bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 28
1 Chronicles 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 29 →
1
Dawidi akoranya abaganwa bose b’Abisirayeli, abaganwa b’imiryango, n’abagabisha b’ingabo zigenda zikūranwa gusasa i bgami, n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana, n’abakuru bāri bajejwe itunga n’amasho vyiwe n’abana biwe, n’abantu b’inkone, n’abahizi, mbere n’abantu bose b’intōre; abakoraniriza i Yerusalemu.
2
Maz’ umwami Dawidi arahaguruka, aravuga, ati Ni muntege amatwi, bagenzi banje kandi bantu banje; nari mbisanganywe mu mutima kuzokwubakira isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ingoro y’uburuhukiro, ngw iz’ ibēre Imana yacu indava y’ah’ ishira ibirenge; kandi nari niteguye kwubaka.
3
Arikw Imana irambarira, iti Si wewe uzokwubakira izina ryanje ingoro, iti Kuk’ ur’ umunyentambara, wagiye uvisha amaraso.
4
Ariko rer’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni jewe yarobanuye mu bo mu nzu ya data bose, ngo mbe umwami w’ Abisirayeli ibihe vyose; kuko yatoranije Yuda, ikamugira umukuru; kandi mu muryango wa Yuda igatoranyamwo inzu ya data; kandi mu bahungu biwe ikaba ari jewe yashimye kugira umwami w’Abisirayeli mwese.
5
None mu bahungu banje bose (kandi muzi yuk’ Uhoraho yampaye benshi), yatoranijemw’ umuhungu wanje Salomo kuba ari we azovyagira ku ntebe y’ubgami bg’ Uhoraho, akaganza Abisirayeli.
6
Yarambariye, ati Salomo umuhungu wawe ni we azonyubakira ingoro n’urugo rwanje, ati Kuko namutoranije ngw abe umwana wanje, nanje mbe Se.
7
Ati Kandi nzokomeza ingoma yiwe gushitsa ibihe vyose, ni yagira umwete wo kwitondera ivyagezwe vyanje n’amatēka nashinze, nk’ukw ameze ubu.
8
None rero, mbabaririye imbere y’Abisirayeli bose, ari ryo koraniro ry’Uhoraho, n’ Imana yacu iravyumva: mukwiye kwitondera ivyagezwe vyose vy’ Uhoraho Imana yanyu, mubishirekw imitima, kugira ngo mubone kwamana iki gihugu ciza, muze mukirage n’abana banyu bazovuka hanyuma, ngo kibabere ishamvu ibihe vyose.
9
Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.
10
Nuko rero wirinde; kukw ari wewe Uhoraho yatoye kwubaka ingoro ngw imubere ahēra; nuko kovya, ukore.
11
Maze Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo icitegererezo c’urubaraza rw’urusengero, n’ic’ inyubako yarwo, n’ic’ ububīko bgarwo, n’ic’ ivyumba vyarwo vyo hejuru, n’ivyo muri rwo imbere, n’ic’ ikibanza ca wa mutemere wo guhongerako;
12
n’icitegererezo c’ivyo yiyumviriye vyose ku vy’urugo rw’intangāro n’inyubakwa vyo ku ngoro y’Uhoraho, no ku vy’utwumba twose tuyikīkūje, no ku vy’ ububīko vyo kur’ iyo ngoro y’Imana, n’ububīko bg’ibintu vyeguriwe Uhoraho;
13
no ku vy’imbu z’abaherezi n’iz’ Abalewi, n’ibikorwa vyose uko bizokorerwa mu ngoro y’Uhoraho, no ku vy’ibintu vyose vy’imbombovu bizokoreshwa muri yo;
14
ivy’ amazahabu, amugereraniriza ukw amazahabu yo kubicurishamwo akwiye kungana, n’uko bikwiye kuzokoreshwa kwose; ivy’ amafeza na vyo, amugereraniriza ukw amafeza yo kubicurishamwo akwiye kungana, n’uko bikwiye kuzokoreshwa kwose;
15
kand’ amugereraniriza amazahabu yo kuzocurishamw’ ibiterekwakw amatara, bo n’amatara yavyo; igitereko cose n’amatara yaco, amugereraniriza urugero rw’ amazahabu azokoresha; no ku vy’ibitereko vy’ifeza, amugereraniriza amafeza yo kuzocurishamw’ igitereko cose n’amatara yaco, nk’ukw igikorwa c’igitereko cose kiri.
16
Kand’ amugereraniriza urugero rw’ amazahabu yo kuzocurishamw’ ameza y’imitsima y’ibiterekerwa, ukw ameza amwe‐amwe ameze; n’ amafeza yo kuzocurishamw’ ameza y’amafeza nyene;
17
amuha n’ icitegererezo c’ibintu vyo kwōkōza inyama, n’imibehe n’ibikombe, uko bizocurwa mw izahabu iramuye, amugereraniriza n’urugero rw’ amazahabu yo kuzocurishamw’ inzavya zose, n’urw’ amafeza yo kuzocurishamw’ inzavya z’amafeza nyene;
18
n’urugero rw’izahabu iramuye yo kuzokoramw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu; amuha n’icitegererezo c’ umukogote w’izahabu, ari wo bishushanyo vy’abakerubi bashanje amababa bagatera igitūtu isandugu y’isezerano ry’Uhoraho.
19
Dawidi aravuga, at’ Ivyo vyose nabimenyeshejwe n’ivyanditswe nahawe, bivuye mu kuboko kw’ Uhoraho, ivyo ni vyo bikwiye gukorwa nk’ukw iki citegererezo cavyo kimeze.
20
Maze Dawidi abarira Salomo umuhungu wiwe, ati Shikama, ushire amanga, ubikore. Ntutinye, nturanduke umutima, kuk’ Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, azoba ari kumwe nawe; ntazoguhemukira, ntazoguta, gushitsa ah’ ibikorwa vyose bizokorwa kur’ iyo ngoro y’Uhoraho bizorangirira.
21
Kand’ ehe rāba, hashinzwe n’imbu z’abaherezi n’ Abalewi z’ibikorwa vyose vy’ingoro y’Imana; kand’ umuntu wese abikunze, kandi w’umuhinga wo gukora igikorwa ic’ ari co cose, azofatanya nawe mur’ ico gikorwa cose; kand’ abashingantahe n’ abantu bose bazohora biteguye kukwumvira rwose.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29