bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 46
Ezekiel 46
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 45
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 47 →
1
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burasirazuba kize came kijishwe mu misi y’ ibikorwa ukw ar’ itandatu; ariko ku musi w’isabato kijishurwe, bo no ku musi ukwezi kubonetseko.
2
Segaba az’ ashikeyo aciye mu rubaraza rw’ikirimba ruhera inyuma, maz’ ahagarare i ruhande y’ igikingi c’ikirimba; abaherezi baze bamutangire ikimazi ciwe co kwoswa n’ibimazi vyiwe vy’ishimwe, maz’ asengere mw ishikiro ry’ico kirimba, aheze aveyo; arikw ico kirimba ntikize kijishwe gushitsa ku mugoroba.
3
Kand’ abantu bo mu gihugu baze bahore basengera imbere y’Uhoraho bar’ inyuma y’ico kirimba ku masabato no mu mboneko z’ukwezi.
4
Ibimazi vyo kwoswa segaba azohora atanga k’Uhoraho ku musi w’isabato bize bibe imyagazi y’intama itandatu itagira agasembga, n’ impfizi y’intama imwe itagira agasembga nyene;
5
kand’ ishikanwa ry’ifu rigerekwa kur’ iyo mpfizi y’ intama rize ribe ingero yitwa efa, n’irigerekwa ku myagazi y’intama az’ atange ibimushobokeye, no kuri efa yose y’ifu hajekw amavuta, ingero yitwa hini.
6
Kandi ku musi ukwezi kubonetseko, haze hatangwe imasa y’umukangara itagira agasembga, n’imyagazi y’ intama itandatu n’impfizi y’intama; bibe ibitagira agasembga.
7
Kand’ az’ ashikane ishikanwa ry’ifu, ku masa hajekw ingero imwe yitwa efa, no ku mpfizi y’ intama hajeko efa imwe nyene, no ku myagazi y’intama hajekw ibimushobokeye, kandi kuri efa yose y’ifu hajekw amavuta, ingero yitwa hini.
8
Kandi segaba iy’ ashikayo, ace mu rubaraza rw’ikirimba, maz’ ahindukiye ajane iyo nzira nyene.
9
Arikw abantu iyo baje imbere y’ Uhoraho mu misi mikuru ishinzwe, ūzoza aciye mu kirimba giherereye i burārūko aje gusenga, ni yavayo az’ ace mu kirimba giherereye i bumanuko; kand’ ūzoza aciye mu kirimba giherereye i bumanuko, ni yavayo az’ ace mu kirimba giherereye i burārūko: ntaz’ ahindukire mu kirimba yazananye, ariko ni yavayo akomeze atumbere imbere yiwe.
10
Kandi segaba iy’ ashikayo, agende hagati yabo, bavuyeyo bavireyo rimwe.
11
Mu misi mikuru no mu yindi misi mikuru ishinzwe, ishikanwa ry’ifu rize ribe efa imwe igeretswe ku masa yose, na efa imwe nyene igeretswe ku mpfizi y’intama yose, n’irigerekwa ku myagazi y’intama az’ atange ibimushobokeye, no kuri efa yose y’ifu hajekw amavuta, ingero yitwa hini.
12
Kandi segaba, igihe azotanga ikimazi avyigombeye, ar’ ikimazi co kwoswa cank’ ar’ ibimazi vy’ishimwe, abitanze k’Uhoraho avyigombeye, haze hagire ūmujishurira ikirimba kirābana n’i burasirazuba, atange ikimazi ciwe co kwoswa n’ibimazi vyiwe vy’ishimwe, nk’ukw asanzwe abikora ku musi w’isabato, aheze agende; amaze kugenda hagire ūjisha ico kirimba.
13
Kandi nawe uz’ utange uko bukeye umwagazi w’intama umaze umwaka umwe, kand’ utagira agasembga, kuba ikimazi co kwosereza Uhoraho: uze wame uwutanga mu gatondo mu gatondo uko bukeye.
14
Kand’ uze wame uwugerekakw ishikanwa ry’ifu mu gatondo uko bukeye nyene, ribe ikigira gatandatu ca efa y’ifu igogōretse, n’ikigira gatatu ca hini y’ amavuta, yo kuvanga n’iyo fu; ribe ishikanwa ry’ifu k’Uhoraho ry’intahava, icagezwe c’ibihe vyose.
15
Ukw abe ari ko bazotanga umwagazi w’intama, bo n’ishikanwa ry’ifu n’amavuta, mu gatondo mu gatondo uko bukeye, kuba ikimazi co kwoswa c’intahava.
16
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Segaba ni yagira aho akebera umwe mu bana biwe, hazoba ishamvu yiwe, hazotoranwa n’abana biwe; hazoba inyegu yabo kukw ar’ ishamvu.
17
Ariko ni yaramuka akebeye umwe mu basavyi biwe kw ishamvu yiwe, hazoba ahiwe gushitsa kuri wa mwaka w’umwidegemvyo; ico gihe haze hasubizwe segaba; arikw ishamvu azoba yahaye abana biwe izoba iyabo bgite.
18
Yamara segaba ntakanyage amashamvu y’abantu, ngw abasohore mu mashamvu yabo; ariko ni yakebera abana biwe ishamvu, ayikūre ku ho yiganziye ubgiwe, ngw abantu banje boye kuzosābagizwa, ngo hagire umuntu akūrwa mw ishamvu yiwe.
19
Maz’ ancisha mu canzo kibangikanye n’ikirimba, anshikana ku vyumba vyera vy’abaherezi, birābana n’i burārūko: kandi har’ ahantu ahahera inyuma yavyo herekeye i burengerazuba.
20
Arambarira, at’ Aha ni ho abaherezi bazoteka ibimazi vy’impongano n’ibimazi bitangirwa ivyaha, kandi ni ho bazokaranga amashikanwa y’amafu; kugira ngo boye kubijana mu ntangaro, bakavyezesha abantu.
21
Maz’ anjana mu ntangaro, angenduza imfuruka zine z’urugo; nsanga izo mfuruka zose z’urugo zubatswek’ utunyubakwa.
22
Ukw imfuruka z’urugo ari zine, hāri harumitsekw akanyubakwa; uburebure bgatwo bgār’ amatambge mirongwine y’ukuboko uciriye mu nkokora, amakika yar’ amatambge mirongwitatu: utunyubakwa two mu mfuruka ukw ari tune twār’ urugero rumwe.
23
Muri two ukw ari tune, hārimw’ imirongo y’amatafari itugendanye, yubatswemw’ amaziko impande zose.
24
Maz’ arambarira, at’ Utu n’ utuzu two gutekamwo, ah’ abasuku bo mu ngoro bazoteka ibimazi abantu bazanye.
← Chapter 45
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 47 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48