bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 13
1 Chronicles 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 14 →
1
Maze Dawidi aja inama n’ abagabisha bagaba ibihumbi n’abagaba amajana, mbere n’umukuru wese.
2
Dawidi abarira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ati Ni mwumva mubishimye, kandi namba bivuye k’Uhoraho Imana yacu, dutume hose kuri bagenzi bacu basigaye mu ntāra zose z’i Bgisirayeli, no ku baherezi n’Abalewi bari mu bisagara vyabo bifise amaragiro, kugira ngo bakoranire aho turi;
3
duheze tuje kugarukana isandugu y’Imana aho turi; kuko tutāyibabaye ku ngoma ya Sauli.
4
Nukw abahakoraniye bose baravyemera, kukw abantu bose bashimye iyo nama.
5
Nuko Dawidi akoranya Abisirayeli bose, uhereye kuri Shihori, uruzi rwa Egiputa, ugashitsa ahafata i Hamati, kugira ngo baje i Kiriyati‐yeyarimu gukūray’ isandugu y’Imana.
6
Nukw adūgana n’Abisirayeli bose, baja i Bayala, ari ho Kiriyati‐yeyarimu h’i Buyuda, kugira ngo bakūrey’ iyo sandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo ry’Uhoraho yama avyagiye ku bakerubi.
7
Nuko bakūra iyo sandugu y’ Imana kwa Abinadabu, bayishize ku mukogote musha; Uza na Ahiyo bayobora inka zikwega uyo mukogote.
8
Dawidi n’Abisirayeli bose bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Imana, baririmba, bavuza inanga n’amakembe n’udushāko tw’ingoma n’ ivyitwa matowazi n’inzumbete.
9
Maze bashitse ku mbuga ya Kidoni, Uza atuma ukuboko ngw asame iyo sandugu, kukw inka zari zitirimutse.
10
Maz’ uburake bg’ Uhoraho buziriringira Uza, aca amutsinda aho nyene, kuko yarāmvuye ukuboko ngw afate iyo sandugu; nukw agwa ngah’ imbere y’Imana.
11
Bibabaza Dawidi k’Uhoraho yahwikiye Uza; aho hantu haca hitwa Peres‐uza, kugeza na bugingo n’ubu.
12
Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Imana; aravuga, ati Mbega noshobora nte gutahana isandugu y’Imana?
13
Nuko Dawidi ntiyajana iyo sandugu i we ku murwa wiwe, arikw ayikebereza kwa Obed‐edomu w’Umunyegati.
14
Nukw iyo sandugu y’Imana imara amezi atatu mu nzu kwa Obed‐edomu, kand’ Uhoraho aha umugisha urugo rwa Obed‐edomu n’ivyo yar’ afise vyose.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29