bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 42
Ezekiel 42
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 43 →
1
Maz’ ankūrayo, anshikana mu ntangaro, aherekeye i burārūko; anyinjiza mu nzu irimw’ ivyumba irābana na wa mwanya uciye hagati, irābana n’ingoro, ahahera i burārūko.
2
Uruhande rwarimw’ urugi rw’aharābana n’i burārūko, uburebure bgaho bg’ amakika bgar’ amatambge ijana y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke na bgo bgar’ amatambge mirongwitanu.
3
Iyo nzu yari n’ amabaraza agerekeranye mu mirongo itatu, arābana n’ah’ amatambge mirongwibiri ho mu nyubakwa, kand’ arābana na wa musezero w’amabuye wo mu ntangaro.
4
Imbere y’iyo nzu irimw’ ivyumba hār’ inzira, ubgaguke bgayo bgar’ amatambge cumi, hāri n’akayira k’itambge rimwe; kand’ imiryango y’ivyo vyumba yarāba i burārūko.
5
Ivyumba vyo hejuru vyarutwa n’ivyo hasi bo n’ivyo hagati mur’ iyo nzu, kuko vyakehejwe n’amabaraza yavyo.
6
Kuko vyubatswe mu mirongo itatu igerekeranye, ariko bidafise inkingi nk’izo mu rugo: bituma ivyumba vyo hejuru biba impfunda kurenza ivyo hasi n’ivyo hagati.
7
Igisika c’ahahera inyuma y’inzu irimw’ ivyumba kirābana no mu ntangaro imbere y’ibindi vyumba, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitanu y’ukuboko uciriye mu nkokora.
8
Kuko vya vyumba birāba mu ntangaro, uburebure bgavyo bgār’ amatambge mirongwitanu; arik’ ubg’ ibir’ imbere y’urusengero vyo bgar’ amatambge ijana.
9
Musi y’ivyo vyumba hār’ icanzo, ahahera i burasirazuba, cācibgamwo n’abajayo bava mu ntangaro.
10
Mu ntimba y’urugo rw’amabuye rw’inyubakwa ahahera i burasirazuba, na ho hār’ ivyumba, vyar’ imbere y’umwanya uciye hagati, imbere y’ingoro.
11
Inzira yaca imbere yavyo yasa n’iyaca imbere y’ivyumba vy’ aherekeye i burārūko; ivyo hino n’ ivyo hirya vyose vyari cabugerwe mu burebure no mu bgaguke, n’ imiryango yavyo yose na yo yar’ uburyo bumwe, n’inzugi zavyo ni nk’uko.
12
Inzugi z’ivyumba vy’aherekeye i bumanuko na zo ni ko zari zimeze. Ku mutwe w’ inzira, ari yo nzira yo mu nyubakwa irābana n’i burasirazuba, hār’ icanzo, cācibgamwo n’abajayo.
13
Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.
14
Abaherezi iyo binjiye ahēra, ntibaze baveyo ngo baje mu ntangaro, badasizey’ imyambaro yabo y’ubuherezi, kukw ar’ iyera; ariko bambare iyindi myambaro, babone kwegerana n’abantu.
15
Nukw arangije kugera imbere mu ngoro, ancisha mu kirimba kirāba i burasirazuba, agera urugo impande zose.
16
Agera ku ruhande rw’i burasirazuba, ageresheje irenga ry’ikigeresho, ruba amatambge amajana atanu y’irenga kur’ urwo ruhande rwose.
17
Maz’ agera ku ruhande rw’i burārūko, ruba amatambge amajana atanu y’iryo renga ry’ikigeresho kur’ urwo ruhande rwose.
18
Agera uruhande rw’i bumanuko, ruba amatambge amajana atanu y’iryo renga ry’ikigeresho.
19
Maz’ ahindukirira mu ruhande rw’i burengerazuba, ahageresha iryo renga ry’ikigeresho, ruba amatambge amajana atanu nyene.
20
Uko ni ko yageze izo mpande ukw ari zine: urugo rwari ruhakikuje impande zose, uburebure bgarwo bgar’ amatambge amajana atanu, n’ubgaguke bgarwo yandi majana atanu nyene; urwo rugo rwar’ urwo gutandukanya ahēra n’ahatar’ ahēra.
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 43 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48