bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 27
1 Chronicles 27
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 28 →
1
Ingabo z’Abisirayeli, ukw igitigiri cazo cari kiri, zāgabga n’abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana; zāri zifise n’abakarani babgiririza umwami mu biherereye ku vy’imbu zabo, uko zāgenda zikūrakūranwa uk’ ukwezi gutashe, kumara amezi yose yo mu mwaka; ku rubu rumwe‐rumwe rwarikw ingabo ibihumbi mirongwibiri na bine.
2
Yashobeyamu mwene Zabudiyeli ni we yagaba ku rubu rwa mbere rwo mu kwezi kwa mbere; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
3
Yar’ uwo mu ba Peresi, kandi ni we yari mukuru w’abagabisha bose b’ingabo bo mur’ ukwo kwezi kwa mbere.
4
Dodayi w’Umwahohi ni we yagaba ku rubu rwo mu kwezi kwa kabiri, kandi Mikuloti yar’ umwe wo mu bagabisha bo kur’ urwo rubu; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
5
Benaya mwene Yehoyada umuherezi mukuru ni we yar’ umugabisha w’ingabo agira gatatu wo mu kwezi kwa gatatu; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
6
Benaya uwo yar’ umwe muri ba bahizi mirongwitatu, kandi yar’ umukuru wabo; kandi Amizabadu umuhungu wiwe, kur’ urwo rubu rwiwe na we yarimwo.
7
Asaheli murumuna wa Yowabu ni we yar’ umugabisha agira kane wo mu kwezi kwa kane; Zebadiya umuhungu wiwe ni we yamusubiriye mu gishingo; ingabo zu ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
8
Shamuhutu Umwisurahi ni we yar’ umugabisha agira gatanu wo mu kwezi kwa gatanu; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
9
Ira mwene Ikeshi Umunyatekowa ni we yar’ umugabisha agira gatandatu wo mu kwezi kwa gatandatu; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
10
Helesi Umunyapeloni, wo mu Befurayimu, ni we yar’ umugabisha agira indwi wo mu kwezi kw’indwi; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
11
Sibekayi Umuhushati wo mu ba Zerahi, ni we yar’ umugabisha agira umunani wo mu kwezi kw’umunani; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
12
Abiyezeri w’i Anatoti wo mu Babenyamini ni we yar’ umugabisha agira icenda wo mu kwezi kw’icenda; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
13
Maharayi w’i Netofati wo mu ba Zerahi ni we yar’ umugabisha agira icumi wo mu kwezi kw’icumi; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
14
Benaya w’i Piratoni wo mu Befurayimu ni we yar’ umugabisha agira icumi na rimwe wo mu kwezi kw’icumi na rimwe; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.
15
Heludayi w’i Netofati wo mu ba Otiniyeli ni we yar’ umugabisha agira icumi na kabiri wo mu kwezi kw’icumi na kabiri; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine nyene.
16
Kand’ abakuru b’imiryango y’Abisirayeli n’aba: mu ba Reyubeni yari Eliyezeri mwene Zikuri; mu ba Simeyoni yari Shefatiya mwene Mayaka;
17
mu ba Lewi yari Hashabiya mwene Kemuweli; mu ba Aroni yari Sadoki;
18
mu ba Yuda yari Elihu, umwe wo mu bavukana na Dawidi; mu ba Isakari yari Omuri mwene Mikayeli;
19
mu ba Zebuloni yari Ishimaya mwene Obadiya; mu ba Nafutali yari Yeremoti mwene Azuriyeli;
20
mu ba Efurayimu yari Hosheya mwene Azaziya; mu gihimba c’umuryango wa Manase yari Yoweli mwene Pedaya;
21
mu gihimba kindi c’umuryango wa Manase nyene, kiba i Gileyadi, yari Ido mwene Zekariya; mu ba Benyamini yari Yasiyeli mwene Abuneri;
22
mu ba Dani yari Azareli mwene Yerohamu. Abo ni bo bār’ abakuru b’imiryango y’Abisirayeli.
23
Ariko Dawidi ntiyaharūra abatarashikana imyaka mirongwibiri, kuk’ Uhoraho yavuze yukw azogwiza Abisirayeli, bakangana n’inyenyeri zo kw ijuru.
24
Yowabu umwana wa Seruwiya atangura guharūra ariko ntiyarangiza; ukwo guharūrwa kwatumye Abisirayeli barakirwa, ni co catumye igitigiri cabo kitandikwa mu gitabo c’ivyo ku ngoma y’umwami Dawidi.
25
Azimaveti mwene Adiyeli ni we yar’ umukuru yajejwe ububīko bg’i bgami; Yonatani mwene Uziya ni we yar’ umukuru yajejwe ibigega biri mu misozi no mu bisagara no mu mihana no mu maboma;
26
Eziri mwene Kelubu ni we yaganza abarimyi bākora mu ndimiro;
27
Shimeyi w’i Rama ni we yar’ umukuru yajejwe imirima y’imizabibu; Zabudi w’i Shifimu ni we yar’ umukuru yajejwe ivy’ inzabibu zamuwe zo gukānyamwo vino;
28
Bayali‐hanani w’i Gederi ni we yar’ umukuru yajejwe ivy’ imyelayo n’imisukomora yo mu biyaya; Yowasi ni we yar’ umukuru yajejwe ububīko bg’amavuta ya elayo;
29
Shiturayi w’i Sharoni ni we yar’ umutongore w’amasho yar’ i Sharoni nyene; kandi Shafati mwene Adulayi ni we yar’ umutongore w’ amasho yari mu biyaya;
30
Obili w’Umwishimayeli ni we yar’ umubgiriza w’ingamiya; Yedeya w’i Meronoti ni we yar’ umubgiriza w’indogoba;
31
Yazizi Umuhaguri ni we yar’ umubgiriza w’imikuku. Abo bose ni bo bāri bajejwe ivy’ itunga ry’umwami Dawidi.
32
Yonatani se wabo wa Dawidi ni we yar’ umujanama, kandi yar’ umuntu w’umunyabgenge, yari n’umukarani; Yehiyeli mwene Hakimoni ni we yarera abana b’ umwami;
33
Ahitofeli ni we yar’ umujanama w’umwami; Hushayi Umwaruki yar’ umukunzi w’ umwami;
34
Yehoyada mwene Benaya na Abiyatari ni bo bāsubiye mu gishingo ca Ahitofeli; kandi Yowabu ni we yar’ umugabisha w’ingabo z’umwami.
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 28 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29