bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 11
1 Chronicles 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 12 →
1
Bukeye Abisirayeli bose bakoranira hamwe i Heburoni, baja kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’ amaraso amwe.
2
Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho Imana yawe yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.
3
Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuko Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’ Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavugiye muri Samweli.
4
Maze Dawidi n’Abisirayeli bose baja gutera i Yerusalemu, ari ho i Yebusi, kand’ Abayebusi, ari bo nyene b’inyamo z’ico gihugu, ni ho bāba.
5
Maz’ ab’i Yebusi babarira Dawidi, bati Ntuzopfa ushitse ngaha. Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.
6
Maze Dawidi aravuga, at’ Ūzotanga abandi kunesha Abayebusi ni we azoba umukuru n’umugabisha. Maze Yowabu umwana wa Seruwiya aradūga, atanga abandi kubashikīra, aca amugira mukuru.
7
Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, ni co catumye bahīta Umurwa wa Dawidi.
8
Yubaka ico gisagara hirya no hino yawo, uhereye ku ruzitiro rw’i Milo n’impande zose; Yowabu na we asana ibice vyaco vyari bisigaye.
9
Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yari kumwe na we.
10
Aba ni bo bāsumba abandi mu bahizi ba Dawidi, bakerekana ubuhizi bgabo kuri we, bagashigikira ingoma yiwe, bagafatanya n’Abisirayeli bose kumwimika, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavuze ku Bisirayeli.
11
Ngaba abahizi Dawidi yar’ afise, nk’ukw igitigiri cabo kiri. Yashobeyamu Umunyahakimoni, ni we yar’ umukuru wa bamwe batatu; ni we yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, abahindikiranya umusi umwe.
12
Uwa kabiri kuri we muri ba bahizi batatu ni Eleyazari mwene Dodo Umwahohi.
13
Yari kumwe na Dawidi i Pasi‐damimu, igihe Abafilisitiya bakoraniyeyo babateye, barumanira ku murima wa sayiri; nukw ingabo zihunga Abafilisitiya.
14
Ariko bo bīhagararira muri wa murima, barawurwanira, bica Abafilisitiya; nuk’ Uhoraho atanga intsinzi ikomeye, arabakiza.
15
Umusi ur’ izina batatu bo muri bamwe mirongwitatu b’abahizi baramanuka, baja kuri ca gitandara iyo Dawidi ari, muri rya senga ry’i Adulamu; kand’ ingabo z’Abafilisitiya zari zishagaje ku mwonga Refayimu.
16
Ico gihe Dawidi yari mw isenga, kandi hār’ insago z’Abafilisitiya i Betelehemu.
17
Dawidi yumva akumbuye amazi yaho; aravuga, at’ Icompa nkabona uwompa ku mazi y’iriba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, nkayanywa!
18
Maze bamwe batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.
19
Aravuga, ati Mana yanje, ntibikabeho ko nokora ntyo! Ndābe nnywe amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo? Kuko mu kuyazana bahevye amagara yabo. Ni co catumye yanka kuyanywa. Ivyo ni vyo vyakozwe na ba bandi batatu b’abahizi.
20
Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.
21
Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, bituma agirwa umukuru wabo. Ariko rero ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere.
22
Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.
23
Yishe n’Umunyegiputa, kandi yar’ umugabo muremure cane, uburebure bgiwe bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora; uwo Munyegiputa yar’ afise icumu mu minwe, uruti rwaryo rwāngana n’umwaro ujishirwakw impuzu; ariko we amanuka iy’ ari atwaye ubuhiri gusa; amushikura iryo cumu, ararimwicisha.
24
Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze, aronka izina rya rurangiranwa muri ba bahizi mirongwitatu.
25
Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, ariko ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere. Maze Dawidi amugira umukuru w’abashibamyi biwe.
26
Kand’ abahizi bo mu ngabo ziwe bar’ aba: Asaheli murumuna wa Yowabu, na Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu;
27
na Shamoti w’i Harori, na Helezi w’i Peloni;
28
na Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa, na Abiyezeri w’i Anatoti;
29
na Sibekayi w’i Hushati, na Ilayi w’i Ahohi;
30
na Maharayi w’i Netofati, na Heleda mwene Bayana w’i Netofati nyene;
31
na Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya h’Ababenyamini, na Benaya w’i Piratoni;
32
na Urayi wo ku migezi y’i Gashi, na Abiyeli w’i Arubati;
33
na Azimaveti w’i Bahurimu, na Eliyaba w’i Shaliboni;
34
na bene Hashemu w’i Gizoni, na Yonatani mwene Shage w’i Harari;
35
na Ahiyamu mwene Sakari w’i Harari nyene, na Elifali mwene Uri;
36
na Heferi w’i Mekerati, na Ahiya w’i Peloni;
37
na Hesiro w’i Karumeli, na Narayi mwene Ezubayi;
38
na Yoweli murumuna wa Natani, na Mibuhari mwene Hagiri;
39
na Seleki Umwamoni, na Naharayi w’i Beroti, ari we yatwaza Yowabu umwana wa Seruwiya ibirwanishwa;
40
na Ira w’i Ituri, na Garebu w’i Ituri nyene;
41
na Uriya Umuheti, na Zabadi mwene Ahulayi,
42
na Adina mwene Shiza Umureyubeni, yar’ umukuru mu Bareyubeni, kandi yari n’abantu mirongwitatu bari kuri we;
43
na Hanani mwene Mayaka, na Yoshafati w’i Mituni;
44
na Uziya w’i Ashiterati, na Shama na Yeyeli bene Hotamu w’i Aroweri;
45
na Yediyayeli mwene Shimuri, na murumuna we Yoha w’i Tisi;
46
na Eliyeli w’i Mahavi na Yeribayi na Yoshaviya bene Elunamu, na Ituma w’Umunyamowabu;
47
na Eliyeli na Obedi, na Yasiyeli w’i Mezoba.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29