bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 20
Ezekiel 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 21 →
1
Nuko mu mwaka w’indwi, mu kwezi kwa gatanu, ku musi ugira icumi w’ukwo kwezi, haza bamwe bo mu bakuru b’ Abisirayeli gusiguza Uhoraho, bicara imbere yanje.
2
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
3
riti Mwana w’umuntu, vuga, ubarire abakuru b’Abisirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Mbega mwazanywe no kugira ico munsiguza? Ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nta co nzosiguzwa namwe.
4
Mbega ntiwobacira urubanza, ga mwana w’umuntu, ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe ibizira vya ba sekuruza.
5
Ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ku musi natoranijeko Isirayeli, nkamanika ukuboko ndahiye uruvyaro rw’inzu ya Yakobo, nkabiyerekera mu gihugu ca Egiputa, igihe namanika ukuboko mbarahira, nti Nd’Uhoraho Imana yanyu;
6
ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.
7
Ndaheza ndababgira, nt’ Umuntu wese n’ate kure ibizira yamizakw ijisho, mwoye kwihumanisha ibigirwamana vyo muri Egiputa; ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
8
Ariko barangararije, banka kunyumvira; nta n’umwe yataye ibizira yamizakw ijisho, kandi ntibāhevye ibigirwamana vyo muri Egiputa. Maze nca mvuga ko nzobasukak’ uburake bganje, nkabīmarirakw ishavu mu gihugu ca Egiputa.
9
Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.
10
Nuko mbakūra mu gihugu ca Egiputa mbajana mu bugaragwa.
11
Maze mbaha amabgirizwa yanje, mbamenyesha n’ ivyagezwe vyanje, ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye.
12
Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.
13
Arikw ab’ inzu ya Isirayeli bārangararije bari mu bugaragwa: ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ariko bāgaye ivyagezwe vyanje, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; kandi n’amasabato yanje bārayaziruye rwose. Nuko rero nca mmaramaza ko ngiye kubasukak’ uburake bganje bari mu bugaragwa, mbaherengeteze.
14
Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’ amahanga, ari yo nyene yar’ abahanze amaso igihe nabakūrayo.
15
Yamara kandi namanitse ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko ntazobashitsa mu gihugu nabahaye, kimwe gitemba amata n’ ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose,
16
mbitewe n’uko bāgaye ivyagezwe vyanje, ntibagendere mu mabgirizwa yanje, bagakēngēra n’amasabato yanje, kukw imitima yabo yakurikira ibigirwamana vyabo.
17
Yamar’ ijisho ryanje rirabaziguriza sinabahonnya, sinabaherengetereza rwose mu bugaragwa.
18
Maze nabaririye abana babo mu bugaragwa, nti Ntimukagendere mu mabgirizwa ya ba so, kandi ntimukitondere ivyagezwe vyabo, canke ngo mwihumanishe ibigirwamana vyabo.
19
Ni jewe Uhoraho Imana yanyu: ni mugendere mu mabgirizwa yanje, mukomeze ivyagezwe vyanje muvyitondere,
20
mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugira ngo mumenye yuko jewe nd’Uhoraho Imana yanyu.
21
Arikw abana babo na bo bārangararije; ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ntibakomeza ivyagezwe vyanje ngo bavyitondere, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; bāzirūye amasabato yanje; nuko rero nca mvuga ko ngiye kubasukak’ uburake bganje, nkabīmarirakw ishavu mu bugaragwa.
22
Yamara nagaruye ukuboko kwanje, ndwanira izina ryanje ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga, ari yo nyene yabahanze amaso igihe nabakūrayo.
23
Nongeye kumanika ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu,
24
kuko batāshikije ivyagezwe vyanje, ariko bakagaya n’amabgirizwa yanje, bakazirūra amasabato yanje, amaso yabo bakayahanga ibigirwamana vya ba sekuruza.
25
Nuko mbaha amabgirizwa ataroranye, n’ivyagezwe bitababeshaho;
26
kandi mbahumanisha amashikanwa yabo ubgabo, kuko bātanze imfura zabo zose kw ibimazi ngo zoswe mu muriro, kugira ngo ndabajonjogoze, baruhe bamenye yuko jewe nd’ Uhoraho.
27
Nuko rero, mwana w’umuntu, vuga ubgire ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ikindi, ba sogokuruza bandogoseko mu buhemu bgabo;
28
kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.
29
Maze ndababaza, nt’ Inyanduruko y’ivyo bitabo mujamwo n’ inki? Ni co catumye izina ryavyo ryitwa Ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi gushitsa na bugingo n’ ubu.
30
Nuko rero bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbega ntimwihumanya nk’uko ba sogokuruza bāgize, mukagenda muhurumbira ibizira vyabo nk’ibimaka?
31
Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.
32
Kandi ko muvuga ngo Muzomera nk’ayandi mahanga, mube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, mukorere ibigirwamana vy’ibiti n’ amabuye: mu vyo mwibgira mu mitima nta na kimwe kizoshika.
33
Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri ngira mbe Umwami wanyu, mbaganzishe ukuboko gukomeye kandi kubanguye, n’uburake busukumbuka.
34
Kandi nzobakūra mu mahanga, mbakoranirize hamwe mbakūje mu bihugu mwasanzariyemwo ukuboko gukomeye kandi kubanguye, n’uburake busukumbuka;
35
maze mbajane mu bugaragwa bg’abanyamahanga, ni ho nzobabūraniriza duhanganye amaso.
36
Nk’uko nabūranije ba sogokuruza banyu mu bugaragwa bgo mu gihugu ca Egiputa, ni ko nzobabūranya namwe, ni k’Umwami Uhoraho agize.
37
Kandi nzobaharūza inkoni mugenda mutonze umurongo, mbashire mu mugozi ni ryo sezerano;
38
kandi nzokūra muri mwebge abagarariji n’abancumuyeko, mbakūre mu gihugu barimwo, ariko ntibazoshika mu gihugu c’i Bgisirayeli: nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
39
Namwe, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hogi ni mugende, umuntu wese n’asabe ibigirwamana vyiwe! Ariko hanyuma muzonyumvira, kand’ izina ryanje ryera ntimuzoba mukirihumanisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu.
40
Kuko ku musozi wanje wera, ari wo musozi muremure w’i Bgisirayeli, ni k’ Umwami Uhoraho agize, ari ho ab’ inzu ya Isirayeli bose, n’abari mu gihugu bose bazoza kunsaba: aho ni ho nzobākīrira neza, ni ho nzobatumira amashikanwa, n’umushuzo w’imperezwa zanyu, n’ ibintu vyanyu vyose vyejejwe.
41
Nzobākīra nk’imibabge imota neza, aho nzobakūrira mu banyamahanga, nkabakoraniriza hamwe mbakūye mu bihugu mwasanzariyemwo; kandi nzokwiyerekanira muri mwebge imbere y’abanyamahanga ko nd’ Uwera.
42
Namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzobashitsa mu gihugu c’i Bgisirayeli, ico narahiye ba sogokuruza mmanitse ukuboko ko nzobaha.
43
Aho ni ho muzokwibukira ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu vyose, ivyo mwihumanishije; nuko muzokwiyanka kubg’ ivyaha vyanyu vyose mwakoze.
44
Kandi muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, ni namara kugira ico mbakorera kubg’ izina ryanje, kidahwanye n’ingeso zanyu mbi, cank’ ibikorwa vyanyu bihumanye, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.
45
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
46
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe i bumanuko, utumey’ ijambo ryawe, ubūrire ikibira co mu kiyaya c’i bumanuko,
47
ubgire ico kibira caho, uti Ni wumve ijambo ry’Uhoraho: uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngw Ehe ngira nkudomekek’ umuriro kand’ uzotongora igiti kibisi cose co muri wewe, n’igiti cumye cose: ibirimi vy’ibibengebenge vyawo ntibizohwamikwa, mu maso h’abantu bose hazobabuka uhereye i bumanuko ukageza i burārūko.
48
Maz’ abafise umubiri bose bazobona kw ari jewe Uhoraho nawudometse: kandi ntuzohwamikwa.
49
Maze ndavuga, nti Yō! Ewe Mwami Uhoraho! Erega baramvuga, ngo Mbeg’ uyo si gacamigani?
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48