bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 22
Ezekiel 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 23 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
2
riti Nawe, mwana w’umuntu, mbega ntiwogicira urubanza, ntiwogicira urubanza, ca gisagara kivisha amaraso? Nuk’ ukimenyeshe ibizira vyaco vyose.
3
Kand’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ewe wa gisagara kivishiriza amaraso hagati muri co kugira ngw igihe caco gishike, kikīronderera ibigirwamana ngo ciyanduze!
4
Wikwegeye gucirwakw iteka kubg’ amaraso wavishije, kandi wiyandurishije ibigirwamana wirondereye; ni wewe wateye kw igihe cawe kigushikako, mber’ ushitse ku ntozo y’imyaka yawe: kubg’ ivyo nguhinduye igitutsi mu mahanga, n’agatwengo mu bihugu vyose.
5
Abari hafi yawe n’abari kure yawe bazogucokora, wewe uw’ izina ryanduye, wuzuyemw’ imivurungano.
6
Rāba abaganwa b’Abisirayeli baba muri wewe uko bangana bakoresha ububasha bgabo kuvisha amaraso.
7
Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.
8
Watītūye ivyera vyanje, uzirūra n’amasabato yanje.
9
Muri wewe haba abarementaniriza abandi ngo babicishe; muri wewe haba abarīra mu bitabo ku misozi; hagati muri wewe bāhakoreye ivy’ ubushakanyi.
10
Muri wewe bonona baka se; muri wewe bafata abagore bari mu miziro.
11
Umuntu akorana ibizira n’ umugore w’umubanyi wiwe; uwundi yononesha ubushakanyi umukazana wiwe; uwundi wo muri wewe afata mushiki we basangiye se.
12
Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.
13
Nuko rero, ehe rāba, kubg’ inyungu z’ubugunge waronse, no kubg’ amaraso yaviriye muri wewe, bitumye nkubita amashi ku yandi.
14
Mbeg’ umutima wawe uzoshobora kwihangana, cank’ amaboko yawe azokomera, mu misi nzobikubaza? ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzobikora.
15
Nzogushwiragiriza mu mahanga, ngusābagirize mu bihugu; kandi nzokumaramw’ ubuhumane bgawe.
16
Ni wewe ubgawe uzoba wariyandurije imbere y’amahanga; maz’ uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
17
Ijambo ry’Uhoraho rinzako,
18
riti Mwana w’umuntu, inzu ya Isirayeli yampindukiye nk’ inkamba: bose ni nk’imiringa n’ amabati n’ivyuma n’amasāsu, biri hagati mu ziko ryo mu ruganda; bahindutse nk’inkamba z’ifeza.
19
Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mwese ko mwahindutse nk’inkamba, nuko rāba, ngiye kubakoraniriza muri Yerusalemu hagati.
20
Nk’uko bakoraniriza ifeza n’imiringa n’ivyuma n’amasāsu n’amabati hagati mu ziko, bakabivugutira n’umuriro ngo bishonge, uko ni ko namwe nzobakoraniriza hamwe mfise uburake n’ubushangashirwe, mbarambikeho mbashongeshe.
21
Mbere nzobakoraniriza hamwe, mbavugutire n’umuriro w’uburake bganje, mushongere hagati muri Yerusalemu.
22
Nk’ukw ifeza ishongera hagati mu ziko, ni ko namwe muzoshongera hagati muri ho; kandi muzomenya yuko jewe Uhoraho nabarekuriyek’ ubushangashirwe bganje.
23
Nukw ijambo ry’Uhoraho rinzako,
24
riti Mwana w’umuntu, ico gihugu ukibgire, ut’ Ur’ igihugu kidatunganye, kitazoronka imvura ku musi w’uburake.
25
Abaganwa baho bagīriye inama y’ubugarariji hagati muri ho, nk’ukw intambge itabagura ico ihīze: batsontsomeye abantu; banyaze ubutunzi n’ivy’ igiciro; bapfakaje benshi hagati muri ho.
26
Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.
27
Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.
28
Na ba kamenyi baho babahomeshereje ingwa, berekwa ubusa, babaragurira ibinyoma, bat’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, kand’ Uhoraho ata co yavuze.
29
Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara.
30
Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonnya; ariko nta n’umwe nabonye.
31
Ni co catumye mbarekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkabamarisha umuriro w’uburake bganje: ingeso zabo nazibashubije ku mitwe, ni k’Umwami Uhoraho agize.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48