bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Chronicles 5
1 Chronicles 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 6 →
1
Aba ni bo bākomōtse kuri Reyubeni, imfura ya Isirayeli; ariko naho yar’ imfura, ubukuru bgiwe arabgākwa, kuko yūriye uburiri bga se, akabuhumanya, ubgo bukuru buhabga bene Yosefu, umwana wa Isirayeli nyene; yamara Yosefu ntiyatangurirwako nk’uw’ imfura, iyo bādōnda amazina yabo;
2
ubukuru bg’imfura bgar’ ubga Yosefu koko, ariko Yuda yar’ akomeye gusumba bene se, kandi kuri we ni ho handurutse segaba.
3
Nukw aba ni bo bana ba Reyubeni imfura ya Isirayeli: Hanoki na Palu na Hesironi na Karumi.
4
Aba ni bo bākomōtse kuri Yoweli: umuhungu wiwe ni Shemaya, uwa Shemaya ni Gogi, uwa Gogi ni Shimeyi,
5
uwa Shimeyi ni Mika, uwa Mika ni Reyaya, uwa Reyaya ni Bayali,
6
uwa Bayali ni Beyera; kandi Beyera, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri amujana ar’ inyagano; ni we yar’ umukuru wo mu ba Reyubeni.
7
Kandi bene wabo, ukw amazu yabo ari, uko bagiye baharūrwa nk’uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana, umukuru wabo ni Yeyeli, agakurikirwa na Zekariya,
8
na Bela mwene Azazi, Azazi wa Shema, Shema wa Yoweli; abo aho bāba, bāhēra i Aroweri ukarinda ushitsa i Nebo n’i Bayali‐meyoni;
9
bāhēra n’ahahera i burasirazuba, ukarinda ushitsa ku bugaragwa bugarukira ku ruzi Efurate, kukw amasho yabo yagenda agwirirana mu gihugu c’i Gileyadi.
10
Maze ku ngoma ya Sauli batera Abahaguri, barabageseza; baraheza binjira ingo zabo mur’ ico gihugu cose ahahera i burasirazuba bg’i Gileyadi.
11
Ab’ uruvyaro rwa Gadi bāri babangikanye na bo, aho bāba, bāhēra mu gihugu c’i Bashani, ukarinda ushitsa i Saleka;
12
Yoweli ni we yari mukuru muri bo, uwa kabiri ni Shafamu na Yanayi na Shafati aho nyene i Bashani;
13
n’abandi b’i wabo bo mu mazu ya ba sekuruza, ni bo aba: Mikayeli na Meshulamu na Sheba na Yorayi na Yakani na Ziya na Eberi, ukw ar’ indwi;
14
abo bāri bene Abihayili, Abihayili wa Huri, Huri wa Yarowa, Yarowa wa Gileyadi, Gileyadi wa Mikayeli, Mikayeli wa Yeshishayi, Yeshishayi wa Yahudo, Yahudo wa Buzi.
15
Kandi Ahi mwene Abudiyeli, Abudiyeli wa Guni, ni we yari mukuru mu nzu ya ba sekuruza.
16
Abo bāba i Gileyadi, n’i Bashani, no mu bisagara vyaho, n’ahār’ amaragiro hose i Sharoni gushitsa ah’ agarukira.
17
Abo bose bāraharūwe, uk’ urunganwe rwabo rwagiye rukurikirana; bāharūwe ku ngoma ya Yotamu umwami w’i Buyuda no ku ngoma ya Yerobowamu umwami w’Abisirayeli.
18
Mu Bareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, hārimw’ abantu b’intōre, bar’ abahinga bo gutwara inkinzo n’inkota no kurasana, b’abahinga bazi kurwana; bose na bose bār’ ibihumbi mirongwine na bine n’amajana ndwi na mirongwitandatu, bazi kurwana.
19
Bukeye batera Abahaguri na Yeturi na Nafisha na Nodabu;
20
maze batakambiye Imana mur’ iyo ntambara, irabumva kuko bayizigiye, irabatabara, igabura Abahaguri n’ abāri kumwe na bo bose mu maboko yabo;
21
banyaga amasho yabo, ingamiya ibihumbi mirongwitanu, n’intama ibihumbi amajana abiri na mirongwitanu, n’ indogoba ibihumbi bibiri; bafata mpiri abantu ibihumbi ijana.
22
Benshi muri bo bāguye mur’ iyo ntambara, kuko yarimw’ Imana. Baraheza basubira mu matongo yabo, gushitsa igihe bambukanywe ar’ inyagano.
23
Ab’ igihimba c’umuryango wa Manase bāba mur’ ico gihugu, uhereye i Bashani ugashitsa i Bayali‐herumoni n’i Seniri no ku musozi Herumoni, kandi bāri benshi cane.
24
Aba ni bo bār’ abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza: Efeli na Ishi na Eliyeli na Azuriyeli na Yeremiya na Hodaviya na Yahudiyeli; bār’ abahizi ba rurangiranwa, kandi bār’ abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza.
25
Hanyuma bacumura ku Mana ya ba sekuruza, bagenda nk’ibimaka bahurumbira ibigirwamana vy’amahanga yo mur’ ico gihugu, ayo Imana yaranduye imbere yabo.
26
Hanyuma iyo Mana, ari yo nyene y’Abisirayeli, ibavyukiriza Puli, umwami w’i Ashuri, hanyuma ibavyukiriza Tigulati‐pileseri, umwami w’i Ashuri nyene, abambukana ar’ inyagano, abo Bareyubeni n’Abagadi n’ab’ igihimba c’umuryango wa Manase abajana i Halaha n’i Habori n’i Hara no ku ruzi Gozani, babayo na bugingo n’ubu.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29