bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 9
1 Chronicles 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 10 →
1
Nukw Abisirayeli bose bāraharūwe, uk’ urunganwe rwabo rwagiye rukurikirana, kandi banditswe mu gitabo c’abami b’Abisirayeli. Kand’ Abayuda bājanywe i Babuloni ar’ inyagano, bahōwe ukugabitanya kwabo.
2
Abābanje kugaruka bagasubira mu matongo yabo yo mu bisagara vyabo n’abanyagihugu bo mu Bisirayeli, bo n’abaherezi n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero.
3
Abāgiye kuba i Yerusalemu ni bamwe bo mu Bayuda n’abo mu Babenyamini n’abo mu Befurayimu n’abo mu Bamanase, ni bo aba:
4
Utayi mwene Amihudi, Amihudi wa Omuri, Omuri wa Imuri, Imuri wa Bani, wo mu ba Peresi mwene Yuda.
5
N’abo mu ba Shiloni, uwa mbere ni Asaya n’abahungu biwe.
6
N’abo muri bene Zera ni Yeweli n’ab’i wabo, amajana atandatu na mirongwicenda.
7
N’ abo mu ba Benyamini, ni Salu mwene Meshulamu, Meshulamu wa Hodaviya, Hodaviya wa Hasenuwa;
8
bo na Ibuneya mwene Yerohamu, na Ela mwene Uzi, Uzi wa Mikiri, na Meshulamu mwene Shefatiya, Shefatiya wa Ruweli, Ruweli wa Ibuniya,
9
bo n’ab’ i wabo, uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana; bose na bose bār’ amajana cenda na mirongwitanu na batandatu. Abo bose bār’ abakuru b’amazu ya ba sekuruza uko yar’ ari.
10
Kand’ abo mu baherezi ni Yedaya na Yehoyaribu na Yakini,
11
na Azariya mwene Hilukiya, Hilukiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu, umubgiriza w’ingoro y’Imana;
12
bo na Adaya mwene Yerohamu, Yerohamu wa Pashuri, Pashuri wa Malikiya, bo na Mayasayi mwene Adiyeli, Adiyeli wa Yahuzera, Yahuzera wa Meshulamu, Meshulamu wa Meshilemiti, Meshilemiti wa Imeri;
13
bo n’abandi bagenzi babo b’abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, igihumbi n’ amajana ndwi na mirongwitandatu; abahinga bazi gukora igikorwa co mu ngoro y’Imana.
14
Kand’ abo mu Balewi ni Shemaya mwene Hashubu, Hashubu wa Azurikamu, Azurikamu wa Hashabiya, wo mu ba Merari;
15
bo na Bakubakari na Hereshi na Galali na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zikuri, Zikuri wa Asafu;
16
bo na Obadiya mwene Shemaya, Shemaya wa Galali, Galali wa Yedutuni, bo na Berekiya mwene Asa, Asa wa Elukana, yaba mu mihana y’ Abanetofati.
17
Abashibamyi n’aba: Shalumu na Akubu na Talumoni na Ahimani, bo na bagenzi babo; Shalumu ni we yar’ umukuru.
18
Kera abo bāshibama ku kirimba c’i bgami gihera i burasirazuba, hanyuma bashibamira ingo z’Abalewi.
19
Shalumu mwene Kore, Kore wa Ebiyasafu wo mu ba Kora, bo na bagenzi biwe bo mu nzu ya ba sekuruza, ari bo bandurutse kuri Kora nyene, ni bo bāri bajejwe igikorwa co gushibama ku rwinjiriro rwa rya hema, nk’uko ba sekuruza bāri bārajejwe ivyo gushibama ahashikirwa ku rugo rw’Uhoraho.
20
Finehasi mwene Eleyazari ni we yabaganza mur’ ivyo bihe vya kera; kand’ Uhoraho yabana na we.
21
Zekariya mwene Meshelemiya ni we yar’ umukumirizi wo ku muryango w’ ihema ry’ibonaniro.
22
Abo bose abātoranijwe kuba abakumirizi b’ imiryango, bār’ amajana abiri n’ icumi na babiri, kandi bāri bāraharūwe mu mihana yabo, uko banditswe mu gitabo kibadōndōra. Dawidi na Samweli kamenyi ni bo bābajeje ico gikorwa cabo.
23
Nukw abo n’abana babo ni bo bāba kur’ ico gikorwa co kuzigama imiryango y’ingoro y’Uhoraho, ari ryo hema yabamwo, bakāma bakūranwa.
24
Abo bakumirizi bama ku mpande ukw ari zine, i burasirazuba n’i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko.
25
Kandi bagenzi babo bāri bagezwe ko bakūranwa, bakaza bavuye mu mihana yabo, kumarana na bo imisi ndwi;
26
arikw abakumirizi bane b’Abalewi b’abakuru bama kur’ ico gikorwa ntibakūrwe, kandi bāri bajejwe utwumba n’ububīko vyo mu ngoro y’Imana.
27
Bārāra bakikije iyo ngoro y’Imana, kukw ari bo bājejwe kuyiteramira, no kwama bayikingura uko bukeye.
28
Kandi bamwe muri bo bāri bajejwe ibintu vy’ibikoreshwa; kuko vyāharūrwa iyo vyinjijwe n’iyo bisohowe.
29
Abandi muri bo bāri bajejwe ibintu vy’imbombovu, n’ibikoreshwa vyose vy’ Ahēra, bo n’amafu agogōretse, na vino, n’amavuta ya elayo, n’imibavu, n’ibindi bimoga.
30
Kandi bamwe bo mu bana b’abaherezi ni bo bāvanga ibintu bimoga, bakabitunganya.
31
Umwe mu Balewi yitwa Matitiya, imfura ya Shalumu wo mu ba Kora, ni we yar’ ajejwe ivy’ udutsima dukarangwa.
32
Kandi bamwe muri bagenzi babo b’aba Kohati ni bo bāri bajejwe ivy’ imitsima y’ibiterekerwa, bakāma bayīteguye ukw isabato itashe.
33
Abo ni bo baririmvyi, bār’ abakuru mu mazu ya ba sekuruza b’Abalewi, kandi bāba mur’ utwo twumba two ku rusengero, ata kindi gikorwa bakora, kukw igikorwa cabo bāgikora ku murango no mw ijoro.
34
Bār’ abakuru mu mazu ya ba sekuruza b’Abalewi, uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana, abantu b’abashingantahe bakomeye; bāba i Yerusalemu.
35
Yeyeli se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni nyene; umugore wiwe yitwa Mayaka.
36
Imfura yiwe ni Abudoni, agakurikirwa na Suri na Kishi na Bayali na Neri na Nadabu,
37
na Gedori na Ahiyo na Zekari na Mikuloti.
38
Mikuloti avyara Shimeyamu. Abo na bo bābana n’abo b’i wabo i Yerusalemu, babangikanye.
39
Kandi Neri avyara Kishi, Kishi avyara Sauli, Sauli avyara Yonatani na Malikishuwa na Abinadabu na Eshibayali.
40
Umuhungu wa Yonatani ni Meribu‐bayali; Meribu‐bayali avyara Mika.
41
Bene Mika ni Pitoni na Meliki na Tareya na Ahazi.
42
Ahazi avyara Yara; Yara avyara Alemeti na Azimaveti na Zimuri; Zimuri avyara Moza.
43
Moza avyara Bineya; mwene Bineya ni Refaya, mwene Refaya ni Eleyasa, mwene Eleyasa ni Asela.
44
Kandi Asela yar’ afise abahungu batandatu, amazina yabo n’aya: Azirikamu na Bokeru na Ishimayeli na Sheyariya na Obadiya na Hanani. Abo ni bo bene Asela.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29