bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 7
1 Chronicles 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 8 →
1
Bene Isakari ni Tola na Puwa na Yashubu na Shimuroni ukw ari bane.
2
Abo kuri Tola ni Uzi na Refaya na Yeriyeli na Yahumayi na Ibusamu na Shemuweli, abakuru b’amazu ya ba sekuruza bandurutse kuri Tola; bār’ abahizi mu bihe vyabo; ku ngoma ya Dawidi igitigiri cabo car’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’ amajana atandatu.
3
Mwene Uzi ni Izurahiya; bene Izurahiya ni Mikayeli na Obadiya na Yoweli na Ishiya, bose ukw ari batanu bār’ abakuru.
4
Kandi hamwe na bo, uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana, ukw amazu ya ba sekuruza yar’ ari, hār’ imice y’ingabo zizi kurwana ibihumbi mirongwitatu na bitandatu; kuko bari bafise abagore benshi n’ abana benshi b’abahungu.
5
Abandi bagenzi babo bo mu mazu yose y’Abisakari, abantu b’abahizi, bose uko banditswe mu gitabo kibadōndōra, bār’ ibihumbi mirongumunani n’indwi.
6
Bene Benyamini ni Bela na Bekeri na Yediyayeli, ukw ari batatu.
7
Abo kuri Bela ni Esiboni na Uzi na Uziyeli na Yerimoti na Iri, ukw ari batanu, abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, kandi bār’ abahizi; uko banditswe mu gitabo kibadōndōra bār’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’abantu mirongwitatu na bane.
8
Abo kuri Bekeri ni Zemira na Yowasi na Eliyezeri na Eliyowenayi na Omuri na Yeremoti na Abiya na Anatoti na Alemeti; abo bose bandurutse kuri Bekeri.
9
Bār’ abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, kandi bār’ abahizi; uko banditswe mu gitabo kibadōndōra, uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana, bār’ ibihumbi mirongwibiri n’amajana abiri.
10
Mwene Yediyayeli ni Biluhani; abo kuri Biluhani ni Yushi na Benyamini na Ehudi na Kenana na Zetani na Tarushishi na Ahishahari.
11
Abo bose bār’ abo kuri Yediyayeli, nk’ukw abakuru b’amazu ya ba sekuruza bāri bari, ar’ abantu b’abahizi ibihumbi cumi n’indwi n’amajana abiri, bashobora kuja mu ntambara.
12
Kandi Shupimu na Hupimu bār’ abo kuri Iri, bo na Hushimu wo kuri Aheri.
13
Bene Nafutali ni Yakiseli na Guni na Yeseri na Shalumu; abo n’abuzukuru ba Biluha.
14
Bene Manase ni Asiriyeli, uwo yavyaranye n’incoreke yiwe y’ Umunyaramukazi, bavyarana na Makiri se wa Gileyadi;
15
Makiri asaba umugeni kwa Hupimu na Shupimu; murumuna we yitwa Mayaka. Umuhungu wiwe wa kabiri yitwa Selofehadi; Selofehadi yavyaye abakobga basa.
16
Mayaka muka Makiri avyara umwana w’umuhungu, amwita Pereshi; murumuna we yitwa Shereshi; abahungu biwe ni Ulamu na Rakemu.
17
Mwene Ulamu ni Bedani. Abo ni bo bo kuri Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri wa Manase.
18
Hamoleketi mushiki wa Gileyadi avyara Ishihodi na Abiyezeri na Mahula.
19
Bene Shemida ni Ahiyani na Shekemu na Likuhi na Aniyamu.
20
Abo kuri Efurayimu ni Shutela, uwa Shutela ni Beredi, uwa Beredi ni Tahati, uwa Tahati ni Eleyada, uwa Eleyada ni Tahati,
21
uwa Tahati ni Zabadi, uwa Zabadi ni Shutela. Efurayimu avyara na Ezeri na Eleyada; bicwa n’Abanyegati bāvukiye mur’ ico gihugu, kuko bāri bāramanukanywe no kunyaga inka zabo.
22
Maze Efurayimu se amara imisi myinshi agandaye, bene nyina baza kumugarukirako.
23
Bukeye arārana n’umugore wiwe, asama inda, avyara umwana w’ umuhungu, amwita Beriya, kuko hābaye amagorwa mu rugo rwiwe.
24
Umukobga wiwe yitwa Sheyera; ni we yubatse Beti‐horoni ho hepfo n’aho haruguru, na Uzeni‐sheyera.
25
Uwundi muhungu wiwe ni Refa, uwa Refa ni Reshefu, uwa Reshefu ni Tela, uwa Tela ni Tahani,
26
uwa Tahani ni Ladani, uwa Ladani ni Amihudi, uwa Amihudi ni Elishama,
27
uwa Elishama ni Nuni, uwa Nuni ni Yosuwa.
28
Amashamvu yabo aho bāba n’i Beteli n’ibisagara bihakūkira; ah’ i burasirazuba n’i Narani, ah’ i burengerazuba bāhēra i Gezeri n’i Shekemu, ukarinda ushitsa i Aza, bo n’ibisagara bigenda bihakūkira;
29
ugashitsa no ku rubibe rw’Abamanase, i Beti‐sheyani n’i Tanaki n’i Megido n’i Dori, bo n’ibisagara bigenda bihakūkira. Mur’ ivyo bisagara uruvyaro rwa Yosefu mwene Isirayeli ni ho rwāba.
30
Bene Asheri ni Imuna, na Ishiva, na Ishivi, na Beriya, na mushiki wabo Sera.
31
Bene Beriya ni Heberi na Malukiyeli, ni we se wa Biruzayiti.
32
Heberi yavyaye Yafuleti na Shomeri na Hotamu, na mushiki wabo Shuwa.
33
Bene Yafuleti ni Pasaki na Bimuhali na Ashuvati; abo ni bo bār’ abana ba Yafuleti.
34
Bene Shomeri ni Ahi na Rohega na Yehuba na Aramu.
35
Kandi bene Helemu murumuna we ni Sofa na Imuna na Sheleshi na Amali.
36
Bene Sofa ni Suwa na Haruneferi na Shuwali na Beri na Imura;
37
na Beseri na Hodi na Shama na Shilusha na Iturani na Beyera.
38
Bene Yeteri ni Yefune na Pisipa na Ara.
39
Bene Ula ni Ara na Haniyeli na Risiya.
40
Abo bose n’abo kuri Asheri, abakuru b’amazu ya ba sekuruza, abantu b’intorwa kandi b’abahizi, aba mbere mu baganwa. Kand’ igitigiri cabo uko canditswe mu gitabo kibadōndōra, bandikiwe kurwana intambara, bar’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bitandatu.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29