bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 25
Ezekiel 25
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 26 →
1
Ijambo ry’Uhoraho rinzako,
2
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe ubgoko bg’ Abamoni, ubabūrire;
3
ubarire ubgo bgoko bg’Abamoni, uti Ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho, ng’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko wagize ngw Awa! ukītamba hejuru y’ahēra hanje igihe hāhumanywa, ukītamba no ku gihugu c’i Bgisirayeli mu gihe cāba amatongo, no ku b’inzu ya Yuda igihe bambukanwa ar’ inyagano;
4
nuko rero ngira nkugabure mu baba i burasirazuba, bakwegukire; bazogusagazamwo, bīshikire buzu; bazokurīra imirima, bakunywere n’ amata.
5
Kand’ ahitwa i Raba nzohahindura ibirāro vy’ingamiya, n’igihugu c’Abamoni kibe ubugaramango bg’imikuku: nuko muzomenya yuko jewe nd’Uhoraho.
6
Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko wakomye amashi, ukavuza imihamirizo, ukītamba hejuru y’igihugu c’i Bgisirayeli n’ akagaye kose ko mu mutima wawe;
7
nuko rero, nkubānguriyek’ ukuboko kwanje, ngira nkugabure ng’ ube inyagano y’abanyamahanga; nzokurandura ngukūre mu mahanga, nguherengeteze mu bihugu, nkugeseze; maz’ uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
8
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abanyamowabu n’ab’i Seyiri ko bavuga, bat’ Ereg’ inzu ya Yuda ihwanye n’iz’ ayandi mahanga yose;
9
nuko rero, mu gihugu c’i Mowabu, aharābana n’ibisagara vyaho, uhereye ku bisagara biri ku mbibe zaho, ari vyo biteye igihugu icubahiro, ni vyo Beti‐Yeshimoti n’i Bayali‐Meyoni n’i Kiriyatayimu, ngira mpace ikirengero,
10
ngicire ab’i burasirazuba, ngo babone ingene batera Abamoni, kandi nzobatanga ngo babegukire, kugira ng’ ubgoko bg’ Abamoni bgoye kwongera kwibukwa mu mahanga.
11
Kandi nzoshitsa iteka nciriye kuri Mowabu, maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
12
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abanyedomu ko bagiriye inzu ya Yuda nabi babīhōra, bagacumura cane, mbere bakabīhōra;
13
nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Banyedomu, mbaranduremw’ abantu n’ibitungano; kandi nzohahindura amatongo uhereye i Temani, baririkwe n’inkota gushitsa n’i Dedani.
14
Abanyedomu nzobīhōra ntumye abantu banje b’ Abisirayeli; bazogirira Abanyedomu nk’uk’ uburake n’inzigo mbafitiye biri: maze bazomenya ukwīhōra kwanje ic’ ari co, ni k’Umwami Uhoraho agize.
15
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abafilisitiya ko bakoze ivy’ ukwīhōra, bakīhōrana akagaye kavuye mu mutima, ngo bageseze bari n’akazika kadashira;
16
nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.
17
Nzobīhōra bihambaye, mbahanane ubushangashirwe; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mbīhōye.
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 26 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48