bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 21
1 Chronicles 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 22 →
1
Bukeye Satani ahagurukira Abisirayeli, asunika Dawidi ngw abaharūre.
2
Maze Dawidi abarira Yowabu n’abagabisha b’ ingabo, ati Ni mugende muharūre Abisirayeli muhereye i Beri‐sheba mugashitsa i Dani, muheze mubingarukanire, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.
3
Yowabu aramwishura, at’ Uhoraho n’agwiririkanye abantu biwe, barute uko bari basanzwe bangana ibihetangabo ijana; ariko ga mwami wanje nyen’ ingoma, abo bose ntibār’ abantu bawe? None n’iki kiguteye kugomba ikintu nk’ico ga mwami wanje? N’iki gitumye ukwegera Abisirayeli?
4
Arikw ijambo ry’umwami rinesha irya Yowabu. Nuko Yowabu aragenda, anyuragira mu Bgisirayeli hose, araheza agaruka i Yerusalemu.
5
Bukeye Yowabu ashikiriza Dawidi igitigiri c’abantu bāharūye: Abisirayeli bose bazi kurwanisha inkota bār’ ibihumbi igihumbi n’ibindi bihumbi ijana; Abayuda na bo bār’ ibihumbi amajana ane na mirongwirindwi, abazi kurwanisha inkota nyene.
6
Arikw Abalewi n’Ababenyamini ntiyabaharūyemwo, kukw ijambo ry’umwami ryari ryamutuntuje.
7
Maz’ ico kintu gitera Imana umwikomo, ni co catumye ihana Abisirayeli.
8
Nuko Dawidi abarira Imana, ati Nācumuye cane ku vyo nakoze ivyo; ariko none, ndakwinginze, kūrah’ ibigabitanyo vyanje, jewe umusavyi wawe, kuko nakoze ivy’ ubujuju rwose.
9
Uhoraho abarira Gadi, kamenyi wa Dawidi,
10
ati Genda ubarire Dawidi, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ut’ Agushize imbere ibihano bitatu; uti Hitamwo kimwe muri vyo; ut’ Abe ari co aguhanisha.
11
Nuko Gadi aja kwa Dawidi, aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Hitamw’ ico ugomba;
12
ar’ imyaka itatu y’ inzara, cank’ amezi atatu yo kugesezwa n’abansi banyu, inkota yabo ikabashikako, cank’ imisi itatu mutewe n’inkota y’Uhoraho, ari yo kīza kizoba giteye mu gihugu, umumarayika w’Uhoraho akagenda ageseza hose mu gihugu c’i Bgisirayeli. None rero vuga ico nja kwishura Iyantumye.
13
Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni mpfume nkorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi cane; ariko noye gukorokera mu maboko y’ abantu.
14
Nuk’ Uhoraho atērēra Abisirayeli ikīza, hapfa abagabo mu Bisirayeli ibihumbi mirongwirindwi.
15
Imana ituma umumarayika i Yerusalemu ngw ahageseze; maz’ akigira ngw ahageseze, Uhoraho aravyitegereza, arīgarura, abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’ Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Orunani Umuyebusi.
16
Dawidi yunamuye amaso, abona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu kirēre, hagati y’isi n’ijuru, asokōye inkota ayibanguriye Yerusalemu. Maze Dawidi n’abakuru, bambaye amagunira, baca barapfukama, barūnama.
17
Dawidi abarira Imana, ati None si jewe nageze kw abantu baharūrwa? Erega ni jewe nacumuye, ni jewe nakoze nabi; arikw izi ntama zo zakoze iki? Ndakwinginze, Uhoraho Mana yanje, ukuboko kwawe abe ari jewe kurwanya, bo n’inzu ya data; ariko kwoye kurwanya abantu bawe, ngw ikīza abe ari bo gitera.
18
Maz’ uwo mumarayika w’ Uhoraho abarira Gadi ngw abgire Dawidi, adūge yubakire Uhoraho igicaniro ku mbuga ya Orunani Umuyebusi.
19
Nuko Dawidi yumvise ijambo rya Gadi, iryo yamubariye mw izina ry’Uhoraho, aradūga.
20
Orunani akebutse, abona uwo mumarayika; abahungu biwe ukw ari bane baca barinyegeza. Kandi Orunani yarikw arahūra ingano.
21
Nuko Dawidi aja kwa Orunani; Orunani agize ngw ararāba, abona Dawidi; ava ku mbuga, arenga irembo, akubita inkoro hasi imbere yiwe, aramwunamira.
22
Maze Dawidi abarira Orunani, ati Mpa aha hantu har’ ikibuga, ndahubakire Uhoraho igicaniro; tuhagure igiciro kihamaze, kugira ngw ikīza kive mu bantu.
23
Orunani yishura Dawidi, ati N’uhatware mwami wanje nyen’ ingoma, uhagire uk’ ugomba; rāba nguhaye n’ inka kw ibimazi vyo kwosa, n’ibisekuzo zikoresha mubigire inkwi, n’ingano kw ishikanwa ry’amafu; vyose ndabitanze.
24
Umwami Dawidi yishura Orunani, ati Na mba: turabigura, nguhe igiciro bimaze cose; singomba gutwara ivyawe ngw abe ari vyo nshikanira Uhoraho, canke ngo ndamwosereze ibimazi ata co binkeheje.
25
Nuko Dawidi agura ico kibanza na Orunani, amugerera izahabu ku munzane irivye shekeli amajana atandatu.
26
Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ ibimazi vy’ishimwe, yambaza Uhoraho; Uhoraho amwishurisha kurekura umuriro, utibukira kur’ ico gicaniro yosherejekw ibimazi.
27
Maz’ Uhoraho abarira uwo mumarayika, asubiza inkota yiwe mu rwubati.
28
Kuva ico gihe Dawidi ashikanira ibimazi kur’ iyo mbuga ya Orunani Umuyebusi, kuko yabonye k’Uhoraho ari ho yamwishuriye.
29
Kukw ihema ry’Uhoraho Mose yakoreye mu bugaragwa, n’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, vyari ku mpinga y’umusozi Gibeyoni.
30
Ariko Dawidi ntiyubahuka kuja imbere y’ico gicaniro ngw asiguze Imana, kuko yatinya inkota y’umumarayika w’ Uhoraho.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29