bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 23
1 Chronicles 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 24 →
1
Dawidi amaze gusāza, ageze mu zabukuru, yimika umuhungu wiwe Salomo, ngw abe umwami w’Abisirayeli.
2
Maze Dawidi akoranya abaganwa bose b’Abisirayeli, n’abaherezi n’Abalewi.
3
Maze baharūra Abalewi uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, igitigiri cabo uko baharūwe umwe‐umwe bār’ ibihumbi mirongwitatu n’umunani.
4
Aravuga, ati Kur’ abo, ibihumbi mirongwibiri na bine baze bashikirizwe igikorwa co ku ngoro y’ Uhoraho; abandi ibihumbi bitandatu baze babe abashingantahe n’ abacamanza;
5
abandi ibihumbi bine baze babe abashibamyi; n’ abandi ibihumbi bine nyene baze babe abo gutazira Uhoraho, bavuza ibintu nakoresheje vyo kuvuzwa ngo babimutazirishe.
6
Maze Dawidi abacamw’ ibice, akurikiye ukw abahungu ba Lewi bāri bari: aba Gerushoni n’aba Kohati n’aba Merari.
7
Bene Gerushoni bāri Ladani na Shimeyi.
8
Bene Ladani, umukuru yari Yehiyeli, agakurikirwa na Zetamu na Yoweli; n’abo ukw ari batatu.
9
Bene Shimeyi bāri Shelomoti na Haziyeli na Harani, ukw ari batatu. Abo ni bo bār’ abakuru bo mu mazu ya Ladani.
10
Bene Shimeyi bāri Yahati na Ziza na Yushi na Beriya; abo ukw ari bane bāri bene Shimeyi.
11
Yahati ni we yar’ umukuru, uwa kabiri yari Ziza; ariko Yushi na Beriya ntibāgira abana benshi, ni co catumye babasokanya, bakabagira inzu imwe.
12
Bene Kohati bāri Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli, ukw ari bane.
13
Bene Amuramu bāri Aroni na Mose; kandi Aroni yari yarobanuwe kugira ngo yezwe, abe uwera cane, bo n’abahungu biwe, gushitsa ibihe vyose, ngo bame bosereza imibavu imbere y’Uhoraho, bamusukūrire, basabire abantu umugisha mw izina ryiwe ibihe vyose.
14
Ariko Mose umuntu w’Imana, abahungu biwe bo bāharūrwa mu muryango wa Lewi.
15
Bene Mose bāri Gerushomu na Eliyezeri.
16
Mu ba Gerushomu, Shebuweli ni we yari mukuru;
17
muri bene Eliyezeri, Rehabiya ni we yari mukuru; mbere Eliyezeri nta bandi bahungu yagira, ariko Rehabiya yar’ afise benshi cane.
18
Muri bene Isihari, Shelomiti ni we yari mukuru.
19
Muri bene Heburoni, Yeriya ni we yari mukuru, uwa kabiri ni Amariya, uwa gatatu ni Yahaziyeli, uwa kane ni Yekameyamu.
20
Muri bene Uziyeli, Mika ni we yari mukuru, uwa kabiri ni Ishiya.
21
Bene Merari bāri Mahili na Mushi. Bene Mahili bāri Eleyazari na Kishi.
22
Eleyazari apfa adasize agahungu, atar’ abakobga gusa; basāzābo bene Kishi barabarongora.
23
Bene Mushi bāri Mahili na Ederi na Yeremoti ukw ari batatu.
24
Abo ni bo bākomōtse kuri Lewi, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari; bābaharūye mu mazina umwe‐umwe bakurikiye ukw ayo mazu ya ba sekuruza ari. Ni bo bāgerewe kuzokora igikorwa co ku ngoro y’Uhoraho, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru.
25
Kuko Dawidi yari yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yahaye abantu biwe impore, kandi kukw azohora aba i Yerusalemu ibihe vyose,
26
Abalewi ntibazosubira kurinda kwikorera ihema n’ibintu vyose vy’ ibikoreshwa vyaryo.
27
Kubg’ ijambo ry’imperuka Dawidi yasize avuze, ni co catumye Abalewi baharūrwa uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru.
28
Igikorwa cabo kwar’ ugufasha aba Aroni mu vyo gukora mu ngoro y’Uhoraho, no mu nyubakwa no mu vyumba, no kwoza ibintu vyose vy’ivyera, n’ ikindi gikorwa ic’ ari co cose co mu ngoro y’Imana;
29
no gukora ivy’ imitsima y’ibiterekērwa, n’ivy’ amafu agogōretse yo gushikana kw ishikanwa ry’amafu, ar’ ishikanwa ry’udutsima tutambiwe, ar’ iry’ udukaranzwe, ar’ iry’ ifu ivangishijwe amavuta ya elayo, no kugeresha ingero, no kugeresha metero;
30
no kwama bahagarara mu gatondo bakengurukira Uhoraho bamutazira, no ku mugoroba n’uko,
31
no mu gihe co gutanga ibimazi vyose vyoserezwa Uhoraho, ari ku masabato, ari mu mboneko z’ ukwezi, ari ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw igitigiri c’ivyo bimazi cāshinzwe, bar’ imbere y’ Uhoraho na ntaryo;
32
no gukora ivyo bājejwe vy’ihema ry’ibonaniro, n’ivy’ Ahēra, n’ivya bene wabo aba Aroni, ngo bashitse igikorwa co mu ngoro y’Uhoraho.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29