bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 28
Ezekiel 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 29 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
2
riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;
3
ni ko ga! Urusha Daniyeli ubgenge, nta gihishijwe uyoberwa!
4
Ubgenge bgawe no kumenya kwawe vyaguhesheje ubutunzi, vyatumye urunda izahabu n’ifeza mu bubīko bgawe;
5
ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.
6
Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko wagereranije umutima wawe n’umutima w’Imana,
7
nuko nanje ngira ngutēze abantu b’akavantara b’agaterabgoba bo mu mahanga, basokore inkota zabo ngo barwanye ubgiza bg’ubgenge bgawe, bafutanye igitinyiro cawe.
8
Bazokumanura bakurokeze muri rwa rwobo; kand’ uzopfa urupfu rw’ abaguye mw idamba mu kiyaga.
9
Mbeg’ uzosubira kuvugira imbere y’ūkwica ng’ ur’ Imana? Ushima uzoba ur’ umuntu buntu, ntuzoba ur’ Imana, ushitse mu maboko y’ ūgusogota!
10
Uzopfa urupfu rw’abatākebge wishwe n’amaboko y’abanyamahanga; kukw ari jewe mbivuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.
11
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
12
riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre umwami w’i Tiro, umubgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ni wewe war’ akaminuza ka vyose, wuzuye ubgenge, ukaba mwiza vy’agahore.
13
Wari muri Edeni, mw itongo ry’Imana; wisakayek’ utubuyenge twose tw’igiciro kinini, twitwa odemu na pitida na yahalomu na tarushishi na shohamu na yasipi na safiro na nofekina na bareketi, bo n’izahabu: ubuhanga bgo kubāza udushako tw’ingoma n’imyironge bgar’ i wawe; vyari vyarateguwe umusi waremwako.
14
War’ umukerubi usīzwe amavuta, ushānje amababa: kandi nagushizeho, uba ku musozi wera w’Imana; wacuragiza hagati y’ amabuye yaka umuriro.
15
War’ agahore mu ngeso zawe zose uhereye umusi waremeweko, gushitsa igihe ibigabitanyo vyakubonetseko.
16
Ibitayega vy’ibidandazwa vyawe vyatumye wuzura umuryano, maz’ uracumura: ni co catumye nguhinda nk’igihumane, nkagukūra ku musozi w’Imana; narakugesheje, yewe mukerubi ushānje amababa, ngukūra hagati ya ya mabuye yaka umuriro.
17
Ubgiza bgawe ni bgo bgateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro cawe ni co cononnye ubgenge bgawe; ngutsinze hasi, nkurambitse imbere y’abami ng’ubabere akabarore.
18
Kubg’ isinzi ry’ ibicumuro vyawe n’ubugunge bg’ ukudandaza kwawe, wahumanije ahēra hawe; ni co catumye ntuma umuriro uvuye muri wewe ukuyigiza, nkakugira umunyota urunze hasi imbere y’abo wabereye akabarore.
19
Abakuzi bose bo mu mahanga bazogutangarira: wahindutse agaterabgoba, kandi ntuzosubira kubah’ ukundi.
20
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
21
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe i Sidoni, uhabūrire,
22
ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzohigūra nawe, ewe Sidoni, nzoshirwa hejuru hagati muri wewe: maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho, igihe nzoba nshikije iteka mpaciriyeko, nkiyerekana muri bo ko nd’ Uwera.
23
Kuko nzoharekurira ikīza, nkuzuza ibitenga vy’amaraso mu nzira zaho; kand’ abakomeretse bazogwa hagati muri ho, bishwe n’inkota ihateye impande zose; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
24
Kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kugira umukere ubahanda, cank’ umubambangwe ubasāsāta mu babakikije bose, bāhora babagirira nabi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Umwami Uhoraho.
25
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Igihe nzoba mpejeje gukoranya ab’ inzu ya Isirayeli, mbakūye mu mahanga aho bāri barasābagiriye, nkiyerekana muri bo ko nd’ Uwera imbere y’abanyamahanga, ni ho bazoshinga ibande mu gihugu cabo, ico nahaye umusavyi wanje Yakobo.
26
Bazohashinga ibande ata nkomanzi; mbere bazokwubaka amazu, batere n’inzabibu, bibere ngaho ata nkomanzi, igihe nzoba nshikije iteka nciriye ku babagirira nabi babakikije bose; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho Imana yabo.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48