bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 33
Ezekiel 33
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 32
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 34 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko,
2
riti Mwana w’umuntu, uvugane n’ab’ ubgoko bganyu, ubabgire, uti Ni yatērēra igihugu inkota, abantu bo mu gihugu bakīrobanurira umuntu muri bo, bakamushiraho kubabera inderetsi:
3
uyo yobona inkota ije iteye igihugu, akavuza inzamba ngw abūrire abantu;
4
nuk’ uwokwumva ijwi ry’inzamba wese, agakina ku mbūri, inkota ikaza, ikamugahura, amaraso yiwe azoba ku mutwe wiwe ubgiwe.
5
Yumvise ijwi ry’inzamba, ariko yakinnye ku mbūri; amaraso yiwe azoba kuri we; arikw iyaba yarumviye imbūri yokijije amagara yiwe.
6
Arikw iyo nderetsi ni yabona inkota ije, ntivuze inzamba, abantu ngo babūrirwe, inkota ikaza ikagira uwo igahura muri bo; uwo azoba agahuriwe mu bigabitanyo vyiwe, arikw amaraso yiwe nzoyarondera kur’ iyo nderetsi.
7
Ni ko nawe, mwana w’umuntu, nagushizeho kubera ab’ inzu ya Isirayeli inderetsi; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubanshikiririze imbūri.
8
Ni nabarira umunyavyaha, nt’ Ewe wa munyavyaha, ntuzobura gupfa; nawe ntugire ico uvuga co kubūrira umunyavyaha ngw ave mu ngeso ziwe: uwo munyavyaha azopfira mu bigabitanyo vyiwe, arikw amaraso yiwe ni wewe nzoyaronderako.
9
Yamara ni wabūrira umunyavyaha ivy’ ingeso ziwe, ngw ahindukire azivemwo, na we ntāhindukire ngw azivemwo; azopfira mu bigabitanyo vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bgawe.
10
Nuko rero, mwana w’umuntu, ubarire ab’ inzu ya Isirayeli, uti Musigaye muvuga, mut’ Ibicumuro vyacu n’ivyaha vyacu biri ku mitwe yacu, kandi duhondobereye muri vyo: none twoshobora dute kubaho?
11
Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?
12
Nuko rero, mwana w’umuntu, barira ab’ ubgoko bganyu, ut’ Ubugororotsi bg’umugororotsi ntibuzomukiza ku musi w’ibicumuro vyiwe, n’ivyaha vy’umunyavyaha ntibizomwicisha ku musi azohindukira akava mu vyaha vyiwe; yamar’ umugororotsi ntazoshobora kubeshwaho na bgo ku musi azocumurako.
13
Ni nabgira umugororotsi kw azobaho, akishimira ubugororotsi bgiwe, maz’ agakora ivy’ ukugabitanya; mu bikorwa vy’ubugororotsi bgiwe nta na kimwe kizokwibukwa, arikw ibigabitanyo vyiwe yakoze ni vyo azopfa azize.
14
Ikindi kandi, ni nabgira umunyavyaha, nti Ntuzobura gupfa, arikw agahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibikwiye,
15
uwo munyavyaha agasubiza ingwati nyeneyo, akagarukana ivyo yambuye, akagendera mu vyagezwe bihesha ubugingo, ntagire ivy’ ukugabitanya akora, n’ukuri azobaho, ntazopfa.
16
Mu vyaha vyiwe vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa kuri we: kukw asigaye akora ibitunganye n’ibikwiye; ntazobura kubaho.
17
Yamar’ ab’ ubgoko bganyu baravuga, ngw Inzira y’ Umwami Imana ntiroranye: erega bo ni bo inzira zabo zitaroranye.
18
Umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, azopfa ari vyo azize.
19
Kand’ umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ ibikwiye, azobeshwaho na vyo.
20
Yamara muravuga, mut’ Inzira y’Umwami Imana ntiroranye. Yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ngira mbacire urubanza, umuntu wese nk’ukw inzira ziwe zimeze.
21
Maze mu mwaka ugira icumi na kabiri uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, mu kwezi kw’ icumi, ku musi ugira gatanu w’ ukwo kwezi, haza umuntu acitse avuye i Yerusalemu, aranshikīra, at’ Igisagara caratsinzwe.
22
Ukuboko kw’Uhoraho kwari kwarāye kunjeko ku mugoroba, iyo mpunzi itaraza; kandi yar’ agobotoye akanwa kanje uyo atarashika aho ndi bukeye mu gitondo; nukw akanwa kanje karagobodoka, ururimi ntirwari rukigobge.
23
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
24
riti Mwana w’umuntu, abasigaye baba mu matongo yo mu gihugu c’i Bgisirayeli baravuga, ngo Aburahamu yar’ umwe, ariko yahawe igihugu kw ishamvu; nkanswe tweho turi benshi, natwe turagihabga kuba ishamvu yacu.
25
Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?
26
Ko mwishimiye inkota zanyu, mugakora ibizira, umuntu wese akonona muka mugenzi we: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?
27
Ukw abe ari k’ uzobabgira, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ndahiye ukubaho kwanje, abasigaye mur’ ayo matongo ntibazobura guhindikiranywa n’inkota, n’ūri ku misozi nzomugabura mu bikōko bimurotse, kand’ abari mu bihome no mu masenga bazokwicwa n’ikīza.
28
Kand’ igihugu nzogihindura imisaka n’akajoreza, ubgibone buterwa n’ububasha bgaho buzoherengetera; kand’ imisozi y’i Bgisirayeli izosigara ar’ imisaka, bitume ata wuzoba akihaca.
29
Maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze guhindura igihugu imisaka n’akajoreza, mbahōye ibizira vyabo vyose bākoze.
30
Kandi nawe, mwana w’umuntu, ab’ ubgoko bganyu bayāgira ivyawe ku nzitiro no mu miryango y’amazu, umwe avugana n’uwundi, umuntu wese na mugenzi we, bat’ Enda ni muze, tuje kwumva ijambo rivuye k’Uhoraho iry’ ari ryo.
31
Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.
32
Kandi rāba, ubamerera nk’ indirimbo nziza cane y’ūfise ijwi ryiza, akaba ar’ umucuraranzi w’umuhinga: kuko bumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore.
33
Arikw igihe vya bindi bizoshikira, (kand’ ehe biraje!) ni ho bazomenya yuk’ ūvugishwa n’ Imana yamye muri bo.
← Chapter 32
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 34 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48