, mushazishije ukwera.
30
Yemwe abari mw isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe: Isi na yo irashimangiye, ntishobora kunyiganyiga.
31
Ijuru ni rinezerwe, isi n’ihimbarwe, Ni bavuge mu mahanga, bat’ Uhoraho arahangamye.
32
Ikiyaga ni kibomborane bo n’ ibicuzuye, Indimiro n’ibizezemwo ni bivuze impundu;
33
Ni ho ibiti vyose vyo mw ishamba bizoririmbishwa n’ akanyamuneza imbere y’ Uhoraho, Kukw agira aze gucira abari mw isi imanza.
34
Ni mushimire Uhoraho yukw ari mwiza: Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.
35
Muvuge, mut’ Udukize, ewe Mana y’agakiza kacu, Udukoranirize hamwe, udukize amahanga, Kugira ngo dushime izina ryawe ryera, Twirate ishimwe ryawe.
36
Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Nukw abantu bose baritabiriza, bati Amen; batazira Uhoraho.
37
Maze kur’ iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho ahisiga Asafu na bagenzi be, kugira ngo baze bame bashitsa igikorwa cabo imbere yayo na ntaryo, nk’ukw igikorwa gikwiye gukorwa uko bukeye;
38
ahasiga na Obed‐edomu na bagenzi be mirongwitandatu n’ umunani; ahasiga na Obed‐edomu mwene Yedutuni na Hosa ngo bayishibamire.
39
Maze Sadoki umuherezi, n’abaherezi bagenzi be, abashira kw ihema ry’Uhoraho riri ku mpinga y’umusozi Gibeyoni,
40
kugira ngo baze bame bosereza Uhoraho ibimazi ku gicaniro co kuvyoserezako, mu gitondo no ku mugoroba ubudasiba, nk’uko vyari vyaranditswe vyose mu vyagezwe Uhoraho yageze Abisirayeli;
41
kandi hamwe na bo ashiraho Hemani na Yedutuni n’abandi bātowe, bavuzwe amazina, kugira ngo bashimire Uhoraho yukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.
42
Kandi Hemani na Yedutuni abo bāri n’ inzumbete n’ivyitwa matowazi vyo kuvuza, n’ibindi vyo kuvuza bijana n’indirimbo z’Imana. Kand’ ashiraho bene Yedutuni ngo barinde irembo.
43
Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we; Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu nzu yiwe.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 17 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29