bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 15
1 Chronicles 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 16 →
1
Bukeye Dawidi yiyubakira amazu ku murwa wiwe, atunganya n’ah’ isandugu y’Imana izoba, ayishingira ihema.
2
Aravuga, ati Ntihaze hagire umuntu wundi arerura isandugu y’Imana atar’ Abalewi, kukw ari bo Uhoraho yatoranije kwama bayirerura, no kumukorera imisi yose.
3
Nuko Dawidi akoraniriza Abisirayeli bose i Yerusalemu, kugira ngo baje kudūgana iyo sandugu y’ Uhoraho, bayishire ahantu hayo yayitunganirije.
4
Dawidi akoranya aba Aroni n’abandi Balewi.
5
Mu ba Kohati, Uriyeli ni we yar’ umukuru, bagenzi be bār’ ijana na mirongwibiri;
6
mu ba Merari, Asaya ni we yar’ umukuru, bagenzi be bār’ amajana abiri na mirongwibiri;
7
mu ba Gerushoni, Yoweli ni we yar’ umukuru, bagenzi be bār’ ijana na mirongwitatu;
8
mu ba Elisafani, Shemaya ni we yar’ umukuru, bagenzi be bār’ amajana abiri;
9
mu ba Heburoni, Eliyeli ni we yar’ umukuru, bagenzi be bāri mirongumunani;
10
mu ba Uziyeli, Aminadabu ni we yar’ umukuru, bagenzi be bār’ ijana n’icumi na babiri.
11
Maze Dawidi ahamagaza Sadoki na Abiyatari abaherezi, ahamagaza n’abo mu Balewi, Uriyeli na Asaya na Yoweli na Shemaya na Eliyeli na Aminadabu;
12
arababarira, ati Ni mwebge bakuru mu mazu ya ba sogokuruza b’Abalewi; nuko ni mwiyeze, mwe na bagenzi banyu, kugira ngo mubone kuja kudūgana isandugu y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, muyishire aho nayitunganirije;
13
kuko bga bundi mutāyireruye, ni co catumye Uhoraho Imana yacu aduhwikira, kuko tutayigenjeje nk’uko vyashinzwe.
14
Nukw abo baherezi n’Abalewi bariyeza, kugira ngo babone kudūgana iyo sandugu y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.
15
Bashitseyo, Abalewi barerura iyo sandugu y’ Imana, bashira iminiho yayo ku bitugu, nk’uko Mose yageze, bivuye kw ijambo ry’Uhoraho.
16
Maze Dawidi abarira abakuru bo mu Balewi gutora abaririmvyi mu b’i wabo, ngo bazane ivyo kuvuza, amakembe n’inanga n’ivyitwa matowazi, babivuze baririmbana umunezero.
17
Nukw Abalewi batora Hemani mwene Yoweli; no muri bagenzi be batora Asafu mwene Berekiya; no muri bagenzi babo b’aba Merari batora Etani mwene Kushaya;
18
hamwe na bo batora ivyungirizi vya kabiri, Zekariya na Yaziyeli na Shemiramoti na Yehiyeli na Uni na Eliyabu na Benaya na Mayaseya na Matitiya na Elifelehu na Mikuneya, bo n’abo gushibama, Obed‐edomu na Yeyeli.
19
Nukw abo baririmvyi, Hemani na Asafu na Etani, bavuza ivyitwa matowazi vy’imiringa;
20
Zekariya na Yaziyeli na Shemiramoti na Yehiyeli na Uni na Eliyabu na Mayaseya na Benaya bavugira amakembe mu kajwi karangurutse;
21
Matitiya na Elifelehu na Mikuneya na Obed‐edomu na Yeyeli na Azaziya bavugira inanga z’ijwi ritūza, bakaba ari bo batera indirimbo.
22
Kenaniya, umukuru w’Abalewi, ni we yaganza ivyo kuririmba; ni we yaririmbisha kuko yar’ umuhinga.
23
Berekiya na Elukana ni bo bār’ abashibamyi b’iyo sandugu.
24
Shebaniya na Yoshafati na Netaneli na Amasayi na Zekariya na Benaya na Eliyezeri abaherezi ni bo bāgenda bavuza inzumbete imbere y’iyo sandugu y’Imana; Obed‐edomu na Yehiya na bo bār’ abashibamyi b’iyo sandugu nyene.
25
Nuko Dawidi n’abakuru b’ Abisirayeli n’abagabisha bagaba ibihumbi baja kudūgana iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūra kwa Obed‐edomu banezerewe.
26
Maze babonye kw Imana ifashije Abalewi bareruye iyo sandugu y’isezerano ryayo, ari we Uhoraho, batanga amamasa ndwi n’amasuguru y’intama ndwi kw ibimazi.
27
Dawidi yari yambaye umwambaro wera derere; kand’ Abalewi bose bāri bareruye iyo sandugu, n’abaririmvyi, na Kenaniya yaganza ivyo kuririmba, na bo bari bambaye bartyo. Kandi Dawidi yari yambaye efodi yera derere.
28
Uko ni kw Abisirayeli bose bādūganye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba n’inzumbete n’ivyitwa matowazi, bavuza cane n’amakembe n’inanga.
29
Maz’ iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yiyereka yiginagura; amugayira mu mutima.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29