bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 38
Ezekiel 38
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 37
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 39 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko,
2
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe Gogi wo mu gihugu c’i Magogi, umwami w’i Roshi n’i Mesheki n’i Tubali, umubūrire,
3
ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Gogi, mwami w’i Roshi n’i Mesheki n’i Tubali:
4
nzogukimiranya, nshire igera mu mibangabanga yawe, ngukwegane n’ingabo zawe zose, n’amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye ivyuma vyo kwīkīngiriza, ar’ igitero kinini citwaje inkinzo nto‐nto na nini‐nini, bose bafashe inkota:
5
ab’ i Buperesi n’abo muri Etiyopiya n’ab’ i Puti bazoba bari kumwe na bo, bose bari n’inkinzo n’inkofero z’ivyuma;
6
na Gomeri n’ingabo ziwe zose, n’ab’ inzu ya Togaruma baba ahahera i burārūko, n’ingabo zabo zose: mbere bazoba ar’ amahanga menshi ari kumwe nawe.
7
Kenyera witegure, mwe n’ibitero vyawe vyose bikoraniye ah’ uri, ubabere umugabisha.
8
Hahise imisi myinshi uzovyutswa: mu myaka y’iherezo uzoza mu gihugu cābogowe gikūwekw inkota, kirimw’ ubgoko bgakoranirijwe hamwe bavuye mu mahanga menshi, bari ku misozi y’i Bgisirayeli yahoze ar’ amatongo; bākūwe mu mahanga, biberaho ata co binona, bose uko bangana.
9
Nuk’ uzodūga, uje nk’ikirura, uzoba nk’igipfungu cubikije mu gihugu, mwe n’ingabo zawe zose, n’amahanga menshi muri kumwe.
10
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uwo musi ni washika, hazoza ivyiyumviro mu mutima wawe, wīgīre imigabo y’ibibi:
11
maz’ uzovuga, uti Hinge ndūge ntere igihugu c’imihana itubakiwe inzitiro z’amabuye, ngīre abibereye impore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro, ata n’imyugariro cank’ amarembo bagira;
12
kugira ng’ uhasahure, uhanyage iminyago, ubangurire ukuboko kwawe ahāhoze ar’ imisaka hagasubira kubamw’ abantu, no ku bgoko bgākoranirijwe hamwe buvuye mu mahanga, bāmaze kwironkera amatungo n’ibintu, bakibera hagati mw isi.
13
Ab’i Sheba n’ab’i Dedani n’abadandaza b’i Tarushishi n’abahambaye nk’ imigunza y’intambge baho bose, bazokubaza, bati Mbeg’ uzanywe no gusahura? Wakoranije ico gitero cawe kunyaga iminyago, no gutwara ifeza n’izahabu, no kwishorerera amasho no gutwara ibintu, no kunyaga iminyago myinshi?
14
Nuko rero, mwana w’umuntu, būrira Gogi, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kur’ uwo musi, igihe abantu banje b’Abisirayeli bazoba bibereye impore, mbega ntuzobimenya?
15
Ico gihe uzoza uvuye i wawe ahahera i burārūko, mwe n’amahanga menshi muzananye, bose bagendera ku mafarasi, ar’ igitero kinini n’ingabo nyinshi;
16
maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!
17
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega si wewe navuze mu bihe vya kera, mvugiye mu basavyi banje b’Abisirayeli navugisha, bābūye imyaka myinshi mur’ ico gihe, yukw ari wewe nzorungika kubatera?
18
Kur’ uwo musi, igihe Gogi azotera igihugu c’i Bgisirayeli, uburake bganje buzompfunduka mu mazuru, ni k’Umwami Uhoraho agize.
19
Kuko navuganye ifuhe n’ uburake bgaka umuriro, nti N’ ukuri, kur’ uwo musi hazoba ugutigita gukomeye mu gihugu c’i Bgisirayeli;
20
bitume amafi yo mu kiyaga, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ivyikwega vyose vyikwega hasi, n’abantu bose bari kw isi, bihindira agashitsi imbere yanje, n’imisozi yubikwe, n’ahantu h’agatembge hasiduke, n’inzitiro zose zisenyukire hasi.
21
Nzohamagaza inkota yo kumurwaniriza ku misozi yanje yose, ni k’Umwami Uhoraho agize: inkota y’umuntu wese azoyirwanisha mugenzi we.
22
Nzomushitsakw iteka namuciriyeko, ndamuhanishe ikīza no kuvishwa amaraso; kandi we n’ingabo ziwe n’ amahanga menshi ari kumwe na we, nzobarekurirakw imvura y’ isegenya, n’imināna y’urubura, n’ umuriro n’amazuku.
23
Uko ni ko nzogaragaza icubahiro canje, niyerekane ko nd’ Uwera, kandi nzokwimenyekanisha mu maso y’ amahanga menshi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
← Chapter 37
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 39 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48