bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 8
Ezekiel 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 9 →
1
Nuko mu mwaka wa gatandatu, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari nicaye mu nzu yanje, n’ abakuru b’i Buyuda bicaye imbere yanje: maz’ ukuboko kw’Umwami Uhoraho kunsūmirira hano nyene.
2
Ngize ntya, mbona nk’ūfise ishusho isa n’umuriro; kand’ uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera hepfo, yar’ umuriro: uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera haruguru, hāsa n’ibica ibibatsi, biboneka nk’umuringa w’ umujumbu.
3
Maz’ aramvura igisa n’ukuboko, afata umushatsi wo ku mutwe wanje; maze Mpwemu aranterura, ancisha hagati y’ ijuru n’isi mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjana i Yerusalemu, anshikana ku rugi rw’ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burārūko, ahār’ intebe y’igishushanyo c’ikēba, gikēba Imana.
4
Kandi rāba, ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli ni ho bgāri buri, nk’uko nari narabgerekewe mu kiyaya.
5
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, enda ni wunamure amaso yawe urābe ahahera i burārūko. Nuko nunamura amaso, ndāba ahahera i burārūko, mbona ca gishushanyo c’ikēba kiri mw irasukiro ry’ikirimba c’igicaniro, ku ruhande rw’i burārūko rwaco.
6
Maz’ arambaza, ati Mwana w’ umuntu, mbeg’ ubonye ivyo bakora? Ubonye n’ibizira bikomeye, ivyo ab’ inzu ya Isirayeli bakorera hano vyanteye kwīgira kure y’ ahēra hanje? Arik’ uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye.
7
Nukw anshikana ku rugi rw’ inyubakwa; maze nitegereje, mbona umwenge ku nzu.
8
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, imba aho nyene ku nzu. Nuko mmaze kwimba, mbona urugi.
9
Nukw arambarira, at’ Injira, urābe ibizira bibi bakorera hano hantu.
10
Nuko ndinjira nditegereza; mbona amoko yose y’ibikwega inda hasi, n’ay’ ibikōko bizira, n’ibigirwamana vyose vy’ab’ inzu ya Isirayeli, bishushanijwe ku nzu impande zose.
11
Kand’ imbere yavyo hāri hahagaze abantu mirongwirindwi bo mu bakuru b’ inzu ya Isirayeli; no hagati yabo hāri hahagaze Yazaniya mwene Shafani; kand’ umuntu wese yar’ afise icotero ciwe mu minwe, hagapfunduka imyotsi itāmirana y’ imibavu.
12
Maz’ arambaza, ati Mwana w’umuntu, mbeg’ ubonye ivyo abakuru b’inzu ya Isirayeli bakorera mu mwiza, umuntu wese mu gafuruka kiwe k’ibishushanyo? Kuko bavuga ng’ Uhoraho ntatubona; kandi ng’ Uhoraho yahevye igihugu.
13
Arongera arambgira, at’ Uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye bakora.
14
Maz’ anshikana ku rugi rw’ ikirimba co ku ngoro y’Uhoraho carābana n’i burārūko; maze mbona abagore bicaye baborogera ikigirwamana Tamuzi.
15
Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye, ga mwana w’umuntu? Uhava wongera kubona ibizira bikomeye biruta ivyo.
16
Nukw anshikana mu nyubakwa y’imbere yo ku ngoro y’ Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika nko kuri mirongwibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bāriko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira.
17
Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye ga mwana w’umuntu? Mbeg’ ab’ inzu ya Yuda kibabereye ikibangutse gukora ivyo bizira bakorera hano hantu? Kukw igihugu bacujuje umuryano, bakongeranya kwihindagura ngo bandatse: mbere bagashira udushami ku mazuru yabo.
18
Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48