bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 14
Ezekiel 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 15 →
1
Maze bamwe bo mu bakuru b’Abisirayeli baza aho ndi, bicara imbere yanje.
2
Nukw ijambo ry’Uhoraho rinzako,
3
riti Mwana w’umuntu, abo bantu bakimagije ibigirwamana vyabo mu mitima, kandi bashize imbere yabo igitsitaza kibatsinda mu bigabitanyo vyabo: none noshobora nte kw abo bogira ico bansiguza na kimwe?
4
Nuko rero vugana na bo, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli akimagiza ibigirwamana vyiwe mu mutima, agashira imbere yiwe igitsitaza kimutsinda mu bigabitanyo vyiwe, maz’ akaza gusiguza ūvugishwa nanje; jewe Uhoraho nzomwishura ibihwanye n’isinzi ry’ibigirwamana vyiwe,
5
kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.
6
Nuko rero barira inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni mugaruke, mutere ibitugu ibigirwamana vyanyu, mukūre amaso yanyu ku bizira vyanyu vyose.
7
Kuk’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga aba muri bo, yitandukanya nanje, agakimagiza ibigirwamana vyiwe mu mutima, agashira imbere yiwe igitsitaza kimutsinda mu bigabitanyo vyiwe, maz’ akaza k’ūvugishwa nanje ngw amunsigurize; jewe Uhoraho nzomwiyishurira ubganje:
8
nzotungīra igitsure uwo muntu, ndamuhindure akajoreza n’ikimenyetso n’iciro ry’imigani, kandi nzomurandura mmukūre hagati mu bantu banje; nuko muzomenya ko jewe nd’ Uhoraho.
9
Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.
10
Kandi bazogibgako n’ ibigabitanyo vyabo: ibigabitanyo vya kamenyi bizohwana n’ivy’ ūje kumusiguza ijambo;
11
kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli ntibongere kwāngāra ngo bamveko, canke ngo bongere kwihumanisha ibicumuro vyabo vyose; ariko baze babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.
12
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
13
riti Mwana w’umuntu, igihugu ni cakora icaha kikancumurako, nanje nkagishingiriza ukuboko kwanje, nkavuna inkoni yaco cishimikije, ni yo mutsima waco, nkakirekuriramw’ inzara, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano,
14
naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, abo ukw ari batatu, ukugororoka kwabo kwokiza ayabo magara gusa, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
15
Kandi ni natērēra igihugu ibikōko vy’inkazi, bikagisivya kigahinduka amatongo, ntihabe hakigira umuntu agicamwo kubg’ ivyo bikōko,
16
naho coba kirimw’ abo bantu batatu, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nta we borokora, ar’ abahungu babo cank’ abakobga babo; ni bo borokoka gusa, arikw igihugu co coba amatongo.
17
Cank’ ico gihugu ni nagitērēra inkota, nkavuga, nti Wa nkota we, genda unyuragire mu gihugu, kugira ngo nkiranduremw’ abantu n’ibitungano,
18
naho coba kirimw’ abo bantu batatu, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nta we borokora, ar’ abahungu babo cank’ abakobga babo; ni bo borokoka gusa.
19
Cank’ ico gihugu ni nagitērēra ikīza, nkakirekuriramw’ ubushangashirwe bganje busēsa ibitenga vy’ amaraso, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano,
20
naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize, nta we borokora, ar’ umuhungu wabo cank’ umukobga wabo; atar’ ayabo magara gusa bokiza, kubg’ ukugororoka kwabo.
21
Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?
22
Ariko rero hazosigara amasigarira azokūrwayo, y’abahungu n’abakobga; ehe bazoza iyo muri, namwe muzobona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; kandi muzoshira umwikomo w’ivyago vyose nzoba narateje i Yerusalemu.
23
Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48