bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 17
1 Chronicles 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 18 →
1
Nuko Dawidi amaze kwinjira ingoro yiwe, abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’isezerano ry’Uhoraho iba mw ihema gusa.
2
Natani yishura Dawidi, ati Kora nk’uko wumva ugomba kwose, kukw Imana iri kumwe nawe.
3
Arikw iryo joro nyene ijambo ry’Imana riza kuri Natani,
4
riti Genda ubgire umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, uti Nta nzu uzomwubakira yo kubamwo.
5
Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli gushitsa n’ubu, uti Yaba mw ihema akimukira mu rindi, yimuka mu rusago akaja mu rundi.
6
Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?
7
Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;
8
uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.
9
Uti Kand’ abantu biwe b’Abisirayeli azobagenera ahantu, ahababadike, bahībēre ar’ ahabo bgite, batazohimuka ukundi; uti Kand’ abantu b’ibirara ntibazosubira kubakubagura nk’ubga mbere,
10
nko mu bihe yaha abacamanza kuganza abantu biwe b’ Abisirayeli; uti Kand’ azomara igabo abansi bawe bose. Uti Mber’ Uhoraho arakubariye yukw azokugira igisata.
11
Uti Hanyuma imisi yawe ni yashika, ukaja kwisangira ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwe mu bana bawe, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.
12
Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.
13
Ut’ Azomubera se, na we amubere umwana; ut’ Ariko ntazomukūrakw imbabazi ziwe nk’uko yazikūye ku wagutanguriye;
14
uti Kand’ azomuha kwama ashikamye mu ngoro yiwe no mu bgami bgiwe ibihe vyose; uti Kand’ ingoma yiwe izohora ihangamye ibihe vyose.
15
Maz’ ayo majambo yose n’ ukwo kwerekwa kwose, Natani abidondera Dawidi.
16
Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, at’ Uhoraho Mana, mbega jewe n’inda n’indēsho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?
17
Kand’ ivyo kuri wewe vyari vyoroshe, Mana; ariko non’ uvuga n’ ivy’ inzu yanje jewe umusavyi wawe, vy’igihe kirekire kir’ imbere, ukandāba nk’aho nd’umuntu w’icubahiro cinshi, Uhoraho Mana.
18
Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki, ku vy’icubahiro ngiriwe? Kuk’ uranzi, jewe umusavyi wawe.
19
Ewe Uhoraho, ivyo vyose bikomeye wabikoze kubganje jewe umusavyi wawe, nk’uko wavyigombeye mu mutima wawe, kugira ng’ umenyekanishe ivyo bikomeye vyose.
20
Ewe Uhoraho, nta wuhwanye nawe, kandi nta yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.
21
Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe, Mana, wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye n’ibiteye ubgoba, ukirukana amahanga imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?
22
Kukw abantu bawe b’Abisirayeli wabagize abantu bawe wiharije ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.
23
Nuko none, Uhoraho, ijambo uvuze kuri jewe umusavyi wawe no ku nzu yanje ni rikomezwe ibihe vyose, kand’ ushitse ivyo uvuze.
24
Maz’ izina ryawe ni rikomezwe, rishemagizwe gushitsa ibihe bidashira, baze bavuge, bat’ Uhoraho Nyen’ ingabo ni yo Mana y’Abisirayeli, eka mbere ni yo Mana y’Abisirayeli; kandi n’inzu yanje, jewe umusavyi wawe Dawidi, izokwama itsindaje imbere yawe;
25
kuk’ umpishuriye, jewe umusavyi wawe, k’uzonyubakira inzu, ewe Mana yanje; ni co gitumye umusavyi wawe ntinyuka gusenga ntya imbere yawe.
26
Kandi none, Uhoraho, ni wewe Mana, kand’ unsezeraniye iryo jambo ryiza, jewe umusavyi wawe.
27
None rero, emera guha umugisha inzu y’umusavyi wawe, kugira ngw ihore ihamye imbere yawe ibihe vyose; kukw ari wewe, Uhoraho, uyihaye umugisha; nukw izokwamana umugisha ibihe vyose.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29