bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 6
1 Chronicles 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 7 →
1
Bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari.
2
Bene Kohati ni Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli.
3
Bene Amuramu ni Aroni na Mose na Miriyamu. Bene Aroni ni Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.
4
Eleyazari avyara Finehasi, Finehasi avyara Abishuwa;
5
Abishuwa avyara Buki, Buki avyara Uzi;
6
Uzi avyara Zerahiya, Zerahiya avyara Merayoti;
7
Merayoti avyara Amariya, Amariya avyara Ahitubu;
8
Ahitubu avyara Sadoki, Sadoki avyara Ahimasi;
9
Ahimasi avyara Azariya, Azariya avyara Yohanani;
10
Yohanani avyara Azariya (uwo ni we yakora igikorwa c’ubuherezi mu ngoro Salomo yubatse i Yerusalemu).
11
Azariya avyara Amariya, Amariya avyara Ahitubu;
12
Ahitubu avyara Sadoki, Sadoki avyara Shalumu;
13
Shalumu avyara Hilukiya, Hilukiya avyara Azariya;
14
Azariya avyara Seraya, Seraya avyara Yehozadaki;
15
Yehozadaki yambukanywe ar’ inyagano, igihe Uhoraho yatuma Nebukadineza kujana ab’ i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ar’ inyagano.
16
Bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari.
17
Aya ni yo mazina ya bene Gerushoni: Libuni na Shimeyi.
18
Bene Kohati ni Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli.
19
Bene Merari ni Mahili na Mushi. Kand’ iyi ni yo miryango y’Abalewi, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari.
20
Aba Gerushoni, umuhungu wiwe ni Libuni, uwa Libuni ni Yahati, uwa Yahati ni Zima,
21
uwa Zima ni Yowa, uwa Yowa ni Ido, uwa Ido ni Zera, uwa Zera ni Yeyaterayi.
22
Aba Kohati, umuhungu wiwe ni Aminadabu, uwa Aminadabu ni Kora, uwa Kora ni Asiri;
23
uwa Asiri ni Elukana, uwa Elukana ni Ebiyasafu, uwa Ebiyasafu ni Asiri;
24
uwa Asiri ni Tahati, uwa Tahati ni Uriyeli, uwa Uriyeli ni Uziya, uwa Uziya ni Shauli.
25
Bene Elukana ni Amasayi na Ahimoti;
26
uwa Ahimoti ni Elukana, uwa Elukana ni Zofayi, uwa Zofayi ni Nahati;
27
uwa Nahati ni Eliyabu, uwa Eliyabu ni Yerohamu, uwa Yerohamu ni Elukana.
28
Bene Samweli, imfura yiwe ni Yoweli, uwa kabiri ni Abiya.
29
Aba Merari, umuhungu wiwe ni Mahili, uwa Mahili ni Libuni, uwa Libuni ni Shimeyi, uwa Shimeyi ni Uza;
30
uwa Uza ni Shimeya, uwa Shimeya ni Hagiya, uwa Hagiya ni Asaya.
31
Aba ni bo Dawidi yashizeho ngo baganze ivyo kuririmba mu ngoro y’Uhoraho, isandugu y’ Uhoraho imaze kuhahabga uburuhukiro,
32
bagashitsa igikorwa cabo co kuririmba imbere y’ihema, ari ryo hema ry’ibonaniro, gushitsa habonetse ingoro Salomo yubakiye Uhoraho i Yerusalemu; bagakora igikorwa cabo bakūranwa, nk’ukw ibihe vyabo biri.
33
Aba ni bo bākora ico gikorwa, bo n’ abana babo: mu ba Kohati ni Hemani umuririmvyi, mwene Yoweli, Yoweli wa Samweli;
34
Samweli wa Elukana, Elukana wa Yerohamu, Yerohamu wa Eliyeli, Eliyeli wa Towa;
35
Towa wa Sufi, Sufi wa Elukana, Elukana wa Mahati, Mahati wa Amasayi;
36
Amasayi wa Elukana, Elukana wa Yoweli, Yoweli wa Azariya, Azariya wa Zefaniya;
37
Zefaniya wa Tahati, Tahati wa Asiri, Asiri wa Ebiyasafu, Ebiyasafu wa Kora;
38
Kora wa Isuhari, Isuhari wa Kohati, Kohati wa Lewi, Lewi wa Isirayeli.
39
Hāri na Asafu mugenzi we, yahagarara i buryo bgiwe; Asafu uwo, ni we mwene Berekiya, Berekiya wa Shimeya;
40
Shimeya wa Mikayeli, Mikayeli wa Bayaseya, Bayaseya wa Malukiya;
41
Malukiya wa Etuni, Etuni wa Zera, Zera wa Adaya;
42
Adaya wa Etani, Etani wa Zima, Zima wa Shimeyi;
43
Shimeyi wa Yahati, Yahati wa Gerushoni, Gerushoni wa Lewi.
44
Kand’ i bumoso bgabo hāri bagenzi babo bo mu ba Merari; Etani mwene Kishi, Kishi wa Abudi, Abudi wa Maluki;
45
Maluki wa Hashabiya, Hashabiya wa Amaziya, Amaziya wa Hilukiya;
46
Hilukiya wa Amusi, Amusi wa Bani, Bani wa Shemeri;
47
Shemeri wa Mahili, Mahili wa Mushi, Mushi wa Merari, Merari wa Lewi.
48
Kand’ abandi bagenzi babo b’Abalewi bāri bashizweho gukora ibikorwa vyose vy’iryo hema, ari yo ngoro y’Imana.
49
Ariko Aroni n’abana biwe, ivyabo kwar’ ukwosa ibimazi ku gicaniro vyoserezwako, no kwosa imibavu ku gicaniro cayo, bagakora ibikorwa vyose vy’Ahēra cane, bagatangira Abisirayeli impongano, vyose babigenjeje nk’uko Mose umusavyi w’Imana yageze.
50
Aba ni bo ba Aroni: umuhungu wiwe ni Eleyazari, uwa Eleyazari ni Finehasi, uwa Finehasi ni Abishuwa;
51
uwa Abishuwa ni Buki, uwa Buki ni Uzi, uwa Uzi ni Zerahiya;
52
uwa Zerahiya ni Merayoti, uwa Merayoti ni Amariya, uwa Amariya ni Ahitubu;
53
uwa Ahitubu ni Sadoki, uwa Sadoki ni Ahimasi.
54
Aha ni ho bāhawe ho kuba, nk’ukw amatongo yabo ari mu ntāra zabo: mu mazu y’Abakohati, aba Aroni ni bo ubupfindo bgatanguye kwerekana;
55
babaha Heburoni mu ntāra y’Abayuda, n’amaragiro ahakikije;
56
arikw indimiro zo kur’ ico gisagara, n’ imihana ihakūkira, babiha Kalebu mwene Yefune.
57
Kand’ aba Aroni babaha n’ibisagara vy’ubuhungiro: i Heburoni nyene, n’i Libuna n’amaragiro yaho, n’i Yatiri, n’i Eshitemowa;
58
n’i Hilene, n’i Debira;
59
n’i Ashani, n’i Beti‐shemeshi, bo n’amaragiro bigendanye;
60
kandi ku bisagara vy’umuryango w’Ababenyamini batanga Geba n’i Alemeti n’i Anatoti, bo n’amaragiro bigendanye. Ibisagara vyabo vyose na vyose, guhetūra amazu yabo, vyar’ icumi na bitatu.
61
Kand’ abandi bo mu ba Kohati, ibisagara bāhawe n’ubupfindo vyar’ icumi, vyākūwe ku vy’umuryango w’ Abefurayimu no ku vy’uw’ Abadani, no ku vy’igihimba c’umuryango w’Abamanase.
62
Aba Gerushoni, nk’ukw amazu yabo ari, bahabga ibisagara cumi na bitatu, bikūwe ku vy’ umuryango w’Abisakari no ku vy’ uw’ Abasheri no ku vy’uw’ Abanafutali no ku vy’uw’ Abamanase i Bashani.
63
Aba Merari, nk’ukw amazu yabo ari, ibisagara bāhawe n’ubupfindo vyar’ icumi na bibiri, vyākūwe ku vy’umuryango w’Abareyubeni no ku vy’uw’ Abagadi no ku vy’uw’ Abazebuloni.
64
Uko ni kw Abisirayeli bāhaye Abalewi ibisagara, bo n’amaragiro bigendanye.
65
Kandi babahesha ubupfindo ivyo bisagara vyadōnzwe amazina, bikūwe ku vy’umuryango w’Abayuda no ku vy’uw’ Abasimeyoni no ku vy’uw’ Ababenyamini.
66
Kand’ amazu amwe y’aba Kohati bari bafise ibisagara mu ntāra yabo bikūwe ku vy’umuryango w’Abefurayimu.
67
Babaha n’ibisagara vy’ubuhungiro, babaha Shekemu n’amaragiro yaho mu mugamba w’Abefurayimu nyene, bo n’i Gezeri n’amaragiro yaho,
68
na Yokimeyamu na Beti‐horoni,
69
na Ayaloni na Gatirimoni, bo n’amaragiro bigendanye.
70
Ku vy’igihimba c’umuryango w’Abamanase babaha Aneri n’amaragiro yaho, na Bileyamu n’amaragiro yaho, ngo bibe ivy’ amazu asigaye y’aba Kohati.
71
Aba Gerushoni bahabga ibisagara bikūwe ku vy’igihimba c’ umuryango w’Abamanase nyene, ni vyo ibi: Golani i Bashani n’ amaragiro yaho, na Ashitaroti n’ amaragiro yaho;
72
ku vy’umuryango w’Abisakari babaha Kedeshi na Daberati,
73
na Ramoti na Anemu, bo n’amaragiro bigendanye;
74
ku vy’umuryango w’Abasheri babaha Mashali na Abudoni,
75
na Hukoki na Rehobu, bo n’amaragiro bigendanye;
76
ku vy’umuryango w’Abanafutali babaha Kedeshi i Galilaya na Hamoni na Kiriyatayimu, bo n’amaragiro bigendanye.
77
Aba Merari basigaye bahabga ibisagara bikūwe ku vy’umuryango w’Abazebuloni, ni vyo ibi: Rimono n’amaragiro yaho, na Tabori n’amaragiro yaho;
78
kandi hakurya ya Yorodani, ku ruhande rw’i burasirazuba, aharābana n’i Yeriko, bahabga ibisagara ku vy’ umuryango w’Abareyubeni, ni vyo ibi: Beseri ho mu bugaragwa, na Yahasi,
79
na Kedemoti na Mefati, bo n’amaragiro bigendanye;
80
ku vy’umuryango w’Abagadi bahabga Ramoti i Gileyadi na Mahanayimu,
81
na Heshiboni na Yazeri, bo n’amaragiro bigendanye.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29