bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 44
Ezekiel 44
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 43
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 45 →
1
Maz’ arangarukana anshikana ku kirimba c’ahēra, kir’ inyuma kirābana n’i burasirazuba, ariko cari kijishe.
2
Maz’ Uhoraho arambarira, at’ Iki kirimba kize came kijishe, ntikize kijishurwe, canke ngo hagire umuntu n’ umwe agicamwo, kuko jewe Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari jewe nagiciyemwo; ni co gituma kizohora kijishe.
3
Ariko segaba we, ni we azohavyagira ngw ahafungurire ivy’ ibimazi imbere yanje, jewe Uhoraho, kukw ari we segaba; az’ ashikeyo aciye mu rubaraza rw’ikirimba, kandi ni yavayo az’ ajane iyo nzira nyene.
4
Maz’ anshikana imbere y’ingoro ancishije mu kirimba kirābana n’i burārūko; maze ngize ntya mbona ubgiza bg’Uhoraho bguzuye ingoro y’Uhoraho: nca nikubita hasi nubamye.
5
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Mwana w’umuntu, shirak’ umutima, ukanure manini, utege amatwi, ivyo ngira nkubarire vyose vy’amabgirizwa yose y’ingoro y’Uhoraho, n’ivyagezwe vyayo vyose; ushire umutima ku rwinjiriro rw’iyo ngoro, no kw isohokero ryose ry’ ahēra.
6
Uz’ ubgire ba bagarariji, ari bo nzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ibizira vyanyu vyose mwakoze birahāgije,
7
ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.
8
Kandi ntimwarinze ivyera vyanje mwajejwe, arikw ahēra hanje mwahajeje abandi mu gishingo canyu.
9
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nta munyamahanga atakebge mu mutima no ku mubiri, azokwinjira ahēra hanje, w’umunyamahanga wese ari mu Bisirayeli.
10
Mbere n’Abalewi bāngiye kure, igihe Abisirayeli bāzimira, bakanta bagakurikira ibigirwamana vyabo, na bo bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo.
11
Bazosigara ar’ ibikomaguzi ahēra hanje, bashibama ku birimba biherereye ku ngoro, bakore n’ibikorwa vyo mu ngoro: bazobāgira abantu buntu ibimazi vyo kwoswa n’ibindi bimazi, bahagarare imbere yabo babakorera.
12
Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.
13
Ntibazonyegēra ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi, canke ngo bagire ico bēgēra mu bintu vyanje vyera, mu bintu vyanje vyera cane; ariko bazofatwa n’ibitētērwa vy’ibizira bakoze.
14
Nzobahindura abo kuzezwa ingoro, mbahe gukora ibikorwa vyaho vyose, bakore n’ikintu cose kihakorwa.
15
Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:
16
bazokwinjira ahēra hanje, bēgēre ameza yanje, kugira ngo bankorere, bazigame ivyo nabajeje.
17
Kandi ni baza baciye mu birimba vy’ inyubakwa, baze bāze bambaye imyambaro yera; ntibaze bagire ico bambara c’ubgoya igihe bakorera ku birimba vy’inyubakwa no mu ngoro.
18
Baze bambare ibitambara vyera mu mitwe, bakenyere amabutura yera; ntihakagire ico bazokenyera cobatera kubira ivyuya.
19
Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.
20
Kandi ntibakimoshe inkomvorera, canke ngo batereke umushatsi muremure, baze bīkatishe gusa.
21
Ntihakagire uwo mu baherezi anywa vino igihe bagira baje mu nyubakwa.
22
Kandi ntibaze bacūre abapfakazi, canke ngo bābīre uwirukanywe: ariko baze basabe inkumi zo mu ruvyaro rw’inzu ya Isirayeli, canke se baze bacūre umupfakazi yapfakaye mu baherezi.
23
Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.
24
Mu mibūrano baze babe ari bo baca imanza; nk’ukw ivyagezwe vyanje bibgiriza, abe ari ko bazica; kandi baze bitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje mu misi mikuru yanje yose yashinzwe; kandi baziririze n’amasabato yanje.
25
Ntibakēgēre umuvyimba w’umuntu n’umwe kugira ngo ntibīhumanye; nta bandi bokwihumanisha shit’ abaye se canke nyina, cank’ umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe, canke mukuru we canke murumuna we, canke mushiki we atarābīrwa.
26
Maze ni yamara guhumanurwa bamuharūrire imisi ndwi.
27
Umusi azosubira gushika ahēra, agashika mu nyubakwa, akaja ahēra ngw ahereze, az’ atange ikimazi co kubgiwe gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.
28
Kandi ntihaze hagire uwundi mugabane bagira: umugabane wabo ni jewe; ntimuze mubahe ishamvu mu Bisirayeli: ishamvu yabo ni jewe.
29
Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.
30
Indobanurwa z’imishuzo yose y’ivyimburwa vyose, bo n’ishikanwa mushikana ry’ikintu cose, bize bibe ivy’ abaherezi: kandi muze mucire umuherezi kw ifu yanyu y’umushuzo isewe iheretuwe, kugira ngw amazu yanyu ahoremw’ umugisha.
31
Abaherezi ntibakagire icipfiriye na kimwe bazorya, cank’ ikirangara, ar’ ico mu biguruka canke mu bitungwa.
← Chapter 43
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 45 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48