bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 6
Ezekiel 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 7 →
1
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
2
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe imisozi y’i Bgisirayeli, uyibūrire,
3
uti Yemwe misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho: Uku ni k’Umwami Uhoraho abgira imisozi n’uturambi, imigezi n’ imyonga, at’ Ehe jewe ubganje nyene nzobatērēra inkota, nkomvomvore ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi.
4
Kand’ ibicaniro vyanyu bizosigara bitamāriwe, n’ibishushanyo vyanyu vy’izuba bizomenagurwa: kand’ abishwe banyu nzobashiburira hasi imbere y’ibigirwamana vyanyu.
5
Nzorambika imivyimba y’Abisirayeli imbere y’ibigirwamana vyabo; kand’ amagufa yanyu nzoyatāgaguza impande zose z’ibicaniro vyanyu.
6
Aho muba hose ibisagara bizogesezwa, n’ibitabo bitamārirwe, kugira ngw ibicaniro vyanyu bisangangurwe, bitamārirwe, n’ibigirwamana vyanyu bimenagurwe, biherengetezwe, n’ ibishushanyo vyanyu vy’izuba bicibge bitsindwe hasi, n’ibikorwa vyanyu bizimangane.
7
Kand’ abishwe bazohindikirana hagati muri mwebge, namwe muzomenya yuko jewe nd’Uhoraho.
8
Yamara nzosiga amasigarira, kuko muzogira bamwe bacika bagakira inkota, bakaja mu banyamahanga, igihe muzosābagirizwa mu bihugu.
9
Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.
10
Kandi bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho: simbivugiye ubusa ko nzobatēza ivyo vyago.
11
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kubita amashi ku yandi, dida ikirenge hasi, uvuge uti Yō! Ewe bizira bibi vyose inzu ya Isirayeli yakoze! Kuko bazoririkwa n’inkota n’inzara n’ikīza.
12
Ūri kure azokwicwa n’ikīza, ūri hafi azokwicwa n’inkota; kandi n’ ūsigaye asāgirijwe azokwicwa n’ inzara: uko ni ko nzokwimara uburake mbafitiye.
13
Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe imihindigiti yabo izoba irambaraye hagati y’ibigirwamana vyabo impande zose z’ibicaniro vyabo, ku gasozi kose gahagaze, no ku dutwe twose tw’imisozi miremire, no musi y’igiti cose gitotahaye, no musi y’igiti cose c’umweloni gihūritse, aho bāshikanirira ibigirwamana vyabo vyose ibizana imibabge imota neza.
14
Kandi nzobabangurirak’ ukuboko kwanje, mpindure igihugu imisaka n’amatongo, uhereye mu bugaragwa burābana n’i Dibula, n’aho baba hose iyo hava hakagera: na bo bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48