bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 45
Ezekiel 45
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 44
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 46 →
1
Maze, igihe muzogaburisha igihugu ubupfindo, ngo kibabere ishamvu, muze mukūrire Uhoraho umugabane kw ishikanwa, ube umugabane wera ukūwe ku gihugu; uburebure bgawo buze bube irenga ingero ibihumbi mirongwibiri na bitanu, n’amakika yawo abe ibihumbi cumi; uzoba uwera no gushitsa ku mbibe zawo impande zose.
2
Kuri wo muze mukūre ikibanza c’ahēra, uburebure bgaco buze bube irenga ingero amajana atanu, n’amakika yaco abe amajana atanu nyene, mu mpande zose ukw ari zine hangane; kandi habe imparure ihakīkūje ibe iy’ amatambge mirongwitanu y’ukuboko uciriye mu nkokora.
3
Uru ni rwo rugezo uzogera: uburebure bube irenga ingero ibihumbi mirongwibiri na bitanu, n’amakika abe ibihumbi cumi: aho haze habe ahēra, ari ho hēra cane.
4
Uzoba umugabane wera ukūwe ku gihugu; hazoba ah’ abaherezi, baherereza ahēra, abēgēra Uhoraho ngo bamuhereze; hazoba ah’ amazu yabo, habe n’ ahantu hēra h’ahēra nyene.
5
Abalewi baherereza mu ngoro, aho bazohabga, uburebure bgaho buze bube ingero ibihumbi mirongwibiri na bitanu, amakika abe ibihumbi cumi, habe ishamvu yabo, baze bahagire ivyumba vyabo mirongwibiri.
6
Kandi muze murobanure ishamvu y’igisagara, iz’ ibe amakika ingero mirongwitanu, uburebure bube ibihumbi mirongwibiri na bitanu, haze habangikane na wa mugabane wera w’ ishikanwa; haze habe ah’ inzu yose ya Isirayeli.
7
Kand’ ahazoba aha segaba haze habe mu mpande zompi za wa mugabane wera w’ ishikanwa bo n’ishamvu y’igisagara, habangikane n’uwo mugabane wera w’ishikanwa nyene bo n’iyo shamvu y’igisagara, mu ruhande rwerekeye i burengerazuba, no mu ruhande rwerekeye i burasirazuba; uburebure bgaho burehe n’ubg’ umugabane umwe mu yigabanganijwe mu gihugu, uhereye ku rubibe rw’i burengerazuba ugashitsa ku rubibe rw’i burasirazuba.
8
Aho hazomubera ishamvu hagati mu Bisirayeli mur’ ico gihugu; kandi ba segaba banje ntibazokwongera guhahaza abantu banje; ariko bazogabanganiriza igihugu ab’ inzu ya Isirayeli, nk’ukw imiryango yabo iri.
9
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.
10
Mugire umunzane w’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ingero yitwa batu y’ ukuri.
11
Efa na batu bibe urugero rumwe, kugira ngo batu ibemwo kimwe c’icumi c’ingero yitwa homeru, na efa ibemwo kimwe c’icumi ca homeru nyene; urugezo rwavyo rugerwe kuri homeru.
12
Shekeli ikābe gera mirongwibiri; shekeli zitanu zibe zitanu nyene, na shekeli cumi zibe icumi nyene; shekeli mirongwitanu na zo zikābe mina.
13
Iri ni ryo shikanwa muzoshikana: mu ngano muze mutange kimwe ca gatandatu co muri efa, mukigabanije kuri homeru imwe; muri sayiri muze mutange kimwe ca gatandatu co muri efa nyene, mukigabanije kuri homeru;
14
urugero rw’amavuta rushinzwe muzotanga rwo muri batu igera amavuta, ruze rube kimwe c’icumi co muri batu, mukigabanije kuri koru, ari yo ijamwo batu cumi, ar’ urugero rumwe na homeru: kuko homeru imwe ijamwo batu cumi nyene;
15
mutange n’umwagazi w’intama umwe‐umwe ukūwe mu mukuku w’amajana abiri‐abiri, mu mikuku y’imiryango y’Abisirayeli; ivyo vyose bize bibe ishikanwa ry’ amafu, n’ikimazi co kwoswa, n’ ibimazi vy’ishimwe, kugira ngo batangirwe impongano, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
16
Abantu bose bo mu gihugu bazozanira segaba w’Abisirayeli iryo shikanwa.
17
Ariko segaba az’ abe ari we atanga ibimazi vyo kwoswa, n’amashikanwa y’amafu, n’amashikanwa y’ibiturire, mu misi mikuru no mu mboneko z’ukwezi no ku masabato, no mu misi mikuru yose yashingiwe ab’ inzu ya Isirayeli: az’ atange ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ishikanwa ry’ amafu, n’ibimazi vyo kwoswa, n’ibimazi vy’ishimwe, kugira ngw atangire impongano inzu ya Isirayeli.
18
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo wa mbere, uze wābīre imasa y’umukangara idafise agasembga; uheze uz’ uhumanure ahēra.
19
Umuherezi aze yābīre ku maraso y’ikimazi gitangirwa ivyaha, ayasīge ku bisapfu vy’ ingoro, no ku mfuruka zine z’ intera y’igicaniro, no ku bikingi vy’ikirimba c’inyubakwa.
20
Kand’ abe ari k’uzohora ugenza nyene, ku musi w’indwi w’ukwezi kwose, ku vyo ugirira uwazimiye wese bo n’imburabgenge: uko ni ko muzotangira ingoro impongano.
21
Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo w’icumi na kane, muze mugire Pasika, iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi; baze barye imitsima itambiwe.
22
Kandi kur’ uwo musi segaba az’ atange imasa kw ikimazi gitangirwa ivyaha, co kubgiwe no kubg’ igihugu cose.
23
Mur’ iyo misi mikuru ukw ar’ indwi az’ atange ibimazi vyo kwosereza Uhoraho, amamasa ndwi‐ndwi n’impfizi z’intama ndwi‐ndwi bitagira agasembga, ku musi wose ukw ar’ indwi; n’impfizi z’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha imwe‐imwe uko bukeye.
24
Kand’ az’ ashikane ishikanwa ry’amafu, ku masa yose hajekw ingero imwe yitwa efa, no ku mpfizi y’intama hajeko efa imwe nyene; no kuri efa yose y’ifu hajekw ingero yitwa hini y’ amavuta.
25
Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, mu misi mikuru yakwo, abe ari kw azogenza kumara imisi ndwi; abigenze nk’uko yagenjeje ivy’ ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ivy’ ikimazi co kwoswa, n’ivy’ ishikanwa ry’amafu, n’ivy’ amavuta.
← Chapter 44
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 46 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48