bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 11
Ezekiel 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 12 →
1
Maze Mpwemu yongera kunterura, anjana ku kirimba c’i burasirazuba co ku ngoro y’ Uhoraho kirābana n’i burasirazuba: mbona abantu mirongwibiri na batanu bari ku rugi rwo ku kirimba; kandi hagati muri bo mbona Yazaniya mwene Azuri, na Pelatiya mwene Benaya, abaganwa b’iryo hanga.
2
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, abo ni ba bantu bīgīra imigabo y’ivyo kugabitanya, bakagīra abo mur’ iki gisagara inama z’ibibi;
3
bakavuga, bat’ Ereg’ igihe ntikiragera: enda ni twiyubakire amazu; bat’ Iki gisagara n’inkono, natwe tur’ inyama ziri muri yo.
4
Nuko rer’ ubabūrire, mwana w’umuntu, ubabūrire.
5
Maze Mpwemu w’Uhoraho aramanuka, anzako, arambarira, ati Vuga, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: at’ Ivyo ni vyo mwavuze, yemwe ab’inzu ya Isirayeli; kuko nzi ivyo mwiyumvira.
6
Mwahindikiranije abo mwishe mur’ iki gisagara, mwujuje inzira zaho imihindigiti.
7
Nuko rer’ uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Imihindigiti y’abo mwishe, mukayirunda hagati muri co, abo ni zo nyama, iki gisagara na co n’inkono: ariko namwe muzogikūrwamwo.
8
Inkota ni yo mwatinye, nanje inkota ni yo nzobatērēra nyene, ni k’Umwami Uhoraho agize.
9
Nzokibakūramwo, mbagabure mu maboko y’abanyamahanga, mbacirekw iteka.
10
Muzoririkwa n’inkota; nzobacira urubanza ndi mu rugabano rw’i Bgisirayeli: namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
11
Iki gisagara ntikizobabera inkono, kandi namwe ntimuzoba inyama ziri muri yo; nzobacira urubanza ndi mu rugabano rw’i Bgisirayeli;
12
namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho: kuko mutāgendeye mu mabgirizwa yanje, ntimushitse n’ amateka yanje, ariko mwakurikiye ivyagezwe vy’amahanga abakikije.
13
Maze ndabibabūriye, Pelatiya mwene Benaya aca arahwera. Nanje nca nikubita hasi nubamye, ntera ijwi hejuru, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira uherengeteze rwose amasigarira y’ Abisirayeli?
14
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
15
riti Mwana w’umuntu, bene wanyu, bene wanyu nyene, abo mu muryango wawe, bo n’inzu yose ya Isirayeli iy’ iva ikagera, ni bamwe bābariwe n’ababa i Yerusalemu, bati Ni mwīgire kure y’ Uhoraho: tweho iki gihugu ni co twahawe kw ishamvu.
16
Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nah’ abo nabangarije kure mu banyamahanga, kandi naho nabasābagirije mu bindi bihugu, ariko nzomara igihe mbabereye umwanya wera mu bihugu bagiyemwo.
17
Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli.
18
Nuko bazojayo, bahakūre ibintu vyaho vyose nanka urunuka, n’ibizira vyaho vyose.
19
Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama;
20
ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.
21
Ariko ku vy’abo bafise imitima ihuramye ku bigirwamana vyabo nanka urunuka n’ibizira vyabo, izo ngeso zabo nzozibasubiza ku mitwe, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
22
Maze ba bakerubi baterura amababa yabo, na ya makurudumu yar’ i ruhande yabo; kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari hejuru yabo.
23
Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku murwa hagati, buhagarara ku musozi ur’ i ruhande y’umurwa ahahera i burasirazuba.
24
Maze Mpwemu aranterura, mbona ansubiza i Bukaludaya ku bajanywe ar’ inyagano, ndi mur’ ukwo kwerekwa neretswe na Mpwemu w’Imana. Maz’ ukwo kwerekwa nabonye guca kumvako.
25
Mperako mbarira abājanywe ar’ inyagano ivyo Uhoraho yanyeretse vyose.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48