bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezekiel 37
Ezekiel 37
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 38 →
1
Ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, ansohokana ndi muri Mpwemu wiwe, anshira hagati mu kiyaya cuzuye amagufa,
2
ancisha irya n’ino yayo: maze mbona ari menshi cane mur’ ico kiyaya; kandi yari yumye rwose.
3
Maz’ arambaza, ati Mwana w’umuntu, mbeg’ aya magufa yoshobora kuba mazima? Ndishura, nti Mwami Uhoraho, ni wewe wobimenya.
4
Arongera arambarira, ati Vugira kur’ aya magufa, uyabarire, uti Yemwe mwa magufa yumye, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho.
5
Uku ni k’Umwami Uhoraho abarira aya magufa, at’ Ehe ngira nshire impwemu muri mwebge, nuko muraba bazima.
6
Kandi ngira mbashirekw imitsi, mbazanekw inyama, mbarenzek’ urukoba, mbashiremw’ impwemu, nuko muraba bazima; kandi muramenya yuko jewe nd’ Uhoraho.
7
Nuko nca mvuga nk’uko mbariwe: maze nkiriko ndavuga, haba umuturagaro, mbona isi itigita, amagufa arafatana, igufa na rigenzi ryaryo.
8
Ngize ntya mbona arikw imitsi, maz’ inyama ziyazako, urukoba ruzirengako, ariko nta mpwemu zaribgajemwo.
9
Maz’ arambarira, ati Vugira ku muyaga, vuga, mwana w’umuntu, ubarire umuyaga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ngwino muve ku miyaga ine, mwa mpwemu, muhumekere kur’ abo bishwe, babe bazima.
10
Nuko nca mvuga nk’ukw ambariye, impwemu zibinjiramwo, baba bazima, baravyuka barahagarara, ar’ ingabo nyinshi cane.
11
Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ayo magufa ni wo muryango wose wa Isirayeli: ehe baravuga, bat’ Amagufa yacu arūmye, n’ivyizigiro vyacu birabuze, turashize rwose.
12
None vuga, ubabarire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe, nzorangaza imva zanyu, mbadūze muve mu mva zanyu, mwa bantu banje; kandi nzobashikana mu gihugu c’i Bgisirayeli.
13
Nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzoba ndangaje imva zanyu, nkabadūza mukava muri zo, mwa bantu banje.
14
Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, mube bazima, mbashire mu gihugu canyu bgite, maze muzomenya kw ari jewe Uhoraho nabivuze kandi ndabishikije, ni k’Uhoraho agize.
15
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
16
rit’ Ewe mwana w’ umuntu, abīra inkoni, uyandikeko, uti N’iya Yuda n’Abisirayeli bīherereje kuri we: wābīre n’iyindi nkoni, uyandikeko, uti N’iya Yosefu, inkoni ya Efurayimu, n’inzu yose y’Abisirayeli bīherereje kuri we:
17
uheze uzungikanyemw’ inkoni imwe, kugira ngo zihinduke imwe mu kuboko kwawe.
18
Maz’ abantu b’ubgoko bganyu ni bakubaza, bati Mbega ntiwodusobanurira ivyo uko bigenze?
19
uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nābīre inkoni ya Yosefu, iri mu kuboko kwa Efurayimu, n’ imiryango y’Abisirayeli bīherereje kuri we; maze mbungikanye n’ inkoni ya Yuda, mbagire inkoni imwe, ngo babe umwe mu kuboko kwanje.
20
Kand’ inkoni wanditseko zize zibe mu kuboko kwawe mu maso yabo.
21
Maz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nkūre Abisirayeli mu mahanga bāgiyemwo, mbakoranirize hamwe mbakūye mu mpande zose, mbashikane mu gihugu cabo bgite;
22
mbagire ihanga rimwe mu gihugu, ku misozi y’i Bgisirayeli; kand’ umwami umwe ni we azoba umwami wabo bose. Ntibazokwongera kuba amahanga abiri ukundi, canke ngo bagabanywemw’ ubgami bubiri ukundi.
23
Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana ukundi, cank’ ibizira vyabo, cank’ ibicumuro vyabo vyose; ariko nzobarokora mbakūre ahantu bibera bākoreye ivyaha, mbatunganye: uko ni ko bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo.
24
Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.
25
Bazoba mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, aho ba sekuruza bāba: ni ho bazoba, bo n’abana babo n’abuzukuru babo, ibihe bidashira. Kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umwami wabo gushitsa ibihe bidashira.
26
Kand’ ikigeretseko, nzosezerana na bo isezerano ry’amahoro, ribabere isezerano ritazoshira. Nzohabegurira ndabagwize, kand’ ahēra hanje nzohashinga hagati yabo gushitsa ibihe bidashira.
27
Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.
28
Maz’ amahanga azomenya yukw ari jewe Uhoraho nēza Abisirayeli, igihe ahēra hanje hazoba hagati muri bo gushitsa ibihe bitazoshira.
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 38 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48