bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 24
1 Chronicles 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 25 →
1
Imice aba Aroni bāgizwemwo n’iyi: bene Aroni bāri Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.
2
Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi nta bana bāsize; nuko Eleyazari na Itamari ni bo bahawe igikorwa c’ ubuherezi.
3
Dawidi afatanya na Sadoki wo mu bākomōtse kuri Eleyazari na Ahimeleki wo mu bākomōtse kuri Itamari, agabanganya aba Aroni mu mice, nk’ukw ibikorwa bahawe gukora bingana.
4
Mu bākomōtse kuri Eleyazari amazu ya ba sekuruza yari menshi kuruta ayo mu ba Itamari, nuko babashira kubiri ben’ uku: mu ba Eleyazari abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza baba icumi na batandatu, mu ba Itamari baba umunani.
5
Nuko babagabanganisha ubupfindo, ata gusumbanya, kuko, ari mu ba Eleyazari, ari mu ba Itamari, hāgenda habamw’ abakuru bakorera Ahēra, n’abakuru bakorera Imana.
6
Nuko Shemaya umukarani, mwene Netaneli, Umulewi, abandikira imbere y’umwami n’abakuru, n’imbere y’umuherezi Sadoki na Ahimeleki mwene Abiyatari, n’imbere y’abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’abaherezi n’ ab’ Abalewi: ubupfindo bgagenda butanisha imbu kwerekana inzu imwe‐imwe mu ba Eleyazari, n’ imwe‐imwe mu ba Itamari, birtyo birtyo.
7
Ubupfindo bga mbere bgerekana Yehoyaribu, ubga kabiri Yedaya;
8
ubga gatatu Harimu, ubga kane Seyorimu;
9
ubga gatanu Malukiya, ubga gatandatu Miyamini;
10
ubg’ indwi Hakosi, ubg’ umunani Abiya;
11
ubg’ icenda Yeshuwa, ubg’ icumi Shekaniya;
12
ubg’ icumi na rimwe Eliyashibu, ubg’ icumi na kabiri Yakimu;
13
ubg’ icumi na gatatu Hupa, ubg’ icumi na kane Yeshebeyabu;
14
ubg’ icumi na gatanu Biluga, ubg’ icumi na gatandatu Imeri;
15
ubg’ icumi n’indwi Heziri, ubg’ icumi n’umunani Hapisesi;
16
ubg’ icumi n’icenda Petahiya, ubga mirongwibiri Yehezekeli;
17
ubga mirongwibiri na rimwe Yakini, ubga mirongwibiri na kabiri Gamuli;
18
ubga mirongwibiri na gatatu Delaya, ubga mirongwibiri na kane Mahaziya.
19
Uko ni kw imbu zabo zākurikirana zo gukora, uko bāgenda baja mu ngoro y’Uhoraho, nk’ukw icagezwe bāhawe na Aroni sekuruza wabo cāshinze, nk’uk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yari yaramugeze.
20
Ngaba abakuru bo mu Balewi bandi: mu ba Amuramu ni Shubayeli, mu ba Shubayeli ni Yehodeya;
21
ku vya Rehebiya, mu bana biwe Ishiya ni we yar’ umukuru;
22
mu ba Isuhari ni Shelomoti; mu ba Shelomoti ni Yahati;
23
mu ba Heburoni, uwa mbere ni Yeriya, uwa kabiri ni Amariya, uwa gatatu ni Yahaziyeli, uwa kane ni Yekameyamu;
24
mu ba Uziyeli ni Mika; mu ba Mika ni Shamiri;
25
murumuna wa Mika ni Ishiya; mu ba Ishiya ni Zekariya;
26
bene Merari ni Mahili na Mushi; mu ba Yahaziya ni Beno;
27
mu ba Merari, aba Yahaziya ni Beno na Shohamu na Zakuri na Iburi;
28
uwa Mahili yari Eleyazari, ariko nta bana b’abahungu yar’ afise;
29
ku vya Kishi, uwo mu bana biwe ni Yerameyeli;
30
bene Mushi bāri Mahili na Ederi na Yerimoti. Abo ni bo Balewi, nk’ ukw amazu ya ba sekuruza ari.
31
Abo na bo bāpfinda ubupfindo nk’ukw ab’ i wabo bo mu ba Aroni bākoze, bapfindira imbere y’umwami Dawidi n’imbere ya Sadoki na Ahimeleki n’imbere y’ abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’ abaherezi n’Abalewi; ukw abo mu mazu y’umukuru bāpfinda, ni kw abo mu mazu y’umutoya bāpfinda.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29