bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 7
Ezekiel 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 8 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
2
riti Nawe, mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho abarira igihugu c’Abisirayeli, at’ Umuhero! Umuhero ushitse mu mpande zine z’igihugu!
3
Noneh’ umuhero ugushitseko, ngira nguteze uburake bganje, ngucire urubanza ruhwanye n’ ingeso zawe; kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe.
4
Ijisho ryanje ntirizokuziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: arikw ingeso zawe nzozigusubiza ku mutwe, kand’ ibizira vyawe bizokubonekako: ni ho uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
5
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Icago, icago c’ubugesera! Ehe kiraje!
6
Umuhero urashitse, umuhero urashitse, urakuvundurukiye: eh’ uraje!
7
Igihano cawe kiragushitseko, wewe wibera mu gihugu we! Igihe kirashitse, umusi uri hafi; n’ umusi wo kuvuza akarūru mu misozi, atar’ uwo kuvuza impundu.
8
Non’ ubu mpava nkurekurirak’ ubushangashirwe bganje, ngushitsek’ uburake bganje, ngucire urubanza ruhwanye n’ingeso zawe: kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe.
9
Ijisho ryanje ntirizoziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: ariko nzogusubiza ku mutwe ibihwanye n’ingeso zawe, kand’ ibizira vyawe bizokubonekako; ni ho uzomenya yuko jewe Uhoraho, ari jewe mpana.
10
Ehe wa musi, nguyu uraje: igihano cawe kirashitse; inkoni yabaye umusozo, ubgibone buratutuje.
11
Umuryano urisumbuye ucitse inkoni yo guhana ikibi; nta masigarira yo muri bo, haba no mu masinzi yabo, haba no mw itunga ryabo; nta n’ubukuru bukiba muri bo.
12
Igihe kirashitse, umusi uri hafi: umuguzi areke kunezerwa, n’ūguzweko areke kuganya; kuk’ uburake bushitse ku masinzi yabo yose.
13
Kuk’ ūguzweko atazosubira ku vyo yaguze, naho boba bakiriho: kukw ivyerekanywe vyerekana ku masinzi yabo yose, kw ata wuzosubirayo; kandi nta wuzokwitungira amagara mu kugabitanya kwiwe.
14
Batabarishije inzamba, batunganije vyose, ariko nta n’umwe yagiye mu ntambara: kuk’ uburake bganje buri ku masinzi yabo yose.
15
Inyuma har’ inkota, imbere har’ ikīza n’inzara: ūzoba ari ku musozi azokwicishwa inkota; ūzoba ari mu gisagara inzara n’ikīza bizomuyongobeza.
16
Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.
17
Amaboko yose azodendebuka, n’amavi yose azoregarega acike nk’ amazi.
18
Kandi bazokenyera amagunira, ubgoba bubatwikire, kandi mu maso ha bose hazogira ibitētērwa, no ku mitwe ya bose hazoba inkomvorera.
19
Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane; amafeza n’amazahabu vyabo ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bg’Uhoraho; ntibizohāza imitima yabo, canke ngo bihāze inda zabo: kuko vyababereye igitsitaza co kubagwisha mu bigabitanyo.
20
Ubgiza bg’ivyari bibasharije bgabateye ubgibone: babicuzemw’ ibishushanyo vy’ibizira vyabo n’ ibigirwamana vy’ubuyobe; ni co gitumye mbihindura igihumane kuri bo.
21
Kandi nzobigabura mu maboko y’abanyamahanga ngo bibe iminyago, no ku banyakibi bo mu gihugu ngo bibe isahu, kandi bazobihumanya.
22
Nzobakūrakw amaso yanje ndore irya, ba bandi na bo bazohumanya ubgiherēro bganje, abambuzi bazohinjira bahahumanye.
23
Itegure iminyororo! Kukw igihugu cuzuye ubgicanyi, n’igisagara cuzuye umuryano.
24
Ni co gituma ngira nshikimure ihanga rirushije ayandi kuba ribi, begukire amazu yabo; kandi nzotuma ubgibone bg’abahizi buherengetera; n’ahantu habo hēra hazohumanywa.
25
Ubugesera buraje! Bazorondera amahoro, bayabure.
26
Ivyago bizogerekerana n’ibindi, n’impuha zigerekerane n’izindi; bazoja kuronderera k’ūvugishwa n’Imana ko yoba har’ ico yeretswe; kukw ivyagezwe bizobura ku muherezi, n’inama zibure ku bo hambere.
27
Umwami azocura akanihiro, n’umuganwa ubujonjogore bumufate, amaboko y’abantu bo mu gihugu ahinde agashitsi: nanje nzobagirira nk’ukw ingeso zabo zimeze, mbacire urubanza rukwiranye na bo; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48