bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 21
Ezekiel 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 22 →
1
Ijambo ry’Uhoraho rinzako,
2
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe i Yerusalemu, utume ijambo ryawe ahēra h’ urusengero, ubūrire igihugu c’i Bgisirayeli;
3
ico gihugu ukibarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: ngw Ehe nzohigūra namwe, kandi ngira nsokōre inkota yanje mu rwubati rwayo, ndirike abagororotsi n’abanyakibi muri wewe.
4
Nuko rero, kuko ngira ndirike abagororotsi n’abanyakibi muri wewe, ni co gituma inkota yanje igira ive mu rwubati rwayo itere abafise umubiri bose, uhereye i bumanuko ugashitsa i burārūko:
5
maz’ abafise umubiri bose bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nasokoye inkota yanje mu rwubati rwayo; ntizosubira muri rwo ukundi.
6
Nukw enda niha, ewe mwana w’umuntu, unihire imbere yabo kubg’ umutima usāvye no kubg’ intuntu nyinshi.
7
Maze ni bakubaza, ngw Igituma uniha n’ iki? uz’ ubabgire, uti Mbitewe n’ inkuru mbi y’ibigira bize; umutima wose uzohababuka, amaboko yose adendebuke; umushaha wose uzocika ivutu, n’amavi yose aregarege acike nk’amazi: ehe biraje, bigira bishireko, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
8
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
9
riti Mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo ni mvuge, nt’ Inkota, inkota, irakarihijwe kand’ irartyorowe;
10
yakarihijwe kugira ngw iririke; yartyorowe kugira ngw ibe nk’umuravyo: none twoja aho, tukitwengera? Inkoni y’umwana wanje igaya izindi zakūwe mu giti cose.
11
Iyo nkota yatanzwe ngw irtyororwe ngw ibone gukoreshwa: iyo nkota yakarihijwe, mbere yartyorowe, kugira ngw ishirwe mu kuboko kw’ūririka.
12
Turikisha uboroge, mwana w’umuntu, kukw ibanguriwe abantu banje, ibanguriwe abaganwa bose b’Abisirayeli: bagerewe inkota hamwe n’abantu banje: shirako wishishitire.
13
Kukw amateka aciwe: kandi namb’ iyo nkoni yagayana itakiriho, vyomera bite? ni k’Umwami Uhoraho abaza.
14
Nuko rero weho, mwana w’umuntu, ubūre, ukubite amashi ku yandi: inkota n’ikubite kabiri, mbere n’ubugira gatatu, ni yo nkota ikomeretsa akagīrīre: inkota yakomerekeje ūhambaye akagīrīre, ni yo yinjiye no mu mazu yabo.
15
Kand’ iyo nkota iteye ubgoba nayibanguye ku marembo yabo yose, kugira ngw imitima yabo iyagire mu nda, n’ ugutsitara kwabo kwongerekane. Yō! Imeze nk’umuravyo, yasongorewe kuririka.
16
Wa nkota we, ikazanure, utere i buryo; itegure, utere i bubamfu, aho werekeye hose!
17
Nanje n’uko nzokubita amashi ku yandi, kandi nzokwimara ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze.
18
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
19
rit’ Ikindi kandi, mwana w’umuntu, toborera inzira zibiri inkota y’umwami w’i Babuloni ngw ibone kuza; zompi zizova mu gihugu kimwe: uheze ushireh’ icapa, ugishire ah’ inzira ija ku murwa ishamikiye.
20
Utoborere inzira iyo nkota ngw ije ahitwa i Raba h’ubgoko bg’Abamoni, n’iyindi ngw ije i Buyuda i Yerusalemu hazitijwe inzitiro z’ amabuye.
21
Kuk’ umwami w’i Babuloni ahagaze mu mayirabiri, ah’ izo nzira zompi zishamikiye, kugira ngw araguze: azungagiza imyampi, akaraguza ibigirwamana vyitwa terafimu, agasuzuma igitigu.
22
Mu kuboko kwiwe kw’i buryo ni ho haranze i Yerusalemu, ngw ahomvoze inzitiro zaho ibiti vy’imigogo, yasamire abazoharirikirwa, ashire hejuru avuze akarūru, ahomvoze amarembo ibiti vy’ imigogo, akirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, yubake n’ibihome vyo kuhatera.
23
Arikw ab’i Yerusalemu bo bazovyita nk’indagu z’ ibinyoma, kubg’ indahiro bābarahiye: arikw azokwibuka ibigabitanyo vyabo, kandi ni vyo bizotuma bafatwa.
24
Nuko rer’ uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko mwatumye ibigabitanyo vyanyu vyibukwa, ibicumuro vyanyu bigatwikururwa, bigatuma ivyaha vyanyu biserukira mu bikorwa vyanyu vyose, kandi ko mwibutswe, muzofatwa ukuboko.
25
Nawe, wa munyakibi wakomerekejwe akagīrīre, wa mwami w’Abisirayeli, washitsweko n’umusi wawe, igihe giherahereza ibigabitanyo vyawe;
26
uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kūra umugāra, wiyambure igitsibo; ntibizosubira kumera nk’ uko vyari bisanzwe. Icāri hasi kizoshirwa hejuru, kand’ icāri hejuru kizosubizwa hasi.
27
Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa: kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo azozira; nanje nzobimuha.
28
Nawe, mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’ubgoko bg’ Abamoni, no ku vy’igitutsi cabgo; maz’ uvuge, ut’ Inkota, inkota irasokowe, yartyororewe kuririka, kugira ngw imaririkanye, ibe nk’ umuravyo:
29
bākuroteye inzozi z’ubusa, n’indagu z’ibinyoma, ngo ni wewe uzoyibangurira ku mazosi y’abanyakibi bākomerekejwe akagīrīre, abo umusi wabo washitseko, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo.
30
Yisubize mu rwubati rwayo. Ahantu waremewe, mu gihugu wavukiyemwo, aho ni ho nzogucirira urubanza.
31
Kandi nzokurekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkwakirizek’ umuriro w’ uburake bganje, nkugabure mu maboko y’abantu bameze nk’ibikōko, bazi guhonnya.
32
Uzoba inkwi z’umuriro; n’amaraso yawe azodēngēra hagati mu gihugu; kandi ntuzosubira kwibukwa ukundi: kuko jewe Uhoraho mbivuze.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48