bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 43
Ezekiel 43
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 42
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 44 →
1
Maze hanyuma anjana ku kirimba, ni co kirimba c’ ahahera i burasirazuba:
2
ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.
3
Ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo neretswe igihe nazanwa no guhonnya igisagara; ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo nerekewe ku ruzi Kebari; maze nikubita hasi nubamye.
4
Maz’ ubgiza bg’Uhoraho bginjira mu ngoro buciye mu kirimba gihera i burasirazuba.
5
Mpwemu aranterura, anshikana mu nyubakwa; ngize ntya, mbona ubgiza bg’Uhoraho bguzuye ingoro.
6
Maze numva ūmbarira ari mu ngoro; nuk’ umuntu aca ampagarara i ruhande.
7
Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,
8
kuko begereje irebe ryabo hambavu y’irebe ryanje, n’igisapfu cabo hambavu y’igisapfu canje, hagati yanje na bo hagaca urugo gusa; bakandurisha izina ryanje ryera ibizira vyabo bākora: ni co catumye mbayogeza mfise uburake.
9
Noneho ni bankūre imbere ubgo bumaka bgabo, n’imivyimba y’abami babo, babinshire kure, mbone kuba hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira.
10
Nuko rero, mwana w’umuntu, uze wereke ab’ inzu ya Isirayeli iyi ngoro, kugira ngo bamāramāzwe n’ibigabitanyo vyabo; bayigere nk’ukw ikigereranyo cayo kimeze.
11
Maze ni bamāramāzwa n’ivyo bākoze vyose, ubamenyeshe iyo ngoro ukw isa, n’ imyubakire yayo ukw imeze, no mw isohokero ry’irebe ryayo no mu rwinjiriro rwayo, n’ukw imeze hose, n’amabgirizwa yayo yose, n’ukw isa hose, n’ivyagezwe vyayo vyose; uvyandikire imbere yabo, kugira ngo bame bibuka ukw isa yose, n’amabgirizwa yayo yose, kugira ngo bayitondere.
12
Iki ni co cagezwe c’iyo ngoro: mw itāba ry’uwo murwa, ah’ urugabano rwayo ruyikīkūje hose rugarukira, hazoba hēra cane. Eh’ ico ni co cagezwe c’ingoro.
13
Kand’ aya az’ abe ari yo matambge y’igicaniro, y’ukuboko uciriye mu nkokora (itambge ryose rize rirenzekw itambge ry’intoke): intebe yaco, uburebure bg’igihagararo bube itambge rimwe, no mw iniguriro ryayo aho rigera, bube itambge rimwe nyene; n’ umubuga wayo uyikikuje ube uw’ itambge rimwe ry’intoke; uko ni kw intebe y’igicaniro ikwiye kumera.
14
Guhera ku ntebe hasi gushitsa ku ntera y’ahahera hepfo, habe amatambge abiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, no mw iniguriro ry’iyo ntera aho rigera, habe itambge rimwe; kandi guhera kur’ iyo ntera ngufi ugashitsa ku ntera ndende habe amatambge ane, no mw iniguriro ry’iyo ntera aho rigera, habe itambge rimwe.
15
N’ ahahera hejuru ku gicaniro habe amatambge ane; kandi hejuru ku gicaniro ahacanwa nyene haze hashingwe amahembe ane.
16
Aho gucanwa, uburebure bg’amakika bgaho bube amatambge cumi n’ abiri, n’ubgaguke bube icumi n’ abiri nyene, impande zose ukw ari zine zingane.
17
Kand’ intera gihagazeko, uburebure bgayo bg’ amakika bube amatambge cumi n’ane, n’ubgaguke bube icumi n’ane nyene, impande zose ukw ari zine zingane; umubuga wayo uyikikuje ugende ar’ igihimba c’itambge ry’ukuboko uciriye mu nkokora, no mw iniguriro aho rigera rigende ar’ itambge rimwe impande zose. Ingazi yaco iherēre i burasirazuba.
18
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Aya ni yo mabgirizwa y’igicaniro bazoshitsa umusi bazocubaka, kugira ngo bacoserezekw ibimazi, bakimijekw amaraso.
19
Abaherezi b’ Abalewi, bo mu ruvyaro rwa Sadoki, ari bo bampora hafi ngo bankorere, uz’ ubahe imasa y’umukangara, ibe ikimazi gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.
20
Uze wābīre ku maraso yaco, uyashire ku mahembe ukw ar’ ane y’igicaniro, no ku nkokora z’intera yaco ukw ari zine, no ku mubuga uyikikuje impande zose: uko ni k’uzogihumanura, ukagitangira impongano.
21
Kand’ uze wābīre iyo masa y’ikimazi gitangirwa ivyaha, bagituririre ahāshinzwe mu gikebere c’iyo ngoro, inyuma y’ahēra.
22
Maze ku musi ugira kabiri uz’ utange isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi gitangirwa ivyaha; bayihumanuze igicaniro nk’uko bāgihumanurishije ya masa.
23
Ni waheza kugihumanura, uz’ utange imasa y’umukangara itagira agasembga, n’isuguru y’intama itagira agasembga ikūwe mu mukuku.
24
Uheze uvyigize hafi imbere y’Uhoraho, abaherezi babimemerek’ umunyu, babitangekw ibimazi vyoserezwa Uhoraho.
25
Uko bukeye kumara imisi ndwi, uze wame ugera isuguru y’impene yo kuba ikimazi gitangirwa ivyaha; kandi baze bame bagera imasa y’ umukangara n’isuguru y’intama ikūwe mu mukuku, bitagira agasembga.
26
Baze bamare imisi ndwi batangira igicaniro impongano, bagihumanure; uko ni ko bazokirobanura.
27
Maze ni barangiza iyo misi, uhereye umusi ugira umunani, abaherezi baze bahereko babatangire ibimazi vyanyu ku gicaniro, ari vyo bimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ishimwe; nanje nzobākīrira, ni k’Umwami Uhoraho agize.
← Chapter 42
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 44 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48