bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 48
Ezekiel 48
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 47
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
1
Nukw aya ni yo mazina y’ imiryango: uhereye ahahera i burārūko, ukajana inzira y’i Hetiloni, ugashika ahafata i Hamati, ugaca i Hazari‐Enoni ku rugabano rw’i Damasiko ahahera i burārūko habangikanye n’i Hamati; uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Dani.
2
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Dani, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Asheri.
3
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Asheri, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Nafutali.
4
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Nafutali, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Manase.
5
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Manase, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Efurayimu.
6
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Efurayimu, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Reyubeni.
7
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Reyubeni, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Yuda.
8
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Yuda, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba wa mugabane w’ishikanwa muzoshikana; ubgaguke bgawo buzoba amatambge ibihumbi mirongwibiri na bitanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, n’uburebure bgawo buzongana n’iyindi migabane, uhereye i burasirazuba ugashitsa burengerazuba: kand’ ahēra hazoja hagati muri ho.
9
Uwo mugabane muzoshikanira Uhoraho, uburebure bgawo buzoba amatambge ibihumbi mirongwibiri na bitanu, n’ubgaguke ibihumbi cumi.
10
Nuk’ uwo mugabane wera uzoba uw’ abaherezi; uruhande rwawo rurābana n’i burārūko, uburebure bgarwo buzoba amatambge y’ukuboko nyene ibihumbi mirongwibiri na bitanu, n’aharābana n’i burengerazuba ubgaguke buzoba amatambge ibihumbi cumi, n’aharābana n’i burasirazuba ubgaguke buzoba ibihumbi cumi nyene, n’aharābana n’i bumanuko uburebure bgaho buzoba ibihumbi mirongwibiri na bitanu: maz’ ahēra h’Uhoraho hazoja hagati muri ho.
11
Uzoba uw’ abaherezi bejejwe bo muri bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo nabajeje, ntibazimire igihe Abisirayeli bāzimira, nk’ukw Abalewi bāzimiye.
12
Uzobabera ishamvu ikūwe ku mugabane washikanywe usatuwe ku gihugu, ishamvu yera cane ijanye ku rugabano rw’Abalewi.
13
Abalewi na bo bazogira umugabane ugendanye ku rugabano rw’abaherezi, uburebure bgawo buzoba amatambge ibihumbi mirongwibiri na bitanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, n’ubgaguke ibihumbi cumi; uburebure bgose buzoba amatambge ibihumbi mirongwibiri na bitanu, n’ubgaguke ibihumbi cumi.
14
Kandi ntibaze bagire aho bagura kuri wo, canke ngo bahakābe, kand’ uwo mugabane mwiza w’igihugu ntuz’ uhabge abandi, kukw ar’ uwera, urobanuriwe Uhoraho.
15
Ikirēre c’amatambge ibihumbi bitanu casigaye ku bgaguke bgaho, kibangikanye na vya bihumbi mirongwibiri na bitanu, kizoba ic’ abantu, aho kwubakwa igisagara, habe aho kuba hakikujwe n’imparure, igisagara kibe hagati muri yo.
16
Izi ni zo ngero zaco: uruhande rw’i burārūko ruzoba amatambge ibihumbi bine n’amajana atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, uruhande rw’i bumanuko ibihumbi bine n’amajana atanu, uruhande rw’i burasirazuba ibihumbi bine n’amajana atanu, n’ uruhande rw’i burengerazuba ibihumbi bine n’amajana atanu nyene.
17
Kand’ ico gisagara kize kigire imparure: aharābana n’i burārūko habe amatambge amajana abiri na mirongwitanu, aharābana n’i bumanuko amajana abiri na mirongwitanu, n’aharābana n’i burasirazuba amajana abiri na mirongwitanu, n’aharābana n’i burengerazuba amajana abiri na mirongwitanu nyene.
18
Maz’ ahasigaye hahereranye n’uburebure bg’umugabane wera w’ishikanwa, uruhande rwaho rurābana n’i burasirazuba ruzoba amatambge ibihumbi cumi y’ukuboko uciriye mu nkokora, n’uruhande rwaho rurābana n’i burengerazuba ruzoba ibihumbi cumi nyene: hazoba hahereranye n’umugabane wera w’ishikanwa; kand’ ibiharimwa bizoba ivyo gutunga abakora mu gisagara.
19
Ababa mu gisagara bo mu miryango yose y’ Abisirayeli, ni bo bazoharima.
20
Umugabane w’ishikanwa wose na wose uzoba amakika ibihumbi mirongwibiri na bitanu n’uburebure ibihumbi mirongwibiri na bitanu nyene: umugabane wera w’ishikanwa muze muwushikane ungana impande zose ukw ari zine, hakora n’ishamvu y’igisagara.
21
Ahasigaye ho mu mpande zompi z’umugabane wera w’ishikanwa bo n’ishamvu y’igisagara, haze habe aha segaba; ahahereranye na vya bihumbi mirongwibiri na bitanu vyo ku rubibe rw’ umugabane wera w’ishikanwa rwerekeye i burasirazuba, n’ahahereranye na vya bihumbi mirongwibiri na bitanu vyo ku rubibe rwerekeye i burengerazuba, hajanye kur’ iyo migabane yindi, hazoba aha segaba. Nuk’ uwo mugabane wera w’ishikanwa bo n’ahēra h’ingoro, bizoca hagati y’aha segaba.
22
Nuk’ uhereye kw ishamvu y’Abalewi ugashitsa kw ishamvu y’igisagara, ari ho nyene haciye hagati y’aha segaba, kuva ku rugabano rwa Yuda ugashitsa ku rugabano rwa Benyamini, hazoba aha segaba.
23
Nuko ku vy’imiryango isigaye: uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Benyamini.
24
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Benyamini, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Simeyoni.
25
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Simeyoni, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Isakari.
26
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Isakari, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Zebuloni.
27
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Zebuloni, uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba hazoba umugabane wa Gadi.
28
Kand’ ujanye ku rugabano rwa Gadi, ku rubibe rw’i bumanuko rurābana n’i bumanuko, urugabano ruzovuduka i Tamari, ruce ku mazi y’i Meribati‐Kadeshi, rujane uruzi rwa Egiputa, rushike ku kiyaga kinini.
29
Ico ni co gihugu muzogaburira imiryango y’Abisirayeli ngo bacegukire, mukigaburishije ubupfindo, kand’ iyo ni yo migabane yabo umwe‐umwe, ni Uhoraho agize.
30
Aya ni yo azoba amarembo y’ igisagara; ku ruhande rw’i burārūko uburebure buzoba amatambge ibihumbi bine n’amajana atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora:
31
kand’ amarembo y’igisagara azokwitiranywa n’amazina y’imiryango y’Abisirayeli; ahahera i burārūko amarembo azoba atatu: rimwe rizoba irembo rya Reyubeni, irindi ribe irya Yuda, irindi ribe irya Lewi.
32
Ku ruhande rw’i burasirazuba uburebure buzoba amatambge ibihumbi bine n’amajana atanu nyene, amarembo na yo azoba atatu: rimwe rizoba irembo rya Yosefu, irindi ribe irya Benyamini, irindi ribe irya Dani.
33
Ku ruhande rw’i bumanuko uburebure buzoba amatambge ibihumbi bine n’amajana atanu nyene, amarembo na yo azoba atatu: rimwe rizoba irembo rya Simeyoni, irindi ribe irya Isakari, irindi ribe irya Zebuloni.
34
Ku ruhande rw’i burengerazuba uburebure buzoba amatambge ibihumbi bine n’amajana atanu nyene, hamwe n’amarembo yaho ukw ar’ atatu: rimwe rizoba irembo rya Gadi, irindi ribe irya Asheri, irindi ribe irya Nafutali.
35
Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.
← Chapter 47
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48