bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 22
1 Chronicles 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 23 →
1
Maze Dawidi aravuga, at’ Aha ni ho nzu y’Uhoraho Imana, kand’ iki ni co gicaniro co kwoserezakw ibimazi vy’Abisirayeli.
2
Nuko Dawidi avuga ko bakoranya abāvuye mu mahanga bari mu gihugu c’Abisirayeli, abagira ababāji bo kubāza amabuye yo kwubaka inzu y’Imana.
3
Kandi Dawidi yitegura ivyuma vyinshi vyo gucuramw’ imisumari y’inzugi zo ku marembo, n’ivyo gucuramw’ ivyuma vyo kurumanya ibintu, n’imiringa y’isinzi itogerwa;
4
n’ibiti vy’amasederi bitoharūrika, kukw Abasidoni n’Abanyetiro bāzana amasederi menshi kwa Dawidi.
5
Dawidi aravuga, at’ Umwana wanje Salomo aracari muto, ntarakura, kand’ ingoro igiye kwubakirwa Uhoraho ikwiye kuba nziza y’agahore, ikavugangwa ikaba rurangiranwa mu bihugu vyose: ni co gituma nkwiye kwitegura ivyayo. Nuko Dawidi yitegura vyinshi cane ataratanga.
6
Maz’ ahamagara umuhungu wiwe Salomo, amubarira kuzokwubakira ingoro Uhoraho Imana y’ Abisirayeli.
7
Aramubarira, ati Mwana wanje, nari mbisanganywe mu mutima kuzokwubakira ingoro izina ry’Uhoraho Imana yanje.
8
Arikw ijambo ry’Uhoraho rinzako, riti Wavishije amaraso menshi, kandi warwanye intambara zihambaye: riti None ntuzokwubakira ingoro izina ryanje, kuko wavishije amaraso menshi kw isi imbere yanje.
9
Riti Rāba uzovyara umwana w’umuhungu, azoba umunyamahoro, riti Kandi nzomuha kuba impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije; kukw izina ryiwe azokwitwa Salomo; riti Kandi nzoha Ubgisirayeli amahoro n’umutēkāno ku ngoma yiwe.
10
Riti Ni we azokwubakira izina ryanje ingoro; riti Kand’ azoba umwana wanje, nanje nzoba se; riti Kandi nzohamangira intebe yiwe mu Bgisirayeli ibihe vyose.
11
None rero mwana wanje, Uhoraho abane nawe; aguhe kugira ikiganza ciza, wubake ingoro y’ Uhoraho Imana yawe, nk’uko yabikuvuzeko.
12
Uhoraho aguhe ubgenge n’ugutahura, kugira ngo ni yagushikiriza Abisirayeli uz’ ubone kwitondera ivyagezwe vyiwe, Uhoraho Imana yawe.
13
Uko ni k’uzogira ubuhirwe, ni wagira umwete ukitondera amabgirizwa n’amatēka Uhoraho yashingiye Abisirayeli, akabishikiriza Mose. Nuko shikama, ushire amanga, ntutinye kandi nturanduke umutima.
14
Rāba mu bucumukure bganje niteguriye ingoro y’Uhoraho italanto z’izahabu ibihumbi ijana, n’iz’ ifeza ibihumbi igihumbi, niteguye n’imiringa n’ ivyuma bitogerwa, kukw ar’ isinzi; kandi niteguye n’ibiti n’amabuye; nawe uze wiyongererekw ibindi.
15
Kand’ uri n’abakozi benshi cane, ababāji b’amabuye, n’abubatsi, n’ababāji b’ibiti, n’ abahinga b’uburyo bgose bazi gukora igikorwa ic’ ari co cose.
16
Rāba amazahabu n’amafeza n’imiringa n’ivyuma ntibigira uko vyoharūrika. None rero shirako, ukore, kand’ Uhoraho abane nawe.
17
Dawidi abarira n’abaganwa bose b’Abisirayeli ngo baze bafashe umuhungu wiwe Salomo,
18
ati Mbeg’ Uhoraho Imana yanyu ntiri kumwe namwe? Kandi ntabahaye impore impande zose? Kuko yagabuye ab’ inyamo z’iki gihugu mu maboko yanje, kand’ igihugu kimazwe igabo imbere y’Uhoraho n’imbere y’ abantu biwe.
19
None rero ni mugire umwete wo kurondeza Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose. Muve hasi rero, mushireko mwubake urusengero rw’ Uhoraho Imana, kugira ngw isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, n’ ibintu vyejejwe vy’Imana, muze mubizane, muvyinjize mur’ iyo ngoro izoba yubakiwe izina ry’ Uhoraho.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29