bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 12
1 Chronicles 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 13 →
1
Aba ni bo bagiye kubana na Dawidi i Sikulagi, igihe yar’ acinyegeje Sauli mwene Kishi, kandi bāri muri ba bahizi bāmutabara mu ntambara;
2
bār’ abanyamiheto, kandi mu kurasa canke mu guteresha ibuye umugozi, bāpfa ukwo bakoresheje, ar’ ukuryo cank’ ukubamfu; bār’ abo mu muryango wa Sauli bo mu Babenyamini.
3
Umukuru yari Ahiyezeri, uwa kabiri kuri we ni Yowasi, kandi bari bene Shemaya w’i Gibeya; na Yeziyeli na Peleti, bene Asumaveti, na Bereka na Yehu w’i Anatoti;
4
na Ishimaya w’i Gibeyoni, w’umuhizi muri bamwe mirongwitatu, kandi yar’ umukuru muri bo; na Yeremiya na Yahaziyeli na Yohanani, na Yozabadi w’i Gedera;
5
na Eluzayi na Yerimoti na Beyaliya na Shemariya, na Shefatiya w’i Harufu;
6
bo na Elukana na Ishiya na Azareli na Yowezeri na Yashobeyamu, bo mu ba Kora;
7
bo na Yowela na Zebadiya, bene Yerohamu w’i Gedori.
8
Kandi no mu Bagadi, abīherereje ku ruhande rwa Dawidi, igihe yari mw isenga mu bugaragwa, bār’ abantu b’abahizi, bīze ivyo kurwana, bazi uburyo bgo gutwara inkinzo n’amacumu, bateye ubgoba nk’intambge, biruka nk’ingeregere iyo ziruka ku misozi;
9
ni bo aba: umukuru ni Ezeri, uwa kabiri ni Obadiya, uwa gatatu ni Eliyabu,
10
uwa kane ni Mishumana, uwa gatanu ni Yeremiya,
11
uwa gatandatu ni Atayi, uw’ indwi ni Eliyeli,
12
uw’ umunani ni Yohanani, uw’ icenda ni Elizabadi,
13
uw’ icumi ni Yeremiya, uw’ icumi na rimwe ni Makubanayi.
14
Abo bantu b’Abagadi bār’ abagabisha b’ingabo; uwo hanyuma y’abandi muri bo yar’ ahwanye n’abantu ijana, umukuru agahwana n’abantu igihumbi.
15
Abo ni bo bājabutse Yorodani mu kwezi kwa mbere, igihe rwari rwamaze iminyika yose; batera abāba mu biyaya vy’i burasirazuba n’i burengerazuba, babirukana bose.
16
Bukeye abo mu Babenyamini n’abo mu Bayuda baza kuri Dawidi aho yari muri rya senga.
17
Dawidi arasohoka, arabasanganira; arababarira, ati Namba muzanywe n’amahoro, muje kuntabara, umutima wanje uzomatana n’iyanyu; na ho namba muje kundaha, ngo mundangire abansi banje, kand’ ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza n’ibirābe, iducire urubanza.
18
Maze Mpwemu aca aza kuri Amasayi, umukuru wa ba bandi mirongwitatu, aravuga, ati Tur’ abawe, Dawidi; turi ku ruhande rwawe, wewe mwene Isayi! Amahoro, amahoro abe kuri wewe, abe no ku bagutabara, kukw Imana yawe ari yo igutabara. Nuko Dawidi arabākīra, abagira abagabisha bo kugaba ibitero.
19
Kandi no mu Bamanase har’ abācīkiye Dawidi, igihe yajana n’ Abafilisitiya bagiye gutera Sauli; mugabo ntiyabafasha, kukw abaganwa b’Abafilisitiya, bamaze kuja inama baciye bamurungika, bati Yohava aduta, agaherēra ku ruhande rwa shebuja Sauli, natwe ntituhokore agatwe kacu.
20
Nukw akiri mu nzira asubira i Sikulagi, abo bantu bo mu Bamanase bāciye bamucīkira, ni bo aba: Aduna na Yozabadi na Yediyayeli na Mikayeli na Yozabadi na Elihu na Siletayi, abakuru bo mu mazu y’Abamanase.
21
Batabara Dawidi, barwanya ca gitero c’abanyazi; bose bār’ abahizi, kandi bār’ abagabisha b’ingabo.
22
Nuko, uko bukeye hama haza abantu kuri Dawidi bo kumurwanira, gushitsa aho bāhindutse ingabo nyinshi, zihwanye n’iz’ Imana.
23
Iki ni co gitigiri c’imice y’ingabo zaje gushengerera Dawidi i Heburoni zitwaje ibirwanishwa, ngo zimusubize ku ngoma ya Sauli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.
24
Abo mu Bayuda bitwaje inkinzo n’amacumu bār’ ibihumbi bitandatu n’amajana munani biteguye kurwana.
25
Abo mu Basimeyoni, abantu b’abahizi b’abanyentambara, bār’ ibihumbi ndwi n’ijana.
26
Abo mu Balewi bār’ ibihumbi bine n’amajana atandatu;
27
na Yehoyada, umukuru w’ab’ inzu ya Aroni, azanana n’ibihumbi bitatu n’amajana ndwi;
28
haza na Sadoki, yar’ umusore w’umuhizi, azanana n’abagabisha mirongwibiri na babiri bo mu nzu ya sekuruza.
29
Abo mu Babenyamini b’i wabo wa Sauli bār’ ibihumbi bitatu; kuko gushitsa ico gihe abenshi muri bo bāri bagiherereye ku nzu ya Sauli.
30
Abo mu Befurayimu bār’ ibihumbi mirongwibiri n’amajana munani, abantu b’abahizi, ba rurangiranwa mu mazu ya ba sekuruza.
31
Ab’ igihimba c’ umuryango wa Manase bār’ ibihumbi cumi n’umunani, kand’ abo bāri bavuzwe amazina ngo baje kwimika Dawidi.
32
Abo mu Bisakari bazi ubgenge bgo kumenya ibihe, bakamenya n’ivyo Abisirayeli bakwiye gukora, bār’ abakuru amajana abiri, bāzananye n’ abandi b’i wabo bāgaba.
33
Abo mu Bazebuloni bār’ ibihumbi mirongwitanu, bashobora kuja mu ntambara, bakamenya uburyo bgo gutondesha urugamba no kurwanisha ibirwanishwa vy’uburyo bgose, bama biteguye gutabara badafise imitima ibiri.
34
Abo mu Banafutali bār’ abagabisha igihumbi, bari kumwe n’abitwaje inkinzo n’amacumu ibihumbi mirongwitatu n’indwi.
35
Abo mu Badani bazi uburyo bgo gutondesha urugamba bār’ ibihumbi mirongwibiri n’umunani n’amajana atandatu.
36
Abo mu Basheri bashobora kuja mu ntambara, bakamenya uburyo bgo gutondesha urugamba, bār’ ibihumbi mirongwine.
37
N’abo hakurya ya Yorodani, abo mu Bareyubeni no mu Bagadi no mu gihimba c’ umuryango w’Abamanase, biteguye kurwana bafise ibirwanishwa vy’uburyo bgose, bār’ ibihumbi ijana na mirongwibiri.
38
Abo banyentambara bose, abantu bazi gutondesha urugamba, ni bo baje i Heburoni bahūje imitima, bazanywe no kwimika Dawidi ngw abe umwami w’Abisirayeli bose; mbere n’abandi Bisirayeli bose bāri bahūje imitima ngo bimike Dawidi.
39
Nuko bamara gatatu bari ngaho nyene kwa Dawidi, barya, banywa, kuko bagenzi babo bāri babiteguriye.
40
Kandi n’abāba hafi yaho, mber’ ugashitsa n’i Bgisakari n’i Buzebuloni n’i Bunafutali, bazanye ingemurano baziremētse indogoba n’ingamiya n’ inyumbu n’inka, ingemurano z’ amafu, n’uturobe tubumbabumbge mu nsukoni, n’imisoko y’ inzabibu zumye, na vino, n’amavuta ya elayo, n’inka n’intama vyinshi cane; kuko hār’ akanyamuneza mu Bisirayeli.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29