bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 10
Ezekiel 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 11 →
1
Maze ngize ntya mbona mw itāzānure ry’ijuru ryo hejuru y’imitwe ya ba bakerubi, haboneka igisa n’ibuye ryitwa safiro, kimeze nk’igisa n’intebe y’ubgami.
2
Maz’ Uhoraho abarira wa muntu yambaye impuzu zera, ati Genda uce hagati ya ya makurudumu yizinguriza, musi y’umukerubi, wuzuze amashi yawe yompi amakara yaka, uyakūye hagati y’abakerubi, uyakwiragize hejuru y’igisagara. Nukw ahaca mbona.
3
Kandi ba bakerubi bāri bahagaze i buryo bg’ ingoro igihe wa muntu yahaca; maz’ igipfungu cuzura mu nyubakwa y’imbere.
4
Nuk’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku mukerubi, buhagarara imbere y’ irebe ry’ingoro; maz’ ingoro yuzura igipfungu, inyubakwa na yo yuzura ugukayangana kw’ubgiza bg’Uhoraho.
5
Kand’ uguhinda kw’amababa y’abakerubi kwarumvikana kugashika no mu ntangaro, kumeze nk’ijwi ry’ Īshobora vyose iy’ ivuze.
6
Nukw imaze kubarira wa muntu yambaye impuzu zera, it’ Abīra umuriro uwukūye hagati ya ya makurudumu yizinguriza, no hagati y’abakerubi, araheza arahaca, ahagarara i ruhande y’ikurudumu.
7
Maz’ umukerubi umwe atuma ukuboko hagati ya ba bakerubi, ku muriro wari hagati yabo, awābīrako, awushira mu mashi y’uwo yambaye impuzu zera; arawābīra, aragenda.
8
Kandi musi y’amababa ya ba bakerubi hāboneka ibisa n’amaboko y’umuntu.
9
Nuko ngize ntya, mbona amakurudumu ane i ruhande y’abakerubi, ikurudumu imwe ir’ i ruhande y’umukerubi umwe, iyindi ir’ i ruhande y’uwundi, birtyo birtyo: kand’ ayo makurudumu ishusho yayo yar’ imeze nk’ akabuyenge kitwa tarushishi.
10
Kand’ uko yasa, yose ukw ar’ ane yar’ afise ishusho imwe, nk’ ah’ umenga n’ikurudumu isobekeranye n’iyindi.
11
Iy’ agiye, yashobora kugenda ah’ agomvye mu mpande zose ukw ari zine: nta ho yahindukira iy’ agenda, arikw ahantu umutwe utumbereye ni ho yajana: nta ho yahindukira iy’ agenda.
12
Kand’ imibiri yabo yose, no mu migongo yabo, n’ amaboko yabo, n’amababa yabo, bo na ya makurudumu, ni yo ya makurudumu nyene yabo ukw ari bane, vyari vyuzuyekw amaso impande zose.
13
Kand’ ayo makurudumu yitwa Nyawizinguriza: yiswe artyo numva.
14
Kand’ umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane: mu maso ha mbere hāri mu maso h’umukerubi, mu maso ha kabiri hāri mu maso h’ umuntu, mu maso ha gatatu hāri mu maso h’intambge, kandi mu maso ha kane hāri mu maso h’ inkukuma.
15
Maz’ abo bakerubi bādūga intumbgejuru; abo ni bo vya binyabugingo nari naraboneye ku ruzi Kebari.
16
Kand’ abo bakerubi iyo bagiye, ya makurudumu yagendera i ruhande yabo: kand’ iy’ abakerubi bateruye amababa ngo badūge bave kw isi, na ya makurudumu ntiyakebanuka ngw abave i ruhande.
17
Iyo bahagaze na yo yarahagarara; bādūga intumbgejuru akadūgana na bo: kukw impwemu y’ikinyabugingo cose yari muri yo.
18
Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buragenda buva imbere y’irebe ry’ingoro, buhagarara hejuru y’abakerubi.
19
Maz’ abakerubi baterura amababa yabo, baradūga bava kw isi mvyibonera aho bāgenda, na ya makurudumu yabagendera i ruhande: maze bahagarara ku rugi rw’ikirimba co ku ngoro y’Uhoraho kirābana n’i burasirazuba; kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari hejuru yabo.
20
Abo ni bo vya binyabugingo nari narabonye biri musi y’Imana y’Abisirayeli ku ruzi Kebari; ndaheza mmenya kw ari bo bakerubi.
21
Umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane, kand’ umwe‐umwe yar’ afise amababa ane; kandi hār’ ibisa n’ amaboko y’umuntu musi y’amababa yavyo.
22
Kand’ ishusho yo mu maso habo uko yar’ iri n’imwe nyene n’iyo naboneye ku ruzi Kebari, n’uko bāsa ni kumwe, mbere ni bo nyene; bose bāgenda babanze.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48